ICIGWA CA 12
Ibimenyetso vy’Umubiri, no mu Maso
ABANTU bo mu mico kama imwe usanga bagira ibimenyetso vy’umubiri borohewe kuruta abo mu yindi mihingo. Yamara, mu vy’ukuri umuntu wese usanga igihe avuga ahinduka mu maso, akagira n’ukuntu ashiramwo ibimenyetso vy’umubiri. Ivyo ni uko biri mu biyago tugirana n’abantu be n’iyo tuvugira imbere y’abantu.
Ibimenyetso vy’umubiri vyarizana kuri Yezu no ku bigishwa biwe bo mu ntango. Igihe kimwe sinzi umuntu yaje kubwira Yezu yuko nyina wiwe na benewabo bashaka kuvugana na we. Yezu yishuye ati: “Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde?” Maze Bibiliya yongerako iti: “Atunga urutoke abigishwa biwe, ati Ngaba mama na bene mama.” (Mat. 12:48, 49, ni twe tubihiritse.) Bibiliya irerekana no mu Vyakozwe 12:17 na 13:16 yuko intumwa Petero na Paulo na bo nyene bari abantu babangukiwe no gukoresha ibimenyetso vy’umubiri.
Ivyiyumviro hamwe n’inyiyumvo birashikirizwa hadakoreshejwe ijwi gusa, ahubwo kandi hakoreshejwe ibimenyetso vy’umubiri no mu maso. Iyo uwuriko aravuga ananiwe gukoresha neza ivyo, bishobora kwerekana neza yuko atanezwe ivyo ariko aravuga. Mugabo igihe ivyo bikoresho vy’ukuganira vyungikanijwe mu buryo buryoshe, insiguro irarushiriza kuba kirumara, kandi uburyohe bwayo bukongerekana. No mu gihe uvugira kuri telefone, ukoresheje neza ibimenyetso vy’umubiri be no mu maso, ijwi ryawe rizokworoherwa no kubigaragaza ata ngorane. Uzorushiriza kworoherwa no guserura akamaro k’ubutumwa ushikiriza hamwe n’inyiyumvo ubwawe ufise ku vyo uriko uravuga. Gutyo, waba uriko uvuga ataho ubisoma canke ukaba uriko urasoma, abakwumviriza baba bariko barakuraba canke baraba muri Bibiliya zabo, ibimenyetso vy’umubiri hamwe no mu maso biri n’akamaro.
Ibimenyetso vyawe vy’umubiri no mu maso ntibikwiye gutorwa mu gitabu. Ntiwigeze wiga gutwenga canke gushavura. Ibimenyetso vy’umubiri bikwiye kandi guserura inyiyumvo zikurimwo. Uko ibimenyetso vyawe vy’umubiri birushiriza kuza birizana, ni ko ibintu bizorushiriza kugenda neza.
Muri rusangi ibimenyetso vy’umubiri biri mu migwi ibiri: ibidondora n’ibishimika. Ibimenyetso vyo kudondora biserura igikorwa canke bikerekana uko ikintu kingana n’aho kiri. Mw’ishure, igihe ukorera kw’inuta ry’ibimenyetso vy’umubiri, ntukitwararike kimwe canke bibiri gusa. Gerageza kugira ibimenyetso vy’umubiri mu buryo busanzwe mu nsiguro yawe yose. Nimba ivyo bikugora kugira, hari aho wofashwa no kurondera amajambo yerekana iyerekero, uburebure, ubunini bw’ikintu, aho ikintu kiri, canke urutonde ibintu birimwo. Kenshi ariko, ico ukeneye kugira gusa ni ukwinjira wese muri iyo nsiguro, utitwararika uko bakubona, mugabo ugire ibintu nk’uko wobigira mu buzima bwa misi yose. Igihe umutima uba uri hamwe, ibimenyetso vy’umubiri birizana.
Ibimenyetso vyo gushimika biraserura inyiyumvo n’ubujijutsi. Birashiramwo akaruhuko, inguvu, eka bigashimangira ivyiyumviro. Ibimenyetso vyo gushimika birahambaye. Mugabo uragaba! Ibimenyetso vyo gushimika birashobora gucika utuntu tw’akamenyero bitagoranye. Nimba wama ukoresha ikimenyetso kimwe kikaba ari co uza urasubiramwo, gishobora gutangura gukwegera ivyiyumviro vy’abantu aho kwongereza agaciro k’insiguro yawe. Nimba umucungezi wawe w’ishure akweretse yuko ufise iyo ngorane, nugerageze kumara igihe ugarukiriza ku bimenyetso vyo kudondora vyonyene. Haciye igihe, nutangure kwongera gukoresha ibimenyetso vyo gushimika.
Mu kumenya urugero ukwiye kugezako mu gukoresha ibimenyetso vyo gushimika hamwe n’ubwoko bw’ibimenyetso bibereye, nurimbure inyiyumvo z’abo uriko urabwira. Kuza uratunga urutoke abakwumviriza vyohava bituma bumva bamerewe nabi. Mu mico kama imwimwe, nka hamwe umugabo yogira ibimenyetso vy’umubiri nk’ugushira ukuboko ku munwa kugira ngo yerekane ko aguye mu gahundwe, vyoshobora kubonwa nk’aho ari ivy’abagore. Mu mihingo imwimwe y’isi, umugore agize ibimenyetso vy’umubiri n’amaboko nk’uko avyiyumvamwo, bishobora kubonwa nk’ukubura urupfasoni. Muri iyo mihingo rero, abavukanyikazi bakeneye canecane gutorera akoyoko ku gukoresha ibimenyetso vyo mu maso. Kandi imbere y’umugwi munini w’abantu ibimenyetso vy’umubiri vyo gukavya vyoshobora kubonwa nk’aho ari ivyo gutwenza mu mihingo iyo ari yo yose y’isi.
Uko ugenda uraca uruma kandi ukarushiriza kworoherwa uriko uravuga, ibimenyetso vyo gushimika vyose ukoresha bizoserura inyiyumvo zikurimwo ata guhata, vyerekane yuko wajijutse be n’uko uvuga ibiva ku mutima. Bizotuma insiguro yawe irushiriza kugira agaciro.
Mu Maso Hawe. Mu maso hawe ni ho kenshi herekana ukuntu wiyumva vy’ukuri kuruta ikindi gihimba ico ari co cose c’umubiri. Amaso yawe, ukuntu ugira umunwa wawe, impengamo y’umutwe wawe, ivyo vyose birarangura uruhara. Ata n’ijambo rivuzwe, mu maso hawe harashobora kwerekana ko utabinezwe, ko usesemwe, uzazaniwe, ujorewe, canke uhimbawe. Igihe mu maso hawe hajana n’ivyo uvuga, birumvikanisha iciyumviro bigashiramwo n’akanyengetera. Umuremyi yarashize imitsi myinshi mu maso hawe. Iyo mitsi yose hamwe irarenga 30. Nk’ica kabiri cayo kirakora iyo umwenyuye.
Waba uri ku mukiruruko canke ukaba uriko ugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro, uriko urihatira gushikiriza abantu ubutumwa buryoshe, bumwe bushobora gutuma imitima yabo inezerwa. Ivyo biremezwa n’iyo umwenyuranye igishika. Ku rundi ruhande, mu gihe mu maso hawe ataco herekana, ivyo bishobora gutuma abantu bakekeranya yuko woba uvuga ibitari ku mutima.
Ikiruta ivyo, iyo umwenyuye birereka abandi yuko ufise agatima keza. Ivyo birahambaye canecane muri iyi misi aho abantu kenshi usanga batinya abo batazi. Umwenyuye birashobora gufasha abantu kwumva bamerewe neza kandi bakarushiriza kwakira ivyo uriko uravuga.