Icigwa ca 5
Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
Ni kuki Yehova yaremye isi? (1, 2)
Ni kuki ubu isi atari iparadizo? (3)
Ni ibiki bizoshikira abantu b’abanyakibi? (4)
Muri kazoza Yezu azokorera iki abarwaye? abageze mu zabukuru? abapfuye? (5, 6)
Ukwiye gukora iki kugira ngo uzoronke ku migisha igiye kuza? (7)
1. Yehova yaremye iyi si kugira ngo abantu bashobore guhimbarwa n’ukuyibako ibihe bidashira. Yashaka ko isi yama iriko abantu b’abagororotsi, bahiriwe. (Zaburi 115:16; Yesaya 45:18) Isi ntizokwigera isangangurwa; izokwamaho ibihe bidashira.—Zaburi 104:5; Umusiguzi 1:4.
2. Imbere y’uko Imana irema umuntu, yaracaguye agace gatoyi k’isi, ikagira iparadizo iteye igomwe. Yakise itongo ry’i Edeni. Aho ni ho yashize umugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva. Imana yashatse ko bagira abana kandi bakuzura isi yose uko ingana. Buhorobuhoro isi yose uko ingana boyigize iparadizo.—Itanguriro 1:28; 2:8, 15.
3. Adamu na Eva baracumuye mu kurenga itegeko ry’Imana n’ibigirankana. Ni co catumye Yehova abirukana mw itongo ry’i Edeni. Nya paradizo yari itakaye. (Itanguriro 3:1-6, 23) Ariko Yehova ntiyibagiye umugambi yari afitiye iyi si. Asezerana kuyigira iparadizo, aho abantu bazoba ibihe bidashira. Ivyo azobikora ate?—Zaburi 37:29.
4. Imbere y’uko iyi si ishobora guhinduka iparadizo, abantu b’abanyakibi bategerezwa gukurwaho. (Zaburi 37:38) Ivyo bizoba kuri Harumagedoni, ikaba ari intambara yo kurangiza ubukozi bw’ikibi. Inyuma y’ivyo, Shetani azomara imyaka 1 000 mw ibohero. Ivyo bisigura yuko ata banyakibi bazosigazwa ngo bonone isi. Abasavyi b’Imana bonyene ni bo bazorokoka.—Ivyahishuriwe 16:14, 16; 20:1-3.
5. Maze Yezu Kirisitu azoganza nk’Umwami ategeke iyi si mu gihe c’imyaka 1 000. (Ivyahishuriwe 20:6) Buhorobuhoro azokura icaha mu mizirikanyi yacu no mu mibiri yacu. Tuzohinduka abantu batagira agasembwa nk’uko nyene Adamu na Eva bari imbere y’uko bacumura. Maze nta kurwara, gusaza no gupfa bizoba bikiriho. Abarwayi bazokizwa, abashaje na bo bazosubira i buto.—Yobu 33:25; Yesaya 33:24; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
6. Mu gihe c’Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, abantu b’abizerwa bazokora kugira ngo isi yose uko ingana bayigire iparadizo. (Luka 23:43) Vyongeye, abantu amamiliyoni bapfuye bazozurwa ngo bongere kubaho kw isi. (Ivyakozwe 24:15) Nibakora ivyo Imana ibasaba, bazobandanya kuba kw isi ibihe bidashira. Nibatabikora, bazorandurwa ntibazokwigere bongera kubaho.—Yohana 5:28, 29; Ivyahishuriwe 20:11-15.
7. Gutyo umugambi Imana yari ifitiye isi mu ntango uzoheza uranguke. Woba wipfuza kuzoronka kuri iyo migisha yo mu gihe kiri imbere? Niba ubishaka, ukwiye kuguma wiga ivyerekeye Yehova kandi ukagamburuka ivyo asaba. Ukwitaba amakoraniro abera ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’aho uba kuzogufasha kubishitsa.—Yesaya 11:9; Abaheburayo 10:24, 25.
[Ifoto ku rup. 10]
Iparadizo yatakaye
[Amafoto ku rup. 11]
Inyuma ya Harumagedoni, isi izohindurwa iparadizo