ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be rup. 71-rup. 73 ing. 3
  • Kuganira Biciye mu Makete

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuganira Biciye mu Makete
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gushinga Intahe Ukoresheje Ikete
  • Tugire Ico Tuvuze ku Mero
  • Rikwiye Kwumvikana Neza
  • Ikete twokwisunga
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwandika amakete meza
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Udukuru twa Gitewokarasi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be rup. 71-rup. 73 ing. 3

Kuganira Biciye mu Makete

AMAKETE yararyohoye ubuzima n’inyifato vy’abantu amamiliyoni. Vyinshi mu bitabu vyo mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu mu ntango yari amakete. Muri iki gihe turashobora kwandika amakete kugira ngo dukomeze abaherutse kwizera, tugume duhanahana amakuru n’abagenzi, turemeshe abavukanyi n’abavukanyikazi baherutse gufata amabanga adasanzwe, dukomeze abari mu magume, twongere dutange amamenyeshwa akenewe kugira ngo imirimo y’ishengero yitwararikwe.—1 Tes. 1:1-7; 5:27; 2 Pet. 3:1, 2.

Kwandika amakete kandi ni uburyo kirumara bwo gushinga intahe. Mu turere tumwetumwe, abantu benshi baba mu mazu usanga azitiwe cane canke mu mahoteli y’ukubamwo igihe kirekire adashobora gukorerwamwo mu mwidegemvyo. Bamwe usanga kenshi bama kure y’i muhira, bigatuma tubabura igihe dushinga intahe inzu ku nzu. Abandi baba mu bibanza biri ukwa vyonyene.

Indwara, ikirere kibi canke itegeko ry’ukudacaruka rimwe na rimwe bishobora gutuma utava i muhira. Woba ushoboye kwandika ikete ryo kwongera gushingira intahe umuntu wo mu muryango canke umuntu mwaganiriye akaryo kizanye? Umwe mu batohoji bawe ba Bibiliya yoba yarimutse? Ikete wanditse ryoshobora kuba ari co kintu akeneye kugira agumane ugushimishwa n’ivy’impwemu. Canke urashobora kurabira hamwe n’abo muzinanyi baherutse kwubaka urwabo canke baherutse kwibaruka canke kubura ababo, amakuru abereye yo mu Vyanditswe.

Gushinga Intahe Ukoresheje Ikete

Igihe wandika kugira ngo ushinge intahe ku muntu mutarigera muhura, banza widondore. Woshobora gusigura yuko uriko ugira uruhara mu gikorwa co kw’isi yose gikorwa n’abavyishakiye. Nuvuge yuko uri umwe mu Vyabona vya Yehova nimba bibereye. Menyesha nya muntu igituma umwandikiye aho kumugendera ubwawe. Niwandike nk’aho woba uriko uramuganiriza amaso mu yandi. Mugabo, mu bijanye na rya tegeko ryo ‘kugira ubwenge nk’inzoka, tukamera nk’inuma ata karohe,’ nuzirikane cane ivyo womumenyesha bikwerekeye uko bingana.—Mat. 10:16.

Nushire muri nya kete ivyo wobwiye nya muntu iyo uba washoboye kumugendera. Woshobora gushiramwo intangamarara ukuye mu gitabu Comment raisonner canke ugakoresha inshikirizo ishingiye ku Vyanditwe ivuye mu nomero ya vuba y’Igikorwa Dukorera Ubwami. Woshobora kubaza ikibazo hanyuma ukaremesha nya muntu kuciyumvira. Abamamaji bamwebamwe basigura yuko dufise porogarama yo kwishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya ataco turihishije, maze bagaca bavuga imitwe y’ibiganiro iri mu vyo twifashisha mu kwiga. Ikete ry’indabirwako ryandikwa mu gushinga intahe riraboneka ku rupapuro rwa 73. Rishobora kuguha ivyiyumviro bikeyi, mugabo ni vyiza ko uhindura ivyo wewe woshiramwo. Ahandiho, mu nyuma abantu bohava baza bararonka iryo kete nyene kenshikenshi.

Abantu bamwebamwe baratinyatinya gusoma ikete rirerire rivuye ku muntu batazi. Vyoba rero biranga ubukerebutsi ugumije ikete ryawe ari rigufi. Sozera nya kete imbere y’uko ryorambira uwurisoma. Vyoba bibereye gushiramwo agakaratasi k’ubutumire bwo kuza ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Ushobora gushiramwo agapapuro, n’agatabu, canke inomero y’Umunara w’Inderetsi canke Réveillez-vous! hanyuma ugasigura yuko ivyo ashobora kuza arabironswa ubudahorereza nimba avyipfuza. Canke woshobora kumusaba ko womugendera i muhira iwe kugira uganire na we kandi gatoyi ku kibazo mwayaze.

Tugire Ico Tuvuze ku Mero

Uruzitiro ku rup. 73

Ubu na ho tereza akajisho kuri rya kete ry’indabirwako. Fata nka nkama ibikurikira: (1) Riraryoheye ijisho, ntirivangatiranije. (2) Naho ibahasha yorungikwa ahatari ho, uwuryakiriye azoba afise izina ry’uwarirungitse hamwe na aderese yiwe ya posita. (3) Intumbero ya nya kete ivuzwe mu buryo bworoheje kandi budomako mu ngingo ya mbere. (4) Iciyumviro nyamukuru kimwekimwe cose gishikirijwe mu ngingo iri ukwayo. (5) Uravye intumbero yaryo, nya kete si iripfuye uko ryanditswe, eka mbere ntiriri ku mategeko bimwe birenze urugero.

Mw’ikete rikurikije amategeko kuruta, nk’iryo umunyamabanga w’ishengero yoshobora kurungikira ibiro vy’ishami, izina rya nya shengero ryoshirwamwo hamwe n’izina ry’umunyamabanga ubwiwe, aderese yiwe ya posita, hamwe n’itariki. Izina hamwe na aderese vy’umuntu canke ishirahamwe ikete rirungikiwe na vyo nyene vyoboneka. Ivyo bikurikirwa n’indamukanyo ibereye. Mu gusozera ikete, mu ndimi zimwezimwe imvugo nk’iyi ngo “Yari jewe . . . ,” canke “Ndikebanuye” ziraboneka haruguru y’umukono. Nya mukono ubwawo ukwiye kuba ari uw’iminwe.

Mw’ikete iryo ari ryo ryose, niwitwararike gukoresha inyandiko ibereye y’amajambo, indimburo, utumenyetso two kuruhuka, eka nyene utibagiye n’ukuboneka neza kwaryo. Ubigenjeje gutyo bizotuma ikete ryawe hamwe n’ubutumwa burimwo biba ivya rupfasoni.

Inyuma kw’ibahasha, urama ushirako aderese inyishu yorungikwako—vyoba vyiza ushizeko aderese yawe ya posita. Nimba wumva ko bitoranga ubukerebutsi utanze aderese yawe bwite igihe ushinga intahe ukoresheje amakete ku bo utazi, nubaze abakurambere nimba bokwemera ko ukoresha aderese y’Ingoro y’Ubwami ikaba aderese inyishu yorungikwako. Aderese ya Sosiyete ntikwiye kwigera ikoreshwa ku bw’uwo mugambi, kuko ivyo vyoba vyerekanye mu buryo butabereye yuko ikete ryawe ryarungitswe rivuye ku biro vya Sosiyete, bigaca bituma haba ukuzazanirwa. Nimba ata aderese inyishu yorungikwako itanzwe kandi hakaba hashizwemwo n’igisohokayandikiro, ivyo na vyo nyene vyotanga iciyumviro kitari co yuko Sosiyete ari yo yarirungitse.

Raba neza yuko wahometseko amatembure akwiye, canecane nimba washizemwo igisohokayandikiro. Niwibuke ko mu bihugu vyinshi aho agatabu canke ikinyamakuru bishobora kuba vyashizwe mw’ikete, amahera arihwa kuri posita aruta ayasabwa kw’ikete ryonyene.

Rikwiye Kwumvikana Neza

Uhejeje kwandika ikete ryawe, nurisome wumve ibirimwo. Ryumvikana gute? Ryoba ryanditswe kigenzi rikabamwo n’ukwiyubara? Urukundo n’ubuntu biri muri kamere twihatira kugaragaza mu vyo tugirana n’abandi. (Gal. 5:22, 23) Nimba wumvisemwo akantu kabi canke k’ukwihebura, nuhindure uburyo bivuzwe.

Ikete rirashobora kuja ahantu wewe udashobora kuja. Ico conyene gituma riba igikoresho gihambaye ku bw’ubusuku. Kubera ko ikete ryawe riba ari iriguserukira wewe n’ico uri co, zirikana ivyo rivuga, ukuntu risa, hamwe n’ukuntu ryumvikana. Ushobora gusanga ritanze ikintu nyene cari gikenewe kugira utume ubugingo kanaka butangura kugendera mu nzira y’ubuzima, ubukomeze kandi uburemeshe muri iyo nzira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika