ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jt rup. 12-14
  • Bemera Ibiki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bemera Ibiki?
  • Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki?
  • Ivyo bijanye
  • Ukuri dukunda kwigisha
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Igice ca 1: Ivyo twemera
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki?
jt rup. 12-14

Bemera Ibiki?

IVYABONA VYA YEHOVA baremera Imana Mushoboravyose, Yehova, Umuremyi w’ijuru n’isi. Ukubaho kwonyene kw’ibintu vy’igitangaza vyahinguwe mu buryo butangaje biri mu kirere kidukikije, kurerekana neza yuko hariho Umuremyi w’umunyabwenge kandi w’umunyabubasha ruheta yabikoze vyose. Nk’uko nyene ibikorwa abagabo n’abagore bakora bigaragaza kamere zabo, ni ko n’ivyo Yehova yakoze bigaragaza kamere ziwe. Bibiliya itubwira yuko ‘kamere zayo zitaboneka, . . . zibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, zimenyekanishwa n’ivyo yaremye.’ Vyongeye ata jwi canke ijambo rivuze, “ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana.”—Abaroma 1:20; Zaburi 19:1-4.

Abantu ntibahingura ibibumbano canke ngo bakore amateleviziyo canke vya vyuma vy’intasobwa vyitwa orodinateri ata mugambi bafise. Isi hamwe n’ibiremwa biri kuri yo vy’ibiterwa n’ibikoko, biratangaje kuruta kure n’iyo. Inyubako y’umubiri w’umuntu hamwe n’utugingo ngengabuzima amamiliyaridi ibihumbi tuwugize, birarengeye ugutahura kwacu—eka mbere n’ubwonko dukoresha mu kwiyumvira buratangaje bimwe bisiga ubwenge! Nimba abantu bahingurana umugambi ibintu biyumviriye ugereranije usanga ata kintu bivuze, nta nkeka Yehova Imana yari afise umugambi mu kurema ibiremwa vyiwe biteye akoba! Mu Migani 16:4 haravuga ivyo akora hati: “Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora.”

Yehova yaremye isi ku bw’umugambi kanaka, nk’uko yabibwiye umugabo n’umugore ba mbere ati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi . . . ; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.” (Itanguriro 1:28) Kubera ko bacitse abagarariji, uwo mugabo n’umugore ba mbere barananiwe kwuzuza isi imiryango y’abantu bagororotse bobungabunze mu rukundo isi n’ibiterwa be n’ibikoko biri kuri yo. Mugabo ukunanirwa kwabo ntigutuma umugambi wa Yehova unanirwa. Inyuma y’imyaka ibihumbi, vyanditswe ngo: “Mana; uwabumvye isi akayirema; . . . ntiyayiremye ngw ibek’ubusa gusa, yayibumvye kugira ngw ibekw abantu.” Si iyo kuzosangangurwa, kuko “isi [ihoraho] ibihe vyose.” (Yesaya 45:18, Umusiguzi 1:4) Umugambi Yehova yari afitiye isi uzoranguka: “Imigabo yanje izohama, kand’ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.”—Yesaya 46:10.

Ivyabona vya Yehova bemera rero yuko isi izogumaho ibihe bidahera kandi ko abantu bose, abariho n’abapfuye, bazoba bahuje n’umugambi wa Yehova w’uko habaho isi yagizwe akaroruhore kandi ibako abantu, bashobora kuzoyibako ibihe bidahera. Abantu bose barazwe agasembwa na Adamu na Eva, bituma rero baba abacumuzi. (Abaroma 5:12) Bibiliya itubwira iti: “Ingero y’icaha n’urupfu.” “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” “Ubugingo bucumura—bwo ubwabo buzopfa.” (Abaroma 6:23; Umusiguzi 9:5; Ezekiyeli 18:4, 20, NW) None bashobora gute kwongera kubaho ngo na bo baronke ku mihezagiro izoba kw’isi? Bishoboka gusa biciye ku nkuka y’incungu Kirisitu Yezu yatanze, kuko yavuze ati: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima]. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho.” “Abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo.”—Yohana 5:28, 29; 11:25; Matayo 20:28.

Ivyo bizoshika gute? Birasiguwe mu “nkuru nziza y’ubwami,” (NW) iyo Yezu yatanguye kumenyesha igihe yari kw’isi. (Matayo 4:17-23) Mugabo muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza iyo nkuru nziza mu buryo koko budasanzwe.

[Igicapo ku rup. 13]

IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BEMERA

Ico Bemera Impamvu yo mu Vyanditswe

Bibiliya ni Ijambo ry’Imana 2 Tim. 3:16, 17; 2 Pet.

kandi ni ukuri 1:20, 21; Yoh. 17:17

Bibiliya ni iyo kwizigirwa kuruta Mat. 15:3; Kol. 2:8

inkuru mpererekano za kera

Izina ry’Imana Yes. 12:2; Yes. 26:4

ni Yehova

Kirisitu ni Umwana w’Imana Mat. 3:17; Yoh. 8:42; 14:

kandi ni muto kuri Yo 28; 20:17; 1 Kor. 11:3; 15:28

Kirisitu ni we yabaye Kol. 1:15; Ivyah. 3:14

ikiremwa ca mbere c’Imana

Kirisitu yapfiriye ku giti, si Gal. 3:13; Ivyak. 5:30

ku musaraba

Ubuzima bw’umuntu bwa Kirisitu Mat. 20:28; 1 Tim. 2:5, 6;

bwararishwe nk’incungu ku 1 Pet. 2:24

bw’abantu bagamburuka

Inkuka yo nsa ya Kirisitu Rom. 6:10; Heb. 9:25-28

yari ikwiye

Kirisitu yazuwe mu bapfuye 1 Pet. 3:18; Rom. 6:9;

ari umuntu w’impwemu Ivyah. 1:17, 18

adahwera

Ukuhaba kwa Kirisitu kuba Yoh. 14:19; Mat. 24:3

mu mpwemu 2 Kor. 5:16; Zab. 110:1, 2

Ubu turi mu Mat. 24:3-14; 2 Tim. 3:

‘gihe c’iherezo’ 1-5; Luka 17:26-30

Ubwami butwarwa na Kirisitu Yes. 9:6, 7; 11:1-5; Dan.

buzoganza isi mu bugororotsi 7:13, 14; Mat. 6:10

no mu mahoro

Ubwo Bwami buzozana kw’isi Zab. 72:1-4; Ivyah. 7:9,

ukubaho neza 10, 13-17; 21:3, 4

Isi ntizokwigera isangangurwa Umus. 1:4; Yes. 45:18;

canke ngo ikurweko abayibako Zab. 78:69

Imana izozimanganya urunkwekwe Ivyah. 16:14, 16; Zef. 3:8;

rw’ibintu ruriho ubu mu ntambara Dan. 2:44; Yes. 34:2;

yo kuri Harumagedoni 55:10, 11

Ababisha bazohonywa Mat. 25:41-46;

ubutagisubira kubaho 2 Tes. 1:6-9

Abantu Imana yemera bazoronka Yoh. 3:16; 10:27, 28; 17:3;

ubuzima budahera Mrk. 10:29, 30

Hari inzira imwe gusa ijana Mat. 7:13, 14; Ef. 4:4, 5

ku buzima

Urupfu rw’umuntu rwatewe Rom. 5:12; 6:23

n’igicumuro ca Adamu

Ubugingo bw’umuntu (umushaha) Ezk. 18:4; Umus. 9:10;

ntibusubira kubaho iyo apfuye Zab. 6:5; 146:4; Yoh. 11:11-14

Ico bita ngo ni umuriro udahera Yobu 14:13; Ivyah. 20:13, 14

(Enfer) ni uruhafu abantu bose bajamwo

Icizigiro ku bapfuye 1 Kor. 15:20-22; Yoh 5:

ni izuka 28, 29; 11:25, 26

Urupfu rwavuye kuri Adamu ruzohera 1 Kor. 15:26, 54; Ivyah. 21:4; Yes. 25:8

Ubusho butoyi gusa bw’abantu Luka 2:32; Ivyah. 14:1, 3;

144.000 ni bo baja mw’ijuru 1 Kor. 15:40-53;

bakaganza hamwe na Kirisitu Ivyah. 5:9, 10

Abo 144.000 baravuka ubwa kabiri ari 1 Pet. 1:23; Yoh. 3:3;

abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu Ivyah. 7:3, 4

Isezerano risha ryagiranywe Yer. 31:31; Heb. 8:10-13

n’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu

Ishengero rya Kirisitu Ef. 2:20; Yes. 28:16; Mat.

ni we ryubatsweko 21:42

Amasengesho aturwa Yehova Yoh. 14:6, 13, 14;

wenyene biciye kuri Kirisitu 1 Tim. 2:5; Kuv. 20:4, 5;

Ibishusho ntibikwiye Lew. 26:1;

gukoreshwa mu gusenga 1 Kor. 10:14; Zab. 115:4-8

Ubupfumu butegerezwa Gus. 18:10-12; Gal. 5:

kwamirirwa kure 19-21; Lew. 19:31

Shetani ni umutware w’isi 1 Yoh. 5:19; 2 Kor. 4:4;

ataboneka Yoh. 12:31

Umukirisu akwiye kutagira ico apfana 2 Kor. 6:14-17; 11:13-15;

n’imihari isukiranya ukwizera Gal. 5:9; Gus. 7:1-5

Umukirisu akwiye kuguma Yak. 4:4; 1 Yoh. 2:15;

yitandukanije n’isi Yoh. 15:19; 17:16

Kugamburuka amategeko Mat. 22:20, 21;

y’abantu yose adateye kubiri 1 Pet. 2:12; 4:15

n’amategeko y’Imana

Kwinjiza amaraso mu mubiri biciye Ita. 9:3, 4; Lew. 17:14;

mu kanwa canke mu mitsi ni ukurenga Ivyak. 15:28, 29

ku mategeko y’Imana

Amategeko Bibiliya itanga ku 1 Kor. 6:9, 10; Heb. 13:4;

vy’ukwigenza runtu ategerezwa kugamburukwa 1 Tim. 3:2; Imig. 5:1-23

Ukwubahiriza isabato vyari vyahawe Gus. 5:15; Kuv. 31:13;

Abisirayeli gusa hanyuma Rom. 10:4; Gal. 4:9, 10;

birangirana n’Ivyagezwe vya Musa Kol. 2:16, 17

Umugwi w’abakuru b’idini be n’amazina Mat. 23:8-12; 20:25-27;

adasanzwe y’icubahiro ntibibereye Yobu 32:21, 22

Umuntu ntiyagiye arahindagurika Yes. 45:12; Ita. 1:27; Mat.

ahubwo yararemwe 19:4

Kirisitu yatanze akarorero gategerezwa 1 Pet. 2:21; Heb. 10:7;

gukurikizwa mu gukorera Imana Yoh. 4:34; 6:38

Ibatisimu yo kwibizwa wese Mrk. 1:9, 10; Yoh. 3:23;

mu mazi igereranya ukwiyegura Ivyak. 19:4, 5

Abakirisu barashinga intahe icese n’akanyamuneza Rom. 10:10; Heb. 13:15;

bayishingira ukuri kwo mu Vyanditswe Yes. 43:10-12

[Ifoto ku rup. 12]

ISI yaremwe na Yehova ngo ibungabungwe n’umuntu . . . ayibeko ibihe bidahera

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika