ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be rup. 13-rup. 16 ing. 5
  • “Mwiyubare Uburyo Mwumva”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mwiyubare Uburyo Mwumva”
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nutegure Umutima Wawe
  • Tumbereza Ivyiyumviro Vyawe
  • Kwumviriza Insiguro
  • Kwumviriza mu Gihe c’Uguhana Ijambo
  • Kwumviriza ku Materaniro no ku Mahwaniro
  • Kumenyereza Abana Kwumviriza
  • Nube Umwumviriji Mwiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ukuntu Yehova Ariko Aratuyobora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • ‘Nutege Yompi Wongere Wakire Izindi Nyigisho’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ubuhanga bwo gutega ugutwi ubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be rup. 13-rup. 16 ing. 5

“Mwiyubare Uburyo Mwumva”

KWUMVIRIZA ni ikintu gihambaye mu kwiga. Birashobora kandi kwosha ivyizigiro umuntu afise vyo kurokoka. Igihe Yehova yariko yitegurira guhabuza igisata ciwe ngo abakure mu ngoyi mu Misiri, yarahaye Musa amabwirizwa, na we abwira abagabo b’inararibonye ba Isirayeli ico bategerezwa gukora kugira ngo bakize imfura zabo umumarayika w’urupfu. (Kuv. 12:21-23) Nya bagabo b’inararibonye baciye bashikiriza ayo makuru urugo rumwerumwe rwose. Ivyo vyagizwe ku munwa. Abantu babwirizwa kwumviriza bitonze. None bavyakiriye gute? Bibiliya ishikiriza iti: “Ni kw Abisirayeli bose bākoze; uk’Uhoraho yabariye Mose na Aroni ni ko bākoze.” (Kuv. 12:28, 50, 51) Ico vyavuyemwo, Isirayeli yariboneye uguhabuzwa guteye akoba.

Muri iki gihe, Yehova ariko aradutegura ku bw’ihabuzwa rihambaye mbere kuruta. Nta gukeka, amacishabwenge atanga arakwiriye ko tuyatega yompi n’ubwira. Amacishabwenge mwene ayo aratangwa ku makoraniro y’ishengero. Woba none uriko urungukira bimwe bishitse kuri mwene iyo mitororokano? Ahanini biva ku kuntu wumviriza.

Woba usigarana ivyiyumviro bikurubikuru vy’amacishabwenge atangirwa ku makoraniro? Vyoba ari akamenyero kawe, indwi ku ndwi, kurondera uburyo wokurikiza mu buzima bwawe bwite amacishabwenge atangwa canke kuyabwira abandi?

Nutegure Umutima Wawe

Kugira ngo twungukire bimwe bishitse ku macishabwenge atangwa ku makoraniro ya gikirisu, turakeneye gutegura imitima yacu. Kugira ivyo birahambaye nk’uko vyerekanwa n’ivyabaye ku ngoma y’Umwami Yehoshafati w’Ubuyuda. Yehoshafati yarahagaze ashikamye ku ruhande rw’insengo y’ukuri. “[Yakuye] mu Buyuda ibitabo vyatabge mu mpinga z’imisozi n’inkingi zashingiwe Ashera,” hanyuma ashinga abaganwa, Abalewi be n’abaherezi kwigisha abantu Ivyagezwe vya Yehova mu bisagara vyose vy’i Buyuda. Mugabo “ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi vyo ntivyākū[we]ho.” (2 Ngo. 17:6-9; 20:33) Ugusenga imana z’ikinyoma hamwe n’ubwoko butarekuwe bw’ugusenga Yehova vyagirirwa ku bibanza vyatabwe n’abapagani vyari bihamangiye cane ku buryo bitaranduwe.

Ni kuki amacishabwenge yatunganijwe na Yehoshafati yananiwe kugira akosho karamba? Iyo nkuru irabandanya iti: “Abantu ntibāribga[tegure] imitima ku Mana ya ba sekuruza.” Barumva mugabo ntibakore bavyisunga. Kumbure biyumvira ko kugenda ku rusengero i Yeruzalemu gushikana ibimazi bitari vyoroshe. Uko vyoba vyari kwose, imitima yabo ntiyasunikwa n’ukwizera.

Kugira ngo twirinde gusubira mu nzira z’isi ya Shetani, dutegerezwa gutegura imitima yacu kugira ngo twakire amacishabwenge Yehova ariko aratanga muri iki gihe. Yamara uti gute? Uburyo bumwe buhambaye ni ukubicisha mw’isengesho. Dukwiye gusenga dusaba ko twokwakira amacishabwenge Imana yacu ihambaye itanga, tubigiranye agatima ko gukenguruka. (Zab. 27:4; 95:2) Ivyo bizodufasha gushima utwigoro abavukanyi bacu bagira, abo naho ari abanyagasembwa biha Yehova ngo abakoreshe mu kwigisha abasavyi biwe. Bizodusunikira ku gukengurukira Yehova atari gusa ku bw’ibintu bishasha turiko turiga, ariko kandi ku bw’akaryo turonka ko kunoganza ugushima dufitiye ibintu twize imbere yaho. Dufise icipfuzo co gukora ukugomba kw’Imana bimwe vyuzuye, dusenga duti: “[“Yehova,” NW], ndangira inzira yawe; . . . Egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.”—Zab. 86:11.

Tumbereza Ivyiyumviro Vyawe

Hariho intambamyi nyinshi zozibira ugutega yompi kwacu. Imizirikanyi yacu irashobora kuba inyagaramwo imyitwarariko. Urwamo hamwe n’ibikomye hagati mu bumviriza canke hanze y’ahagirirwa ikoraniro bishobora kudusamaza. Ukwumva tumerewe nabi mu mubiri birashobora gutuma tutagumiza hamwe ivyiyumviro. Abafise abana bakiri bato bakunda gusanga ivyiyumviro vyabo bitaguma hamwe. None ni igiki gishobora kudufasha kugumiza hamwe ubwenge bwacu bukaguma butumberejwe kuri porogarama?

Amaso aragira akosho gakomeye ku hantu dutumbereza ivyiyumviro vyacu. Nukoreshe amaso agufashe kugumiza hamwe ivyiyumviro mu kuyagumiza ku mushikirizansiguro. Igihe avuze igisomwa kinaka ca Bibiliya, naho coba ari ico umenyereye, nukirondere, kandi ukurikire igihe agisoma. Nunanire inyosha yo guhindukiriza umutwe iyo urwamo rwose ruvugiye canke iyo agakomye kose gaherereye. Nimba amaso ariko asehurira umuzirikanyi wawe amakuru asamaza, uzohomba vyinshi mu biriko birashikirizwa ku mukiruruko.

Nimba hagize “ivyiyumviro bidurumbanya” bitumye bikugora gutumbereza ivyiyumviro kuri porogarama, nusenge Yehova umusaba ugutekana kw’umuzirikanyi n’umutima gukenewe kugira ngo utege yompi. (Zab. 94:19, NW; Flp. 4:6, 7) Nubigire kenshi nimba bikenewe. (Mat. 7:7, 8) Amakoraniro y’ishengero ni intunganyo Yehova yashizeho. Urashobora kwizigira yuko ashaka ko uyungukirako.—1 Yoh. 5:14, 15.

Kwumviriza Insiguro

Kumbure, urashobora kwibuka ivyiyumviro bigushimisha wumvise mu nsiguro. Ariko rero kwumviriza insiguro yinaka si ugupfa kwegeranya gusa ivyiyumviro vyibonekeje. Insiguro ni nk’urugendo. Naho hashobora kuba hari ibintu bishimishije vyo kuraba ku nzira, ikintu nyamukuru ni iyo uja, intumbero ufise. Umushikirizansiguro ashobora kuba ariko agerageza kujana abumviriza ku nsozero yinaka canke kubakaburira ukugira ico bakoze.

Rimbura ijambo Yosuwa yashikirije ihanga rya Isirayeli ryanditse muri Yosuwa 24:1-15. Intumbero yiwe kwari ugukaburira abantu gufata impagararo ntahemuka ku bw’insengo y’ukuri mu kwitandukanya buhere n’ugusenga ibigirwamana kwagirwa n’amahanga yari abakikuje. Ni kuki ivyo vyari bihambaye cane? Ukwiganza kw’insengo y’ikinyoma kwari guhanamiye bimwe bikomeye impagararo nziza iryo hanga ryari rifise imbere ya Yehova. Abantu bishuye ukwinginga kwa Yosuwa mu kuvuga bati: “Guheba [“Yehova,” NW] ngo dusabe izindi mana biragahera! . . . Tuzogendanira [“Yehova,” NW].” Kandi barabigize!—Yos. 24:16, 18, 31.

Igihe wumviriza insiguro, gerageza kubona intumbero yayo. Ca urimbura ukuntu ivyiyumviro umushikirizansiguro agobotora biterera mu vyo gushikira iyo ntumbero. Niwibaze ico ayo makuru agusaba gukora.

Kwumviriza mu Gihe c’Uguhana Ijambo

Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero, hamwe n’ibihimba vy’Ikoraniro ry’Umurimo birongorwa mu guhana ijambo kw’ibibazo n’inyishu ku mayagwa ashingiye kuri Bibiliya acapuwe.

Kwumviriza mu gihe c’uguhana ijambo, mu mice imwimwe bimeze nk’ukugira uruhara mu kiyago. Kugira ngo uhungukire bimwe bishitse, niwumvirize uvyitondeye. Niwitegereze aho ukwo guhana ijambo kuriko kurerekeza. Raba ingene umurongozi ashimika ku mutwe-shimikiro no ku vyiyumviro nyamukuru. Niwishure mu bwenge ibibazo abaza. Niwumvirize igihe abandi basigura canke berekana ingene twokurikiza nya mayagwa. Kubona ayo makuru nk’uko abandi bayabona, bishobora kuguha ugutahura mu bundi buryo ikintu wari uzi. Nuterere agacumu k’ubumwe kuri ukwo guhanahana ivyiyumviro mu kwungamwo amajambo uvuga aserura ukwizera.—Rom. 1:12.

Gutohoza imbere y’igihe amayagwa yatanzwe bizogufasha gukurikira neza muri ukwo guhana ijambo no gukurikira insasanuro zigizwe n’abandi. Mu gihe uko ivyawe vyifashe gutumye bikugora gutohoza nya mayagwa mu buryo bunogangije, fata n’imiburiburi utunuta dukeyi kugira uronke iciyumviro ca rusangi ca nya makuru imbere y’uko ikoraniro rigirwa. Gukora ivyo bizogushoboza kwungukira vyinshi kuruta kuri ukwo guhanahana ijambo.

Kwumviriza ku Materaniro no ku Mahwaniro

Ku materaniro no ku mahwaniro, hashobora kubaho ibintu binarushirije kuba vyinshi bisamaza kuruta ku makoraniro y’ishengero. Ivyo birashobora gutuma ukwumviriza kuba urugamba rukomeye kuruta. Ni igiki gishobora kudufasha?

Ikintu kimwe gihambaye kibidufashamwo ni ukuronka akaruhuko gahagije mw’ijoro. Imbere y’uko nya porogarama itangura ku musi umwumwe wose, niwandike neza mu muzirikanyi umutwe-shimikiro. Nurabe umutwe w’insiguro imwimwe yose, hanyuma ugerageze kuba uriyumvira ibiza gushikirizwa. Nukoreshe neza Bibiliya yawe. Abantu benshi basanga kugira utwo banditse muri make twerekeye ingingo nkurunkuru bibafasha kugumiza imizirikanyi kuri porogarama. Nugire aho wanditse amacishabwenge uteganya kuzokurikiza mu buzima bwawe no mu busuku urangura. Nimuganire ku vyiyumviro bikeya igihe mugenda kw’iteraniro canke muvayo ku musi umwumwe wose. Ivyo bizogufasha kuzigama nya makuru.

Kumenyereza Abana Kwumviriza

Abavyeyi b’Abakirisu barashobora gufasha abana babo, eka n’impinja, gucika “inkerebutsi ku bw’ubukiriro” mu kubazana ku makoraniro y’ishengero, ku materaniro no ku mahwaniro. (2 Tim. 3:15, NW) Kubera ko abana batandukanye mu mero y’umuzirikanyi no ku rugero batega yompi, ugutegera kurakenewe igihe tubafasha kwiga no kwumviriza bateze yompi. Ushobora gusanga ivyiyumviro bikurikira ari ngirakamaro.

I muhira, nuringanize imyanya aho abana bawe batoyi bicara batekereje hanyuma bagasoma canke bakitegereza amashusho ari mu bisohokayandikiro vyacu vya gikirisu. Ku makoraniro, niwirinde guha ibikinisho abana batoyi vyo kubagumya. Nk’uko vyari muri Isirayeli ya kera, no muri iki gihe abana batoyi ni ho baba bari “kugira ngo bavyumve, bavyige.” (Gus. 31:12) Aho bibereye, abavyeyi bamwebamwe baraha n’abana batoyi cane amakopi yabo bwite y’ibisohokayandikiro biriko birarimburwa. Uko abana baza barakura gatoyi, nubafashe kwitegurira ugufatanya n’abandi mu maporogarama asaba abumviriza kuyagiramwo uruhara.

Ivyanditswe birahishura isano rya hafi riri hagati y’ukwumviriza Yehova n’ukumwumvira. Ivyo birashobora kubonerwa mu majambo Musa yabwiye ihanga rya Isirayeli ati: “Mbashize imbere ubu[zima] n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ubu[zima] . . . mukunde [“Yehova,” NW] Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata.” (Gus. 30:19, 20, ni twe tubihiritse.) Muri iki gihe, kwumviriza amacishabwenge Yehova atanga no kuyakurikiza twumvira mu buzima bwacu ni ntahara kugira ngo twemerwe n’Imana twongere turonke wa muhezagiro w’ubuzima budahera. Ese ukuntu bihambaye rero ko dukurikiza iyi nkeburo Yezu yatanze igira iti: “Mwiyubare uburyo mwumva”!—Luka 8:18.

UTWO WOGIRA NGO WUMVIRIZE BIMWE KIRUMARA

  • Nusabe Imana igufashe kugira ngo ushire ivyiyumviro vyawe kuri porogarama

  • Nugumize amaso yawe ku mushikirizansiguro

  • Igihe ivyanditswe bivuzwe, nubirondere muri Bibiliya yawe, hanyuma ukurikire

  • Nurondere intumbero y’insiguro

  • Niwishure mu bwenge ibibazo bibazwa; niwumvirize uvyitondeye insasanuro zitangwa

  • Nugire utwo wanditse dukeyi

  • Nukuremwo ivyiyumviro bikurubikuru uteganya ubwawe kuzokurikiza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika