Icigwa ca 1
Uburyo bwo Kumenya Ivyo Imana Isaba
Ni ibintu bikurubikuru ibihe biri muri Bibiliya? (1)
Bibiliya yamutse kuri nde? (2)
Ni kuki ukwiye kwiga Bibiliya? (3)
1. Bibiliya ni ingabirano y’agaciro iva ku Mana. Imeze nk’ikete umuvyeyi w’umunyarukundo yandikiye abana biwe. Iratubwira ukuri kwerekeye Imana—uko imeze hamwe n’ingingo ngenderwako zayo. Bibiliya iradusigurira uburyo bwo guhangana n’ingorane hamwe n’uburyo bwo kuronka ubuhirwe nyakuri. Bibiliya ni yo yonyene itubwira ico dutegerezwa gukora kugira ngo duhimbare Imana.—Zaburi 1:1-3; Yesaya 48:17, 18.
2. Bibiliya yanditswe n’abantu nka 40 batandukanye, mu kiringo c’imyaka 1 600, guhera mu 1513 B.G.C. Igizwe n’ibitabu 66 bitobito. Abanditse Bibiliya bahumekewe n’Imana. Banditse ivyiyumviro vyayo, ntibanditse ivyabo. Bibiliya rero yamutse ku Mana yo mw ijuru, ntiyamutse ku muntu n’umwe wo kw isi.—2 Timoteyo 3:16, 17; 2 Petero 1:20, 21.
3. Imana yaritayeho ivy’uko Bibiliya yimurwa ata makosa kandi ikazigamwa. Nta kindi gitabu na kimwe kirasohoka mu gitigiri kinini nka Bibiliya. Si bose bazoshima kukubona wiga Bibiliya, ariko ivyo ntibikubuze kubandanya. Uzoshobora kugira ubuzima buhoraho niwamenya Imana kandi ugakora ivyo igomba, naho bokurwanya gute.—Matayo 5:10-12; Yohana 17:3.