ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 18 rup. 170-180
  • Niwishingire Umugambi wo Gukorera Imana Ibihe Bidahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwishingire Umugambi wo Gukorera Imana Ibihe Bidahera
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UKUNGENE YEZU YAKORESHEJE UBUMENYI BWEREKEYE IMANA
  • INTAMBWE ZIJANA MU BUZIMA BUDAHERA
  • ICO IBATISIMU ISIGURA KURI WEWE
  • NONE URITEGURIYE KUBATIZWA?
  • NUBEHO WISUNGA UKWIYEGURIRA IMANA KWAWE N’IBATISIMU YAWE
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ico Ibatisimu Yawe Isobanura
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 18 rup. 170-180

Ikigabane ca 18

Niwishingire Umugambi wo Gukorera Imana Ibihe Bidahera

1, 2. Hasabwa iki turetse ukugira ubumenyi bwerekeye Imana?

IYUMVIRE yuko uhagaze imbere y’urugi rwugaye ruja mu cumba kirimwo ubutunzi bwinshi. Tuvuge yuko umuntu abifitiye uburenganzira aguhaye urupfunguzo hanyuma akakubwira kwiha kuri ivyo bintu vy’agaciro. Urwo rupfunguzo ntaco rukumarira utarukoresheje. Na wewe rero, nimba ushaka ko ubumenyi bukugirira akamaro, utegerezwa kubukoresha.

2 Ivyo ni ko bimeze canecane ku bumenyi bwerekeye Imana. Si ivy’imbeshere, ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova Imana na Yezu Kirisitu buvamwo ubuzima budahera. (Yohana 17:3) Yamara, ico cizero ntigishobora kuranguka biciye ku kuba gusa dufise ubumenyi. Nka kurya wokoresha urupfunguzo rw’agaciro, urakeneye gushira mu ngiro ubumenyi bwerekeye Imana mu buzima bwawe. Yezu yavuze yuko abakora ivyo Imana igomba ari bo ‘bokwinjiye mu bwami.’ Mwene abo bantu botewe agateka ko gukorera Imana ibihe bidahera!—Matayo 7:21; 1 Yohana 2:17.

3. Imana itugombako iki?

3 Tumaze kwiga ivyo Imana igomba ivyo ari vyo, igihambaye cane ni ukubikora. Wibaza ko ivyo Imana ikugombako ari ibiki? Muri make twobivuga muri aya majambo: Niwigane Yezu. Mw’ikete rya mbere rya Petero 2:21 hatubwira hati: “Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.” Kugira ngo ukore ivyo Imana igomba rero, urakeneye gukurikira neza akarorero ka Yezu uko bishoboka kwose. Ukwo ni ko ushira mu ngiro ubumenyi bwerekeye Imana.

UKUNGENE YEZU YAKORESHEJE UBUMENYI BWEREKEYE IMANA

4. Ni kuki Yezu azi vyinshi cane kuri Yehova, kandi ubwo bumenyi yabukoresheje gute?

4 Yezu Kirisitu ni we azi neza Imana gusumvya abandi bose. Yarabanye na Yehova Imana kandi barakorana mw’ijuru mu biringo n’ibindi imbere y’uko aza kw’isi. (Ab’i Kolosayi 1:15, 16) None ubwo bumenyi bwose Yezu yabukoresheje iki? Ntiyamazwe inyota no kubugira gusa. Yezu yabayeho abwisunga. Ni co catumye aba umunyabuntu, uwihangana n’umunyarukundo cane mu vyo yagirana n’abantu nka we. Gutyo Yezu yariko yigana Se wiwe wo mw’ijuru yongera akora ahuza n’ubumenyi afise bwerekeye inzira za Yehova na kamere yiwe.—Yohana 8:23, 28, 29, 38; 1 Yohana 4:8.

5. Ni kuki Yezu yabatijwe, kandi ni mu buryo ki yabayeho yisunga insobanuro y’ibatisimu yiwe?

5 Ubumenyi Yezu yari afise bwatumye kandi atera intambwe ihambaye. Yaravuye i Galilaya aza ku Ruzi Yorodani, ari ho Yohani yamubatirije. (Matayo 3:13-15) Mbega ibatisimu ya Yezu yagereranya iki? Kubera ko yari Umuyuda, yari yavukiye mw’ihanga ryiyeguriye Imana. Urumva ko Yezu yari yiyeguriye Imana kuva akivuka. (Kuvayo 19:5, 6) Mu kwemera kubatizwa, yari yishikanye kuri Yehova kugira ngo akore ivyo iyo Mana yamushakako ico gihe. (Abaheburayo 10:5, 7) Kandi Yezu yabayeho yisunga insobanuro y’ibatisimu yiwe. Yaritanze atiziganya mu gikorwa ca Yehova, arashikiriza abantu ubumenyi bwerekeye Imana igihe cose akaryo kabonetse. Yezu yarahimbarwa n’ugukora ivyo Imana igomba, avuga mbere yuko vyari nk’ibifungurwa kuri we.—Yohana 4:34.

6. Ni mu buryo ubuhe Yezu yiyanse?

6 Yezu yaratahura neza yuko gukora ivyo Yehova agomba vyomusavye vyinshi cane, yuko mbere vyomutwaye agatwe. Yamara rero, Yezu yariyanse, ivyo we ubwiwe akeneye abishira mu kibanza ca kabiri. Gukora ivyo Imana igomba ni co nantaryo caza ubwa mbere. Muri ivyo, twoshobora gute gukurikira akarorero ka Yezu gatunganye?

INTAMBWE ZIJANA MU BUZIMA BUDAHERA

7. Ni intambwe zimwezimwe izihe umuntu ategerezwa gutera kugira ngo akwize ibisabwa vyotuma abatizwa?

7 Twebwe ntitumeze nka Yezu kuko turi abanyagasembwa, kandi ntidushobora gushikira intambwe iri n’ico ivuze y’ukubatizwa tutabanje gutera izindi ntambwe zihambaye cane. Ivyo bitangurira ku kwinjiza mu mutima wacu ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova Imana na Yezu Kirisitu. Tugize ivyo, bituma tugaragaza ukwizera kandi tugakunda Imana bimwe bishika kure. (Matayo 22:37-40; Abaroma 10:17; Abaheburayo 11:6) Ukwisunga amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo bikwiye gutuma twigaya, tukagaragaza ko bitumwe n’ukwibanga Imana dutuntujwe n’ivyaha twakoze kera. Ivyo bituma twigarura, ni ukuvuga guhindukira tugaheba ingendo yose mbi twakurikira igihe tutaribwaronke ubumenyi bwerekeye Imana. (Ivyakozwe 3:19) Mu bisanzwe, nimba tugikora icaha kanaka mu mpisho aho gukora ibigororotse, ntiturahindukira vy’ukuri, kandi ntitwahenze Imana. Yehova arabona ubwiyorobetsi bwose.—Luka 12:2, 3.

8. Ni igiki ukwiye gukora igihe wipfuza kugira uruhara muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami?

8 Kubera ko ubu uriko urakira ubumenyi bwerekeye Imana, ubwo ntibibereye ko urimbura ibintu vyo mu buryo bw’impwemu uvyirabishako? Kumbure ushobora kuba wumva ushashaye kubwira ivyo uriko uriga incuti zawe, abagenzi n’abandi bantu. Nkako, ushobora kuba waratanguye kubigira, nk’uko nyene na Yezu yabwira inkuru nziza abandi igihe akaryo kaba kizanye. (Luka 10:38, 39; Yohana 4:6-15) Hari aho ubu woba ushaka kurushiriza. Abakurambere b’Abakirisu bazohimbarwa no kuganira nawe ngo barabe ko woba ukwije ibisabwa vyotuma ushobora kugira uruhara ku rugero kanaka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami gikorwa ubudahorereza n’Ivyabona vya Yehova. Nimba ubikwije, abo bakurambere bazoringaniza ivy’uko woherekeza Icabona mu gikenurwa. Abigishwa ba Yezu barakurikiye amabwirizwa yabaha kugira ngo barangure igikenurwa cabo ku rutonde. (Mariko 6:7, 30; Luka 10:1) Uzokwungukira ku mfashanyo nk’iyo niwagira uruhara mu gikorwa co gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami uva ku nzu uja ku yindi, no mu bundi buryo.—Ivyakozwe 20:20, 21.

9. Umuntu yiyegurira Imana gute, kandi ukwiyegurira Imana bigira ico bikoze gute ku buzima bw’umuntu?

9 Kwamamaza inkuru nziza ku bantu b’ubwoko bwose mu karere ishengero ryakebewe ni uburyo bwo kurondera abari n’umutima ugororotse, kandi biharurwa mu bikorwa vyiza bigaragaza ko ufise ukwizera. (Ivyakozwe 10:34, 35; Yakobo 2:17, 18, 26) Kwitaba amakoraniro y’Abakirisu no kugira uruhara ruboneka mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza na vyo nyene ni uburyo bwo kwerekana yuko wigaye ugahindukira, ubu ukaba wiyemeje kubaho wisunga ubumenyi bwerekeye Imana. None intambwe ikurikira yumvikana ni iyihe? Ni ukwiyegurira Yehova Imana. Ivyo bisigura yuko ubwira Imana mw’isengesho rivuye ku mutima yuko uyihaye ubuzima bwawe ubikunze kandi ubigiranye umutima wawe wose, kugira ngo ukore ivyo igomba. Ubwo ni bwo buryo wiyegurira Yehova kandi ukemera ya ngogo ihwahutse ya Yezu Kirisitu.—Matayo 11:29, 30.

ICO IBATISIMU ISIGURA KURI WEWE

10. Ni kuki ukwiye kubatizwa umaze kwiyegurira Yehova?

10 Nk’uko Yezu yabivuze, abo bose bacika abigishwa biwe bategerezwa kubatizwa. (Matayo 28:19, 20) Ni kuki none ivyo bikenewe umaze kwiyegurira Imana? Kubera ko wiyeguriye Yehova, arazi yuko umukunda. Mugabo nta nkeka uzoshima kugira ikindi ukoze kugira ngo umenyeshe abandi urukundo ufitiye Imana. Emwe, ibatisimu iraguha akaryo ko kumenyekanisha icese yuko wiyeguriye Yehova Imana.—Abaroma 10:9, 10.

11. Ibatisimu isobanura iki?

11 Ibatisimu irimwo insobanuro nini y’ikigereranyo. Igihe wibijwe canke “uzitswe” mu mazi, ni nk’aho woba upfuye ku vy’ingendo y’ubuzima wahorana. Igihe wiburutse uvuye mu mazi, ni nk’aho wiburutse ngo ugire ubuzima bushasha, bugengwa n’ivyo Imana igomba, atari ivyo wewe ugomba. Birumvikana, ivyo ntibisigura yuko utazokwigera usubira gukora amakosa, kuko twese turi abanyagasembwa bigatuma dukora ivyaha uko bukeye uko bwije. Ariko rero, kubera ko uri umusavyi wa Yehova yamwiyeguriye kandi akabatizwa, uzoba utanguye kugiranira na we ubucuti budasanzwe. Kubera uzoba wigaye kandi ukemera kubatizwa wicishije bugufi, Yehova ari n’umutima ukunze wo kuguharira ivyaha yishimikije inkuka y’incungu Yezu yatanze. Ibatisimu rero ituma umuntu agira ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi imbere y’Imana.—1 Petero 3:21.

12. Bisobanura iki kubatizwa (a) “mw izina rya Data wa twese?” (b) ‘mw’izina ry’Umwana’? (c) ‘mw’izina ry’impwemu yera’?

12 Yezu yategetse abayoboke biwe kubatiza abigishwa bashasha “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[‘im]pwemu [y]era.” (Matayo 28:19) Yezu yashatse kuvuga iki? Kubatizwa “mw izina rya Data wa twese” vyerekana ko uwo muntu aba ariko arabatizwa yemera n’umutima wiwe wose yuko Yehova Imana ari we Muremyi na Segaba w’isi n’ijuru abikwiriye. (Zaburi 36:9; 83:18; Umusiguzi 12:1) Kubatizwa ‘mw’izina ry’Umwana’ bisigura yuko uwo muntu yemera icese yuko Yezu Kirisitu—na canecane inkuka y’incungu yatanze—ari bwo buryo bwonyene bwo gukirizwamwo bwatanzwe n’Imana. (Ivyakozwe 4:12) Kubatizwa ‘mw’izina ry’impwemu yera’ bisigura yuko uwushaka kubatizwa yemera yuko impwemu yera ya Yehova, canke inguvu zikora, ari yo Imana ikoresha mu gushitsa imigambi yayo no mu kuronsa abasavyi bayo ububasha bwo gukora ukugomba kwayo kugororotse bifatanije n’ishirahamwe ryayo rirongowe n’impwemu yayo.—Itanguriro 1:2; Zaburi 104:30; Yohana 14:26; 2 Petero 1:21.

NONE URITEGURIYE KUBATIZWA?

13, 14. Ni kuki tudakwiye gutinya guhitamwo gukorera Yehova Imana?

13 Kubera ko ibatisimu isobanura vyinshi gutyo, ikaba kandi ari yo ntambwe ihambaye kuruta zose mu buzima bw’umuntu, ubwo none yoba ari intambwe ukwiye gutinya? Oya namba! Naho ingingo yo kubatizwa itari iyo gufata minenerwe, nta nkeka ni yo ngingo woshobora gufata iranga ubukerebutsi kuruta izindi zose.

14 Ibatisimu iratanga ikimenyamenya c’ihitamwo wagize ryo gukorera Yehova Imana. Iyumvire abantu muzinanyi. None umwumwe wese muri bo ntafise shebuja yoba akorera mu buryo bunaka? Bamwe bajakariye amatungo. (Matayo 6:24) Abandi barakurikirana ubuzi bwabo bashirutse ubute canke bakikorera ubwabo mu gutuma uguhaza ivyipfuzo vyabo kuba co kintu ca mbere na mbere mu buzima. Abandi na bo bakorera imana zitari zo. Ariko wewe wahisemwo gukorera Imana y’ukuri, Yehova. Nta yindi Mana banganya kugira ubuntu, imbabazi, n’urukundo. Imana iratera iteka abantu mu kubashinga igikorwa gifise intumbero, kibajana mu bukiriro. Abasavyi bayo ibaha impera y’ubuzima budahera. Nta gukeka, gukurikira akarorero ka Yezu no guha Yehova ubuzima bwawe si ikintu ukwiye gutinya. Mu vy’ukuri, ni yo ngendo yonyene ihimbara Imana kandi yumvikana rwose.—1 Abami 18:21.

15. Ni intambamyi zimwezimwe izihe zibangamira ukubatizwa?

15 Yamara, ibatisimu si intambwe ukwiye gutera kubera ko abandi bakugobereye. Ni ikintu kikuraba wewe ubwawe kiri hagati yawe na Yehova. (Ab’i Galatiya 6:4) Kubera ko wagize iterambere mu vy’impwemu, ushobora kuba waribajije uti: “Ikimbuza kubatizwa n’iki?” (Ivyakozwe 8:35, 36) Woshobora kwibaza uti: ‘Noba ndabibuzwa n’ukurwanywa n’abo mu muryango? Hoba hakiriho ibintu kanaka njamwo bitajanye n’Ivyanditswe canke hakaba hari ingeso mfise y’icaha? Mbega noba ntinya guhava nankwa mu kibano?’ Ivyo ni bimwebimwe mu bintu vyo kurimbura, mugabo bisuzume utibesha.

