ICIGWA CA 2
Imana Ni yo Mukunzi Mwiza Ntangere Woshobora Kugira
Kuba umukunzi w’Imana ni co kintu ciza ntangere woshobora kugira. Imana izokwigisha ukungene wogira agahimbare kandi ugatekanirwa; izogukiza ivyizerwa vyinshi bitari vyo be n’imigenzo imeze nabi. Izokwumviriza amasengesho yawe. Izogufasha kwumva ufise amahoro n’ukwizigira. (Zaburi 71:5; 73:28) Imana izogufata mu mugongo mu bihe vy’ingorane. (Zaburi 18:18) Vyongeye, Imana iraguha ingabirano yayo y’ubuzima budahera.—Abaroma 6:23.
Uko wiyegereza Imana, ni ko uzokwiyegereza abakunzi b’Imana. Na bo nyene bazokubera abakunzi. Kukaba nkako, bazokubera nka benewanyu na bashikawe. Bazohimbarwa no kukwigisha ivyerekeye Imana, bongere bagufashe kandi bakuremeshe.
Twebwe ntitungana n’Imana. Uko urondera kugiranira ubukunzi n’Imana, hariho ikintu gihambaye utegerezwa gutahura. Ubukunzi tugirana n’Imana si ubukunzi bw’abangana. Imana ni yo idukurira, kandi iradusumvya cane rwose ubukerebutsi n’ububasha. Ni yo Mutegetsi wacu abikwiriye. Nimba dushaka kuba abakunzi bayo, dutegerezwa kuyumvira kandi tugakora ivyo atubwira gukora. Ivyo bizokwama nantaryo ari ku neza yacu.—Yesaya 48:18.