ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gf icig. 2 rup. 4
  • Imana Ni yo Mukunzi Mwiza Ntangere Woshobora Kugira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana Ni yo Mukunzi Mwiza Ntangere Woshobora Kugira
  • Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ivyo bijanye
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana Iragutumira ngo Ube Umukunzi Wayo
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • “Nabise abagenzi”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Uvyibazako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
Ibindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
gf icig. 2 rup. 4

ICIGWA CA 2

Imana Ni yo Mukunzi Mwiza Ntangere Woshobora Kugira

Kuba umukunzi w’Imana ni co kintu ciza ntangere woshobora kugira. Imana izokwigisha ukungene wogira agahimbare kandi ugatekanirwa; izogukiza ivyizerwa vyinshi bitari vyo be n’imigenzo imeze nabi. Izokwumviriza amasengesho yawe. Izogufasha kwumva ufise amahoro n’ukwizigira. (Zaburi 71:5; 73:28) Imana izogufata mu mugongo mu bihe vy’ingorane. (Zaburi 18:18) Vyongeye, Imana iraguha ingabirano yayo y’ubuzima budahera.—Abaroma 6:23.

Uko wiyegereza Imana, ni ko uzokwiyegereza abakunzi b’Imana. Na bo nyene bazokubera abakunzi. Kukaba nkako, bazokubera nka benewanyu na bashikawe. Bazohimbarwa no kukwigisha ivyerekeye Imana, bongere bagufashe kandi bakuremeshe.

Twebwe ntitungana n’Imana. Uko urondera kugiranira ubukunzi n’Imana, hariho ikintu gihambaye utegerezwa gutahura. Ubukunzi tugirana n’Imana si ubukunzi bw’abangana. Imana ni yo idukurira, kandi iradusumvya cane rwose ubukerebutsi n’ububasha. Ni yo Mutegetsi wacu abikwiriye. Nimba dushaka kuba abakunzi bayo, dutegerezwa kuyumvira kandi tugakora ivyo atubwira gukora. Ivyo bizokwama nantaryo ari ku neza yacu.—Yesaya 48:18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika