ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kn35 rup. 1-4
  • Abantu bose boba bazoteba bagakundana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu bose boba bazoteba bagakundana?
  • Abantu bose boba bazoteba bagakundana?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugukunda uwundi kwaratimvye
  • Ni kuki ugukunda uwundi kwatimvye?
  • Ugukunda mugenzi wacu—Si umugani
  • Igihe abantu bose bazoba bakundana
  • Ico bisobanura gukunda bagenzi bacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Urukundo Rwawe Rwagutse ku Rugero Rungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Woba “ukunda mugenzawe nk’uko wikunda”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Abantu bose boba bazoteba bagakundana?
kn35 rup. 1-4

Inkuru z’Ubwami No. 35

Abantu bose boba bazoteba bagakundana?

Ugukunda uwundi kwaratimvye

ABANTU amamiliyoni bumva batagira iyo bava n’iyo baja, vyongeye barigorewe, bakabona ko ataho bari bute imitwe. Hari umudandaza w’umukenyezi yapasuye yavuze ati: ‘Umusi umwe ku mugoroba hari umupfakazi duhereranye kw igorofa mbako yadodoye ku rugi iwanje hanyuma avuga yuko ari inyakamwe. Namubwiranye urupfasoni mugabo ntamuhisha, yuko ata mwanya mfise. Yarasavye imbabazi kubona yangoye hanyuma aca arigira.’

Ikibabaje, iryo joro nyene, uwo mupfakazi yariyahuye. Mu nyuma, uwo mudandaza w’umukenyezi yavuze yuko yahîgiye “icigwa gikomeye.”

Iyo ugukunda umugenzi canke umubanyi kubuze, kenshi biraba agacamutima. Mu gihe ca ya matati afatiye ku moko i Bosiniya n’i Herizegovina, ahahoze ari intara za Yugosilaviya, abarenga umuliyoni baromowe barata izabo, hanyuma ibihumbi mirongo na bo baricwa. Bishwe na nde? Umwigeme umwe yari yatekejwe agata agacimbiri k’iwabo yidodomvye avuga ati: “Ababanyi bacu” ni bo babishe. Avuga kandi, ati “Twari tubazi.”

Mu Rwanda abantu ibihumbi amajana baragandaguwe, kenshi bakicwa n’ababanyi babo bwite. Ikinyamakuru The New York Times kivuga giti: “Abahutu n’Abatutsi bǎrabana, bagashingiranira, batanezwe canke mbere batazi uwuri Umuhutu n’uwuri Umututsi.” Kirongerako giti: “Maze sinzi akakomye,” hanyuma “ubwicanyi buratangura.”

Abayahudi n’Abarabu muri Isirayeli ni nk’ukwo nyene: barabana, ariko benshi barankana. Ni na kwo ibintu bimeze mu Bagatolika n’Abaporotisanti benshi muri Irilande no mu bantu barushiriza kuba benshi mu bindi bihugu. Mu bihe vyahise vyose, ntaho isi yari bwaburemwo urukundo gutyo.

Ni kuki ugukunda uwundi kwatimvye?

Uwaturemye aratanga inyishu. Ijambo ryiwe Bibiliya ryita iki gihe tubamwo “imisi y’iherezo.” Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga yuko ari muri iki kiringo abantu bobaye “badakunda ababo.” Ku biraba ibi “bihe bigoye,” mu Vyanditswe bikaba vyitwa kandi ‘iherezo ry’ivy’isi,’ Yezu Kirisitu yari yaravuze yuko “urukundo rw’abenshi ruzotimba.” (Ni twe duhiritse izo ndome.)—2 Timoteyo 3:1-5; Matayo 24:3, 12.

Ukubura urukundo kwa kino gihe rero ni kimwe mu bimenyamenya vy’uko turi mu misi y’iherezo y’iyi si. Igihimbaye ni uko bisobanura kandi yuko iyi si y’abantu batibanga Imana vuba igiye gusubirirwa n’isi nshasha igororotse isasagayemwo urukundo.—Matayo 24:3-14; 2 Petero 2:5; 3:7, 13.

Ariko twoba vy’ukuri dufise impamvu y’ukwizera yuko ihinduka mwen’iryo rishoboka—yuko abantu bose bashobora kwiga gukundana no kubana mu mahoro?

Ugukunda mugenzi wacu—Si umugani

Umwigisha umwe w’amateka wo mu kinjana ca mbere yabajije Yezu ati: “Mbega mugenzanje ni nde?” Ategerezwa rero kuba yari yiteze ko Yezu avuga, ati ‘Ni Abayuda nkawe.’ Ariko mu nkuru yerekeye Umusamariya w’imbabazi, Yezu yarerekanye yuko abantu bo mu yandi mahanga na bo nyene ari bagenzi bacu.—Luka 10:29-37; Yohana 4:7-9.

Yezu yarashimitse ku vy’uko uretse ugukunda Imana, ugukunda mugenzi wacu gukwiye kurongōra ubuzima bwacu. (Matayo 22:34-40) Ariko hoba hariho umugwi w’abantu bigeze vy’ukuri gukunda bagenzi babo? Abakirisu ba mbere barabigize! Barikugūrwa kubera urukundo bari bafitiye abandi.—Yohana 13:34, 35.

Muri iki gihe ho bite? Hoba hariho abantu na bamwe bafise urukundo nk’urwa Kirisitu? Igitabu Encyclopedia Canadiana kivuga uku: “Igikorwa c’Ivyabona vya Yehova ni ic’ukuvyura n’ugusubizaho bwa Bukirisu bwa mbere bwagirwa na Yezu be n’abigishwa biwe . . . Bose ni abavukanyi.”

Ivyo bishaka kuvuga iki? Bishaka kuvuga yuko Ivyabona vya Yehova batareka ngo hagire ikintu na kimwe cotuma banka bagenzi babo, ryaba ibara ry’urukoba, igihugu bamukamwo, canke ubwoko. Eka kandi ntibokwica uwundi muntu n’umwe, kuko mu buryo bw’ikigereranyo inkota zabo bazicuzemwo amasuka, n’amacumu yabo bakayacuramwo inkero. (Yesaya 2:4) Kukaba nkako, Ivyabona barikugūrwa kubera bītuma bagafasha bagenzi babo.—Ab’i Galatiya 6:10.

Ntibitangaje kubona ikiganiro co mu kinyamakuru Sacramento Union c’i Kaliforoniya cavuze giti: “Vyonyene novuga ko iyaba isi yose yari ibayeho ikurikiza ingingo z’Ivyabona vya Yehova, ugusesa amaraso hamwe n’urwanko vyoheze, urukundo na rwo rwohangamye nk’umwami.” Hari umwanditsi w’ikinyamakuru Ring co muri Hongiriya yavuze ati: “Iciyumviro nashitseko ni uko iyaba Ivyabona vya Yehova ari bo bonyene baba kw isi, nta ntambara zobaye zikihavugwa, kandi ibikorwa vyonyene abapolisi bokoze vyobaye ukuraba uruja n’uruza hamwe n’ugutanga ibitabu vy’inzira.”

Mugabo ikitohakanwa co, hazokenerwa ihinduka rinini cane ryo kw isi yose niba abantu bose bagomba gukundana. Iryo hinduka none rizoza gute? (Turagusavye urabe urupapuro rw’inyuma.)

Igihe abantu bose bazoba bakundana

Isengesho Yezu Kirisitu yigishije rirerekana yuko ihinduka ry’agatangaza ryegereje. Muri ya Nsiguro rurangiranwa yiwe yo ku Musozi, Yezu yaratwigishije gusenga: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”—Matayo 6:10.

Ubwami bw’Imana ni iki? Ni intwaro nyakuri, iyiganza ihangamye mw ijuru. Ni co gituma bwitwa “Ubgami bgo mw ijuru.” Yezu, wa “Mukama w’amahoro,” yaragennywe na Se wiwe ngo abe Umutegetsi w’ubwo Bwami.—Matayo 10:7; Yesaya 9:6, 7; Zaburi 72:1-8.

Ubwami bw’Imana nibwaza, ni ibiki bizoshikira iyi si yuzuye urwanko? ‘Ubwo bwami,’ “buzomara bukomvomvore” intwaro zose zononekaye z’iyi si. (Daniyeli 2:44) Bibiliya isigura iti: “Isi irikw irashira . . . , arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:17.

Ku vyerekeye isi nshasha y’Imana, Bibiliya ivuga iti: ‘Abagororotsi bazoragwa isi, bayibeko ibihe bidashira.’ (Zaburi 37:9-11, 29; Imigani 2:21, 22) Ese ukuntu ico kizoba ari igihe ciza cane! “Urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuriwe Yohana 21:4) N’abapfuye bazosubira kubaho, n’isi yose uko ingana izohindurwamwo iparadizo nyayo.—Yesaya 11:6-9; 35:1, 2; Luka 23:43; Ivyakozwe n’intumwa 24:15.

Kugira tuze tube mw isi nshasha y’Imana, dutegerezwa gukundana nk’uko nyene Imana ibitwigisha. (1 Ab’i Tesalonike 4:9) Hari uwiga Bibiliya wo mu gihugu co mu Buseruko yavuze ati: “Nk’uko Bibiliya ibisezerana, ndarorereye igihe abantu bose bazoba bize gukundana.” Kandi turashobora kwemera ata mazinda yuko Imana izoshitsa amasezerano yayo! Ivuga iti “Narabivuze,” kandi “no kubikora nzobikora.”—Yesaya 46:11.

Kugirango uzohundwe imihezagiro izoza ku ngoma y’Ubwami bw’Imana, utegerezwa kwakīra ubumenyi bwa Bibiliya, nk’uko amamiliyoni y’abantu b’inzirabugunge kw isi yose bariko barabigira. (Yohana 17:3) Ka gatabu k’impapuro 32 kitwa Ivyo Imana Isaba Kuri Twebwe Ni Ibiki? kazogufasha. Nugasabe mu kwuzuza agace katanzwe ku rupapuro rw’imbere y’uru, hanyuma ukarungike ku ndanzi yegereye iwanyu.

□ Ndipfuza kuronka ka gatabu Ivyo Imana Isaba Kuri Twebwe Ni Ibiki?

□ Mbasavye kuyaga nanje ku vyerekeye inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana itarihirwa.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

Umuntu yikinze ngo arase n’amaziko muri Bosiniya: Reuters/Corbis-Bettmann

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika