Ikigabane ca 15
Kwubaka Urugo Rutera Iteka Imana
1-3. Ni kuki bamwebamwe usanga badashoboye gutorera umuti ingorane zikunda kuba mu mubano w’abubatse no ku bavyeyi, mugabo ni kuki Bibiliya ishobora gufasha?
DUFATE ko utegekanya kwiyubakira inzu. Uragura ubwatsi. Kubera ko ubirindiranye igishika, mu bwenge bwawe urabona iyo nzu yawe nshasha. Mugabo vyogenda gute hamwe woba udafise ibikoresho canke ubuhanga mu vy’ukwubaka? Ese ukuntu utwigoro twawe twoba ari impfagusa!
2 Hari abagabo n’abagore benshi baja mu vy’ukwubaka biteze kuzogira urugo rurangwa agahimbare, yamara batagira ibikoresho canke ubuhanga bikenewe kugira ngo barwubake. Haciye igihe gitoyi inyuma y’umusi w’ubugeni, utugeso tubitubi turavyuka. Ukurwana n’ugushihana biba ivya misi yose. Igihe abana bavutse, wa mugabo n’umugore babaye abavyeyi basanga ata buhanga bagira bw’ivy’ubuvyeyi nka kumwe nyene batari bafise ubwo kwubaka urugo.
3 Ariko rero turahiriwe, kuko Bibiliya ishobora gufasha. Ingingo ziri muri yo zimeze nk’ibikoresho bituma ushobora kwubaka urugo rurangwa agahimbare. (Imigani 24:3) Reka tubirabe.
IBIKORESHO VYO KWUBAKA UMUBANO URANGWA AGAHIMBARE
4. Ni kuki twokwitega ko haba ingorane mu mubano w’abubatse, kandi ni ingingo ngenderwako izihe zitangwa muri Bibiliya?
4 Naho umugabo n’umugore bubakanye boba basa n’abakwiranye gute, baratandukanye mu vy’akanyengetera kabo ko mu mutima, ku vyo baciyemwo mu bwana, hamwe no ku ndero baronkeye mu muryango. Habwirizwa rero kubaho utugorane tumwetumwe bamaze kubana. None utwo tugorane tuzotunganywa gute? Igihe abubatsi bubaka inzu, barifashisha imigero. Izo ni inyobozo zo gukurikiza. Bibiliya iratanga ingingo ngenderwako z’Imana zituma twubaka urugo rurangwa agahimbare. Reka ubu dusuzume nkeyi muri izo.
5. Bibiliya ishimika gute ku kamaro k’ukudahemuka mu mubano w’abubatse?
5 Ukudahemuka. Yezu yavuze ati: “Ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature.”a (Matayo 19:6) Intumwa Paulo yanditse ati: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.” (Abaheburayo 13:4) Abantu bubatse bakwiye rero kwumva yuko imbere ya Yehova bategerezwa kuguma ari abizerwa ku bo bubakanye.—Itanguriro 39:7-9.
6. Ukudahemuka gufasha gute kuzigama umubano w’abubatse?
6 Ukudahemuka kuraha urupfasoni n’umutekano umubano w’ababiranye. Abubakanye badahemukiranira barazi yuko, naho hoza iki, bazoguma bafatanye mu nda. (Umusiguzi 4:9-12) Ese ukuntu batandukanye na barya basambura umubano wabo ku kagorane gatoyi ka mbere bagiraniye! Abantu mwene abo ntibateba kwibwira yuko ‘bahisemwo uwutari we,’ yuko ‘batagikundana,’ bakibwira yuko kwubakana n’uwundi ari wo muti. Mugabo ivyo nta n’umwe mu bubakanye biha akaryo ko gukura mu vy’akanyengetera ko mu mutima. Ahubwo mwene abo bantu bahemutse bohava bashira izo ngorane abo bagiye kwongera kwubakana. Iyo umuntu afise inzu nziza mugabo akabona igisenge kirava, ntiyobura guca agerageza kugisana. Ntaca gusa yimukira mu yindi nzu. Muri ubwo buryo nyene, guca wubakana n’uwundi si bwo buryo bwo gutorera umuti ingorane zitera umuryano mu bubakanye. Igihe ingorane zivyutse, ntuce ugerageza guheba uwo mubano, ahubwo kora rwose kugira ngo uwuzigame. Mwene ukwo kudahemuka gutuma uwo mubano uba nk’ikintu gikwiye kurindwa, kubungabungwa no gukundwa cane.
7. Ni kuki ukubwirana akari ku mutima bikunda kugora abantu bubatse, mugabo ukwambara “wa muntu musha” bishobora gufasha gute?
7 Ukubwirana akari ku mutima. Hari umugani wa Bibiliya uvuga uti: “Ahatagira inama imigabo irapfa.” (Imigani 15:22) Yamara hari abubakanye bamwebamwe bigora kubwirana akari ku mutima. Ni kuki none bimeze gutyo? Ni kubera ko abantu bafise uburyo butandukanye bwo guserura akabarimwo. Ico ni ikintu gikunda gutuma haba ukutumvikana n’uguterwa ishavu bihambaye. Uburyo umuntu yarezwe burashobora kugira uruhara muri ivyo. Nk’akarorero, hari abashobora kuba barerewe mu rugo abavyeyi bama bashihana. Ubu bamaze kuba abubakanye bakuze, bashobora kutamenya ukuntu bovugisha uwo bubakanye n’umutima mwiza kandi mu rukundo. Yamara na ho nyene, si ngombwa ngo urugo rwanyu rutituke gushika aho rucika ‘inzu yuzuye imitongano.’ (Imigani 17:1) Bibiliya irashimika ku kwambara “wa muntu musha,” kandi ntirenza uruho rw’amazi ku vy’ukugira umujinya w’inzika, induru, n’ugutukana.—Abanyefeso 4:22-24, 31.
8. Ni igiki gishobora gufasha igihe utumvikanye n’uwo mwubakanye?
8 Wogira iki igihe hari ukutumvikana? Mu gihe imitwe yashushe, vyoba vyiza mukurikiye impanuro yo mu Migani 17:14 igira iti: “Reka ibirake utarasinda.” Egome, mwoshobora guhagarika ico kiyago mukakibandanya hanyuma, igihe wewe n’uwo mwubakanye mwoba mwaturuye. (Umusiguzi 3:1, 7) Ivyo ari vyo vyose, niwigore ‘wihutire kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ (Yakobo 1:19) Ico ukwiye kurondera ni ugutunganya iyo ngorane, si ugutsinda mu bihari. (Itanguriro 13:8, 9) Nucagure amajambo be n’uburyo bwo kuvuga bigutururuza wewe n’uwo mwubakanye. (Imigani 12:18; 15:1, 4; 29:11) Ikiruta vyose, ntimugume muratse, ahubwo nimurondere imfashanyo mu kubwira Imana akari ku mutima mw’isengesho mutura muri kumwe, mwicishije bugufi.—Abanyefeso 4:26, 27; 6:18.
9. Ni kuki twovuga yuko ukubwirana akari ku mutima bitangurira mu mutima?
9 Hari umugani wa Bibiliya uvuga uti: “Umutima w’umunyabwenge wigisha akanwa kiwe, ukungura ubgenge bg’iminwa yiwe.” (Imigani 16:23) Mu vy’ukuri rero, urupfunguzo rwo gutunganirwa mu vyo kubwirana akari ku mutima ruri mu mutima, si mu kanwa. Mbega ufata gute uwo mwubakanye? Bibiliya iremesha Abakirisu kugaragaza ‘ukubabarana.’ (1 Petero 3:8) Ivyo woba ushobora kubigira igihe uwo mwubakanye aruhijwe n’amaganya? Nimba ari ukwo, bizogufasha kumenya uko wokwishura.—Yesaya 50:4.
10, 11. Umugabo ashobora gukurikiza gute impanuro iri muri 1 Petero 3:7?
10 Iteka n’Icubahiro. Abagabo b’Abakirisu babwirwa kubana n’abagore babo “[bi]sunze ubumenyi, [ba]batera iteka nk’urwavya rurushirije kworoha, urwavya rugore.” (1 Petero 3:7, NW) Gutera iteka umugore wawe birimwo ukwemera agaciro afise. Umugabo abana n’umugore wiwe ‘yisunze ubumenyi’ arubahiriza cane inyiyumvo ziwe, inkomezi ziwe, ubwenge bwiwe, n’urupfasoni rwiwe. Akwiye kandi gushima kumenya ingene Yehova abona abakenyezi n’ingene ashaka ko bafatwa.
11 Mu nzu iwawe, tuvuge ko ufise igisabo c’ingirakamaro ariko kikaba coroshe imeneka. None ntiwogiterura ucengenga cane? Erega na Petero yakoresheje imvugo ngo “urwavya rurushirije kworoha” muri ubwo buryo nyene, kandi ivyo bikwiye gutuma umunega w’Umukirisu agaragaza ko yitwararikana ikigongwe umugore wiwe akunda.
12. Umugore ashobora kugaragaza gute yuko yubaha rwose umugabo wiwe?
12 Ariko ni impanuro iyihe Bibiliya iha umugore? Paulo yanditse ati: “Umugore na we ni yubahe [rwose] umugabo wiwe.” (Abanyefeso 5:33) Nk’uko nyene umugore akeneye kwumva ko atewe iteka kandi akundwa cane n’umugabo wiwe, ni ko n’umugabo akeneye kwumva ko yubahwa n’umugore wiwe. Umugore yubaha ntiyokwandagaza gihuruduka amakosa y’umugabo wiwe, nya mugabo yaba Umukirisu canke atari we. Ntiyomwambura urupfasoni rwiwe mu kumunegura no mu kumusuzugura haba mu mwiherero canke ku mugaragaro.—1 Timoteyo 3:11; 5:13.
13. Umuntu ashobora guserura iryo agona gute mu buryo burangwa amahoro?
13 Ivyo ntibisigura yuko umugore adashobora guserura iryo agona. Mu gihe hari ikintu kimuhagaritse umutima, arashobora kugiserurana ukwubaha. (Itanguriro 21:9-12) Guserurira umugabo wiwe iciyumviro vyogereranywa n’ukumuterera umupira. Ashobora kuwumuterera yitonze ku buryo umugabo wiwe ashobora kuwusama bitamugoye, canke akawumujugunyira yihanukiriye ku buryo umubabaza. Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza igihe abubakanye bompi birinda kwagirizanya, ariko nyabuna bakaganira n’umutima mwiza kandi mu bwitonzi!—Matayo 7:12; Ab’i Kolosayi 4:6; 1 Petero 3:3, 4.
14. Wogira iki mu gihe uwo mwubakanye agaragaje ko yitwararika buhoro ugukurikiza ingingo za Bibiliya mu mubano wanyu?
14 Nk’uko twabibonye, ingingo za Bibiliya zirashobora kubafasha kwubaka urugo rurangwa agahimbare. Mugabo vyogenda gute mu gihe uwo mwubakanye agaragaje ko yitayeho buhoro ivyo Bibiliya ivuga? Woshobora gushika ku kintu kinini igihe ushize mu ngiro ubumenyi bwerekeye Imana mu ruhara rwawe. Petero yanditse ati: “Namwe bagore . . . , mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’igeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.” (1 Petero 3:1, 2) Birumvikana ko ari na ko vyogenda ku mugabo afise umugore atanezwe ivya Bibiliya. Naho uwo mwubakanye yoba ahitamwo gukora ibiki, reka ingingo za Bibiliya wewe zikugire uwubatse mwiza kuruta. Ubumenyi bwerekeye Imana burashobora kandi kukugira umuvyeyi mwiza kuruta.
KURERA ABANA TWISUNZE UBUMENYI BWEREKEYE IMANA
15. Ubuhinga bwo kurera burimwo amakosa rimwe na rimwe buza burahererekanwa gute, mugabo urwo ruhererekane ruhagarikwa gute?
15 Ukuba gusa umuntu afise umusumeno canke inyundo ntibica bituma aba umubaji w’umuhanga. N’ukuba gusa umuntu afise abana ntibituma aba umuvyeyi w’umuhanga. Babimenya canke batabimenya, abavyeyi kenshi usanga barera abana nk’uko na bo ubwabo barezwe. Bityo, uburyo bwo kurera burimwo amakosa rimwe na rimwe burahererekanwa bukava kw’iyaruka rimwe bukaja ku rikurikira. Hari umugani wa kera w’Igiheburayo uvuga uti: “Ba se barya inzabibu z’ibitumbge, amenyo y’abana akajiginyurwa.” Yamara, Ivyanditswe vyerekana yuko umuntu atabwirizwa gukurikira ingendo yaciriwe n’abavyeyi biwe. Arashobora guhitamwo iyindi nzira, iyigengwa n’amategeko ya Yehova.—Ezekiyeli 18:2, 14, 17.
16. Ni kuki bihambaye yuko uronsa urugo rwawe ivyo rukenera, kandi ivyo birimwo n’ukugira iki?
16 Yehova yiteze ko abavyeyi b’Abakirisu bayobora abana babo kandi bakabitwararika mu buryo bubereye. Paulo yanditse ati: “Umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.” (1 Timoteyo 5:8) Mbega amajambo akomeye! Gushitsa uruhara rwawe rwo gutunga urugo, bikaba birimwo n’ukwitwararika ivyo abana bawe bakenera ku mubiri, mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera, ni agateka n’ibanga vyega umuntu wese yubaha Imana. Bibiliya iratanga ingingo zishobora gufasha abavyeyi gutuma abana babo bumva ko bari ahantu h’agahimbare. Rimbura zimwezimwe muri zo.
17. Ni ibiki bikenewe nimba ushaka ko abana bawe bagira amabwirizwa y’Imana mu mitima yabo?
17 Tanga akarorero keza. Abavyeyi b’Abisirayeli babwirijwe ibi: “Muze mugire umwete wo k[w]igisha abana banyu [amajambo y’Imana]; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” Abavyeyi babwirizwa kwigisha abana babo ingingo ngenderwako z’Imana. Mugabo iryo bwirizwa ryatanguriwe n’aya majambo: “Ayo mabwirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu.” (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7, ni twe tubihiritse.) Egome, abavyeyi ntibashobora gutanga ico badafise. Amategeko y’Imana ategerezwa kubanza kwiyandika mu mitima yanyu bwite nimba mushaka ko yiyandika mu mitima y’abana banyu.—Imigani 20:7; gereranya na Luka 6:40.
18. Mu vy’ukugaragaza urukundo, Yehova yahaye gute abavyeyi akarorero keza igitangaza?
18 Bakure amazinda yuko ubakunda. Igihe Yezu yabatizwa, Yehova yamenyesheje icese ati: “Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.” (Luka 3:22) Gutyo Yehova yaremeje icese Umwana wiwe, araserura ata kangonongono ko amushima aranamukura amazinda yuko amukunda. Yezu mu nyuma yabwiye Se wiwe ati: “Wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.” (Yohana 17:24) Nk’abavyeyi bubaha Imana rero, nimuserurire abana banyu mu mvugo no mu ngiro urukundo mubafitiye—kandi ivyo mubigire kenshi. Mwame mwibuka yuko ‘urukundo rwubaka.’—1 Ab’i Korinto 8:1.
19, 20. Ugutoza indero abana mu buryo bubereye bisaba iki, kandi abavyeyi bashobora gute kwungukira ku karorero ka Yehova?
19 Ugutoza indero. Bibiliya irashimika ku kamaro k’ugutoza indero mu rukundo. (Imigani 1:8) Abavyeyi binyusha ibanga bajejwe ryo kuyobora abana babo uyu musi, ejo ntibazobura guhangana n’inkurikizi z’agacamutima. Yamara, abavyeyi barakeburwa kandi ngo birinde ukundi kurenza urugero. Paulo yanditse ati: “Ba se, ntimukaratse abana banyu, ngo ntibaranduke imitima.” (Ab’i Kolosayi 3:21) Abavyeyi bategerezwa kwirinda guhana abana babo kurenza urugero, canke kwama bagaruka ku makosa yabo bongera banegura utwigoro bagira.
20 Yehova Imana, Dawe wa twese wo mw’ijuru, aratanga akarorero keza mu vy’ugutoza indero. Uguhana kwiwe ntikwigera kuba ugusesereza. Imana yabwiye ihanga ryayo iti: “Nzoguhana ibigeze.” (Yeremiya 46:28) Abavyeyi bakwiye kwigana Yehova muri ivyo. Ugutoza indero kurenze urugero rwumvikana canke kurenze intumbero yo guhana no kwigisha, nta nkeka kuraturubika.
21. Abavyeyi bashobora gute kumenya yuko ugutoza indero kwabo ari kirumara?
21 None abavyeyi bashobora gute kumenya ko ugutoza indero kwabo ari kirumara? Boshobora kwibaza bati: ‘Ugutoza indero kwanje gushika ku ki?’ Gukwiye kugira ico kwigishije. Umwana wawe akwiye gutahura igituma ariko aratozwa indero. Abavyeyi bakwiye kandi kwitwararika ingaruka igihano cabo kigira mu nyuma. Ego ni ko, abana nka bose mu ntango bararakira ugutozwa indero. (Abaheburayo 12:11) Mugabo ugutoza indero ntigukwiye kwigera gutuma umwana yumva atewe ubwoba canke ahebwe cabure agasigara yiyumvira yuko asanzwe ari umubisha ruhebwa. Imbere y’uko Yehova ahana ihanga ryiwe, yavuze ati: “Ntutinye, . . . kuko ndi kumwe nawe.” (Yeremiya 46:28) Egome, igihano gikwiye gutangwa mu buryo umwana wanyu yumva ko muri kumwe na we bwa bavyeyi buzuye urukundo kandi bamufashe mu mugongo.
NURONKE ‘INAMA NZIZA’
22, 23. Ushobora gute kuronka inama ikenewe kugira ngo wubake urugo rurangwa agahimbare?
22 Turashobora gukura ubwatsi kubona Yehova yaratanze ibikoresho dukeneye kugira ngo twubake urugo rurangwa agahimbare. Mugabo kugira ibikoresho gusa ntibihagije. Dutegerezwa kwimenyereza kubikoresha mu buryo bubereye. Nk’akarorero, umwubatsi yoshobora gutsimbataza utugeso tubitubi mu buryo akoresha ibikoresho vyiwe. Bimwe muri vyo ashobora kubikoresha ukutariko. Igihe ibintu vyifashe gutyo, ubuhinga akoresha bushobora rwose kuvamwo ikintu kidashemeye. Na wewe nyene ubu woshobora kuba uzi utugeso tubitubi twagiye turinjira mu rugo iwanyu. Tumwetumwe dushobora kuba twararanze imizi bimwe bikomeye, tukaba tugoye guhindura. Ariko rero, kurikira iyi mpanuro ya Bibiliya igira iti: ‘Umunyabwenge azokwumva, yunguke ubwenge, kandi umuntu w’umuhanga ni uwushika ku kwemera inama nziza.’—Imigani 1:5.
23 Urashobora kuronka inama nziza mu kubandanya wakira ubumenyi bwerekeye Imana. Urama urikanuye kugira ubone ingingo za Bibiliya ziraba ubuzima bwo mu rugo, kandi ugire ivyo uhinduye aho bikenewe. Niwitegereze Abakirisu bahumuye batanga akarorero keza bwa bagabo n’abagore bubakanye. Nubaganirize. Ikiruta vyose, nushikirize Yehova ibikuraje ishinga. (Zaburi 55:22; Ab’i Filipi 4:6, 7) Arashobora kugufasha kugira ngo winovore ubuzima bwo mu rugo burangwa agahimbare kandi bumutera iteka.
[Akajambo k’epfo]
a Impamvu imwe yonyene irekuwe n’Ivyanditswe yotuma haba ukwahukana, ikarekurira uwari yubatse kwubakana n’uwundi, ni “ubusambanyi”—bukaba ari ukumarana inambu y’umubiri n’uwo mutubakanye.—Matayo 19:9.
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
Ukudahemuka, ukubwirana akari ku mutima, ugutera iteka n’ukwubaha biterera gute kugira ngo urugo rubemwo agahimbare?
Ni mu buryo ubuhe abavyeyi bashobora gukura amazinda abana babo yuko babakunda?
Ni ibintu ibihe bikenwe mu vy’ugutoza indero kubereye?
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 147]