16. Uzokwungukira gute ku gukorera Yehova?

16 Woba wibeshe urimbuye ingorane nturimbure ivyiza biva ku gukorera Yehova. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye ukurwanywa n’abo mu muryango. Yezu yasezeranye yuko naho abigishwa biwe botakaza incuti kubera ukumukurikira, boronse umuryango munini kuruta wo mu buryo bw’impwemu. (Mariko 10:29, 30) Abo bantu muzoba musangiye ukwizera bazokugaragariza urukundo rwa kivukanyi, bagufashe kwihanganira uruhamo, kandi bagufate mu mugongo mu nzira ijana mu buzima. (1 Petero 5:9) Na canecane abakurambere b’ishengero barashobora kugufasha gutsinda ingorane no guhangana n’izindi ntambamyi ukaroranirwa. (Yakobo 5:14-16) Nayo ku vyerekeye ukwankwa n’isi, woshobora kwibaza uti: ‘Ni igiki coshobora kugereranywa n’ugushimwa n’Umuremyi w’isi n’ijuru, kigatuma anezererwa ingendo y’ubuzima nahisemwo?’—Imigani 27:11.

NUBEHO WISUNGA UKWIYEGURIRA IMANA KWAWE N’IBATISIMU YAWE

17. Ni kuki ukwiye kubona ibatisimu nk’intango aho kuyibona nk’iherezo?

17 Birahambaye kwibuka yuko kubatizwa atari ryo herezo ry’iterambere ryawe ryo mu buryo bw’impwemu. Ni intango y’ugukorera Imana ubuzima bwawe bwose uri umukozi yatiwe ukaba n’Icabona ca Yehova. Naho ibatisimu ihambaye cane, si icemeza yuko uzoronka ubukiriro. Yezu ntiyavuze ngo ‘Uwabatijwe wese azokira.’ Ahubwo yavuze ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.” (Matayo 24:13) Birahambaye cane rero yuko ubanza kurondera Ubwami bw’Imana mu kubugira co kintu ca mbere na mbere witwararitse mu buzima bwawe.—Matayo 6:25-34.

18. Inyuma yo kubatizwa, ni imigambi imwimwe iyihe umuntu yokurikirana?

18 Kugira ngo wihangane mu gikorwa ukorera Yehova, uzoshima kwishingira imigambi yo mu buryo bw’impwemu. Umugambi umwe w’agaciro ni ukwongereza ubumenyi bwawe bwerekeye Imana biciye ku kwiyigisha Ijambo ryayo udahorereza. Nutegekanye gusoma Bibiliya ku musi ku musi. (Zaburi 1:1, 2) Niwitabe amakoraniro y’Abakirisu udahorereza, kuko ukwifatanya n’abo uzohasanga bizogufasha kugira inguvu zo mu vy’impwemu. Ku ruhande rwawe none, ni kuki utokwishingira umugambi wo gutanga inyishu ku makoraniro y’ishengero, maze gutyo ugashemeza Yehova wongera urondera kuremesha abandi? (Abaroma 1:11, 12) Uwundi mugambi ushobora kuba ukuryohora amasengesho yawe.—Luka 11:2-4.

19. Ni kamere izihe impwemu yera ishobora kugufasha kugaragaza?

19 Nimba ushaka kubaho wisunga insobanuro y’ibatisimu yawe, urakeneye kuguma ushinze ijisho ku vyo ukora, ureke impwemu yera y’Imana ikuzanemwo kamere nk’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ukugira neza, ingeso nziza, ukwizera, ubugwaneza, be n’ukwirinda. (Ab’i Galatiya 5:22, 23; 2 Petero 3:11) Uribuka yuko Yehova aha impwemu yera yiwe abayisaba bose kandi bakamugamburukira nk’abasavyi biwe b’abizerwa. (Luka 11:13; Ivyakozwe 5:32) Uraza urasenga Imana rero uyisaba impwemu yayo wongera uyisaba kugufasha kugaragaza kamere ziyihimbara. Mwene izo kamere zizorushiriza kwibonekeza mu mvugo yawe no mu buryo wigenza uko uzoza urayobokera akosho k’impwemu y’Imana. Birumvikana, umuntu wese wo mw’ishengero ry’Abakirisu arihatira gutsimbataza “wa muntu musha,” kugira ngo arushirize kumera nka Kirisitu. (Ab’i Kolosayi 3:9-14) Umwe wese muri twebwe arahangana n’ingorane zitandukanye mu gukora ivyo, kubera ko twese tutari ku rugero rumwe rw’iterambere ryo mu vy’impwemu. Kubera ko uri umunyagasembwa, utegerezwa gukora ugatama kugira ngo ugire kamere nk’iya Kirisitu. Mugabo ntukigere wihebura muri ivyo, kuko bishoboka Imana ibigufashijemwo.

20. Ni mu buryo ubuhe ushobora kwigana Yezu mu gikenurwa?

20 Mu migambi wishingira yo mu vy’impwemu harakwiye kujamwo uwo kurushiriza kwigana neza akarorero ka Yezu mu vyerekeye ukugira umunezero. (Abaheburayo 12:1-3) Yarakunda igikenurwa. Nimba rero watewe agateka ko kugira uruhara muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami, ntureke ngo ico gikorwa kibe uguheza umwuga gusa. Rondera gushira akanyota mu kwigisha abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana nk’uko Yezu yabigenjeje. Nukoreshe neza inyigisho ishengero ritanga zo kugufasha kuryohora ubuhanga bwo kuba umwigisha. Kandi shira amazinda, Yehova arashobora kuguha inkomezi zituma urangura igikenurwa cawe.—1 Ab’i Korinto 9:19-23.

21. (a) Tuzi gute yuko Yehova aha agaciro abantu babatijwe b’abizerwa? (b) Ni igiki cerekana yuko ibatisimu ihambaye kugira ngo tuzorokoke irangurwa ry’urubanza Imana yaciriye uru runkwekwe rw’ibintu rubi?

21 Umuntu yiyeguriye Imana kandi yabatijwe yigorera gukurikira Yezu ari umwizigirwa ari n’agaciro kadasanzwe ku Mana. Yehova arasuzuma imitima y’abantu amamiliyaridi yose, kandi arazi ingene mwene abo bantu ari imbonekarimwe. Abafata nk’ubutunzi, “ibintu vy’igiciro.” (Hagayi 2:7) Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekana yuko mwene abo bantu Imana ibabona nk’abashizweko ikimenyetso co kuzorokoka urubanza yaciye rugiye kurangurwa vuba kuri uru runkwekwe rw’ibintu rubi. (Ezekiyeli 9:1-6; Malaki 3:16, 18) Woba ‘uri n’umutima ugororokeye ubuzima budahera’? (Ivyakozwe 13:48, NW) Woba wipfuza cane gushirwako ikimenyetso c’uko uri uwukorera Imana? Ukwiyegurira Imana n’ukubatizwa biri mu bigize ico kimenyetso, kandi ni ibintu ntahara kugira ngo uzorokoke.

22. “Ishengero ryinshi” rishobora kwitega iranguka ry’ivyizigiro ibihe?

22 Inyuma ya wa Mwuzure wakwira isi yose, Nowa n’umuryango wiwe barasokorotse mu bwato, binjira mw’isi ihumanuwe. No muri iki gihe nyene, “ishengero ryinshi” ry’abashira mu ngiro ubumenyi bwerekeye Imana mu buzima bwabo kandi bagashimwa na Yehova, barafise icizigiro co kuzorokoka umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu no kwiberaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahumanuwe rimwe rizima. (Ivyahishuriwe 7:9, 14) None ubwo buzima buzoba bumeze gute?

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Yehova ashaka ko ukoresha gute ubumenyi ufise bumwerekeye?

Intambwe zimwezimwe zishikana umuntu ku kubatizwa ni izihe?

Ni kuki ibatisimu atari iherezo ariko ari intango?

Dushobora gute kubaho twisunga ukwiyegurira Imana n’ukubatizwa kwacu?

[Ifoto ku rup. 172]

Woba wariyeguriye Imana mw’isengesho?

[Ifoto ku rup. 174]

Ni igiki kikubuza kubatizwa?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika