ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ie rup. 25-28
  • Icizigiro Kitarimwo Amazinda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icizigiro Kitarimwo Amazinda
  • Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Umukunzi Wacu Yapfuye’
  • “Azozuka”
  • ‘Abari mu Mva z’Icibutso Bose’
  • Bazozukira Kuba Hehe?
  • Umuti rudende!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Bigendera Gute Abacu Bapfuye?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Icizigiro nyakuri ku bawe bapfuye
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Abapfuye bazozuka!
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
ie rup. 25-28

Icizigiro Kitarimwo Amazinda

“Kuva igihe c’ukuvuka vyama ari ibishoboka ko ikiremwa-muntu copfa igihe ico ari co cose; kandi amaherezo ivyo bitegerezwa gushika.”—ARNOLD TOYNBEE, UMUTOHOZAKAHISE W’UMWONGEREZA.

1. Ni ikintu ikihe kibwirizwa gushikira abantu, ivyo bikavyura ibihe bibazo?

NI NDE yoshobora guhakana ukwo kuri kwagiye kuragaragara kuvuzwe aho haruguru? Umuryango w’abantu wamye nantaryo ushikirwa n’ico kintu c’agacavutu ari co gupfa. Kandi ese ukuntu twumva twihebuye igihe uwo twakunda apfuye! Uwo tubuze bica bisa n’uko adashobora kuzogaruka. Mbega vyoba bishoboka ko twongera kubonana n’abacu bapfuye? Ni icizigiro ikihe Bibiliya ifitiye abapfuye? Rimbura inkuru ikurikira.

‘Umukunzi Wacu Yapfuye’

2-5. (a) Igihe umukunzi wiwe yapfa, Yezu yerekanye gute umutima ushaka kumuzura hamwe n’ubushobozi abifitiye? (b) Turetse ugusubiza Lazaro muzima, ni ibiki igitangaro c’izuka cakoze?

2 Hari mu mwaka wa 32 G.C. Mu gisagara gitoyi c’i Betaniya, ku birometero bitatu inyuma ya Yeruzalemu, haba Lazaro na bashikiwe Marita na Mariya. Bari abakunzi somambike ba Yezu. Umusi umwe, Lazaro yararwaye arasinzikara. Buno nyene, bashikiwe vyari biraje ishinga barungikira iyo nkuru Yezu, uwari hakurya y’Uruzi Yorodani. Yezu yarakunda Lazaro na bashikiwe, ni co gituma yahavuye afata urugendo aja i Betaniya. Mu nzira Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.” Kubera ko abigishwa batashotse bategera insobanuro y’ayo majambo, Yezu yarabafoboreye ati: “Lazaro yahwereye.”—Yohana 11:1-15.

3 Aho Marita yumviye ko Yezu yariko araza i Betaniya, yiruka kumusanganira. Yezu akozwe ku mutima n’intuntu uwo mugore afise, amusubiriza umutima mu nda ati: “Musazawe azozuka.” Marita arishura ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.” Yezu maze amubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima]. Ūnyizera n’iyo [yopfa, NW], azobaho.”—Yohana 11:20-25.

4 Yezu yaciye aja ku mva hanyuma ategeka ko ibuye rihapfundikiye rikurwaho. Amaze gusenga n’ijwi ryumvikana, arategeka ati: “Lazaro, ngwino, sohoka!” Buno igihe bose bari bakanuriye amaso kuri iyo mva, Lazaro koko arasohoka. Yezu azura Lazaro—asubiza muzima umuntu yari amaze imisi ine apfuye!—Yohana 11:38-44.

5 Marita yari asanzwe yizera umuhango w’izuka. (Yohana 5:28, 29; 11:23, 24) Igitangaro c’ugusubizwa muzima kwa Lazaro carakomeje ukwizera kw’uwo mugore, congera gituma abandi bagira ukwizera. (Yohana 11:45) Ariko, neza na neza ijambo “izuka” risobanura iki?

“Azozuka”

6. Ijambo “izuka” risobanura iki?

6 Ijambo “izuka” rihinduwe mw’ijambo ry’Ikigiriki a·naʹsta·sis, urudome ku rundi rikaba risobanura ngo “ugusubira guhagarara.” Abahinduye Ikigiriki bagishira mu Giheburayo, ijambo a·naʹsta·sis barihinduye mu majambo y’Igiheburayo techi·yathʹ ham·me·thimʹ, asobanura “ihembuka ry’uwapfuye.”a Gutyo rero, izuka ririmwo ukuvyura uwapfuye akava mu kutagira ubuzima ari rwo rupfu—ni ukwongera kuvyutsa ivyari bigize ubuzima bwa nya muntu.

7. Ni kuki ukuzurwa kw’abantu kutazoba ingorane kuri Yehova Imana na Yezu Kirisitu?

7 Kubera ko Yehova Imana afise ubwenge butagira urugero akaba afise ukwibuka kutagira agasembwa, arashoboye kuzura umuntu bitagoranye. Kwibuka ivyari bigize ubuzima bw’abapfuye—nk’uturanga twa kamere-muntu yabo, kahise kabo bwite, hamwe n’utundi tuntu twose tugize akaranga kabo—si ingorane kuri we. (Yobu 12:13; gereranya na Yesaya 40:26.) Yehova ni na we Nkomoko y’ubuzima. Ni co gituma ashobora neza gusubiza muzima wa muntu nyene, akamuha ya kamere-muntu nyene mu mubiri ukozwe bundi busha. Vyongeye, nk’uko ivyabaye kuri Lazaro bivyerekana, Yezu Kirisitu arafise umutima ushaka kuzura abapfuye, kandi arabishoboye.—Gereranya na Luka 7:11-17; 8:40-56.

8, 9. (a) Ni kuki izuka hamwe n’iciyumviro c’ukudahwera kw’ubugingo bitajana? (b) Umuti w’urupfu ni uwuhe?

8 Ariko rero, inyigisho yo mu Vyanditswe y’ivy’izuka ntijana na ya nyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo. Iyaba hariho ubugingo budahwera bubandanya kubaho iyo umuntu apfuye, nta muntu yokeneye kuzurwa canke gusubizwa muzima. Koko, Marita nta ciyumviro yaseruye cerekeye ubugingo budahwera bwariko bubandanya kuba ahandi hantu inyuma y’ugupfa. Ntiyemera yuko Lazaro yari yamaze kuja mu karere kanaka k’impwemu kubandanya ukubaho kwiwe. Ahubwo riho, yarerekanye yuko yizeye umugambi Imana ifise wo gukuraho ingaruka zazanywe n’urupfu. Yavuze ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.” (Yohana 11:23, 24) Lazaro na we nyene nta bintu yiganye yabonye vy’ubuzima bunaka yagize amaze gupfa. Nta nkuru zo kubara yari afise.

9 Nk’uko Bibiliya ibivuga, birumvikana ko ubugingo bupfa, umuti w’urupfu na wo ukaba ari izuka. Ariko hari abantu amamiliyaridi bapfuye kuva umuntu wa mbere Adamu abayeho kw’isi. None ni bande bazozuka, kandi bazozukira kuba hehe?

‘Abari mu Mva z’Icibutso Bose’

10. Ni isezerano irihe Yezu yatanze ku biraba abari mu mva z’icibutso?

10 Yezu Kirisitu yavuze ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva [“z’icibutso,” NW] bose bazokwumvira ijwi ryiwe [rya Yezu], bakazivamwo.” (Yohana 5:28, 29) Egome, Yezu Kirisitu yasezeranye yuko abo Yehova yibuka bose bazozurwa. Hariho abantu amamiliyaridi babayeho hanyuma barapfa. Ni ba nde muri bo bibukwa n’Imana, bakaba barindiriye izuka?

11. Ni ba nde bazozurwa?

11 Abigenjeje neza ari abasavyi ba Yehova bazozurwa. Ariko hari abandi bantu amamiliyoni bapfuye batarerekana yuko bokwisunga canke batokwisunga ingingo zigororotse z’Imana. Bashobora kuba batari bazi ivyo Yehova asaba, canke bakaba barabuze umwanya uhagije wo kugira amahinduka akenewe. N’abo nyene Imana irabibuka, kandi rero bazozuka, kuko Bibiliya isezerana iti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.”—Ivyakozwe 24:15.

12. (a) Ni ibiki intumwa Yohani yeretswe vyerekeye izuka? (b) Ni ibiki “bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro,” kandi iyo mvugo isobanura iki?

12 Intumwa Yohani yareretswe ibintu bitangaje vyerekeye abazutse bahagaze imbere y’intebe y’icubahiro y’Imana. Mu kubidondora, yanditse ati: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu [“Hadesi,” NW] bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’umuntu wese yakoze. Rupfu na Kuzimu [“Hadesi,” NW] batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.” (Ivyahishuriwe 20:12-14) Iyumvire ico ivyo bisobanura! Abapfuye bose bibukwa n’Imana bazokurwa muri Hadesi ari yo Sheoli, imva rusangi abantu bajamwo. (Zaburi 16:10; Ivyakozwe 2:31) Maze “Rupfu na Kuzimu” bizotererwa mu citwa “[i]kiyaga caka umuriro,” ikigereranya uguhona buhere. Imva rusangi abantu bajamwo ntizoba ikiriho.

Bazozukira Kuba Hehe?

13. Ni kuki Imana yaringanije ivy’uko bamwe bazukira kuja mw’ijuru, kandi ni umubiri uwuhe Yehova azobaha?

13 Hariho igitigiri gitoyi c’abagabo n’abagore bazozukira ubuzima bwo mw’ijuru. Abo bazoganza bari kumwe na Kirisitu ari abami n’abaherezi, bakazogira kandi uruhara mu kuzimanganya ingaruka zose zatewe n’urupfu abana b’abantu barazwe n’umuntu wa mbere, Adamu. (Abaroma 5:12; Ivyahishuriwe 5:9, 10) Dukurikije Bibiliya, igitigiri cabo ni 144 000 gusa, bakaba barobanurwa mu bayoboke ba Kirisitu, guhera kuri za ntumwa b’abizerwa. (Luka 22:28-30; Yohana 14:2, 3; Ivyahishuriwe 7:4; 14:1, 3) Umwe wese muri abo bazuke Yehova azomuha umubiri w’impwemu, kugira ngo bashobore kuba mw’ijuru.—1 Ab’i Korinto 15:35, 38, 42-45; 1 Petero 3:18.

14, 15. (a) Abenshi cane mu bapfuye bazozukira ubuzima nyabaki? (b) Ni imigisha iyihe abantu bagamburuka bazokwironkera?

14 Ariko rero, abenshi rwose mu bapfuye bazozukira ubuzima bwo kw’isi. (Zaburi 37:29; Matayo 6:10) Isi nyabaki? Isi ubu yuzuye umuryano, iseswa ry’amaraso, ubutosekare bw’ibidukikije, n’ubukazi. Hamwe abapfuye bosubira kuba bazima kw’isi imeze gutya, nta nkeka ubuhirwe bwose bogira bwoba ubw’akanya gato. Mugabo Umuremyi yasezeranye yuko vuba agiye guheraheza ikibano co mw’isi ya kino gihe kiri mu bubasha bwa Shetani. (Imigani 2:21, 22; Daniyeli 2:44) Ikibano c’abantu gishasha kigororotse—ari co ‘si nshasha’—kizoheza rero kibeho. (2 Petero 3:13) Ico gihe ‘nta wa ho azovuga ngo Ndarwaye.’ (Yesaya 33:24) N’amaganya y’urupfu azokurwaho, kuko Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw’ivya mbere bi[zoba vya]shize.”—Ivyahishuriwe 21:4.

15 Mw’isi nshasha Imana yasezeranye, abitonda “bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:11) Intwaro yo mw’ijuru irongowe na Kirisitu Yezu hamwe n’abifatanije na we 144 000, buhorobuhoro izogarukana abantu bagamburuka ku kutagira agasembwa kwatakajwe n’abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva. Mu bazoba baba kw’isi hazoba harimwo abazutse.—Luka 23:42, 43.

16-18. Ni umunezero uwuhe izuka rizozanira imiryango?

16 Bibiliya iraducishirizako ikatubwira agahimbare izuka rizozanira imiryango. Iyumvire agahimbare wa mupfakazi w’i Nayini yagize igihe Yezu yahagarika urugendo rw’abagiye ku maziko hanyuma akazura umuhungu wiwe w’ikinege! (Luka 7:11-17) Mu nyuma, iruhande y’Ikiyaga c’i Galilaya, igihe Yezu yasubiza ubuzima umukobwa w’imyaka 12, abavyeyi biwe ‘barumiwe bwumirwe.’—Mariko 5:21-24, 35-42, Ubwuzure Bushasha; raba kandi 1 Abami 17:17-24; 2 Abami 4:32-37.

17 Ku mamiliyoni ubu basinziriye mu rupfu, izuka rizobahesha ubuzima mw’isi nshasha y’amahoro. Iyumvire vyonyene icizero kinyura umutima ivyo bizanira Tommy na wa mudandaza bavugwa mu gice c’intango c’aka gatabu! Tommy niyakanguka ngo abe mw’Iparadizo hano kw’isi, azoba ari umwe Tommy nyene nyina wiwe yari azi—ariko abe atagira indwara. Nyina wiwe rero azoshobora kumukorakora, amugumbire, kandi amukunde. Muri ubwo buryo nyene, wa mudandaza wo mu Buhindi aho kuba afatiriwe mu vyo kuja arongera kuvuka ubudahera, icizero ciwe ciza igitangaza ni ic’ukwikangurira mw’isi nshasha y’Imana no kubona abana biwe.

18 Kumenya ukuri ku vyerekeye ubugingo, ingene bigenda iyo dupfuye no ku vyerekeye icizigiro c’izuka, birashobora kandi kugira ico bikoze kinini ku bakiri bazima ubu. Reka tubirabe.

[Akajambo k’epfo]

a Naho ijambo “izuka” ritaboneka mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, icizigiro c’izuka kiraseruwe mu buryo bugaragara muri Yobu 14:13, Daniyeli 12:13, na Hoseya 13:14.

[Ifoto ku rup. 26]

Izuka rizozana umunezero uramba

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika