ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 14 rup. 128-135
  • Yehova Arongora Gute Ishirahamwe Ryiwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Arongora Gute Ishirahamwe Ryiwe?
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nya Gihimba Kiboneka Ico Ari Co
  • Ritunganijwe mu Buryo bwa Gitewokarasi
  • Yehova Arongōra Ate Ishirahamwe Ryiwe?
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ishirahamwe ry’Imana Riboneka
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Nugume Ata Nkomanzi mw’Ishirahamwe ry’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Tube intahemuka kuri Kristu no kuri wa mushumba wiwe wo kwizigirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 14 rup. 128-135

Ikigabane ca Cumi na Kane

Yehova Arongora Gute Ishirahamwe Ryiwe?

1. Ni amakuru ayahe yerekeye ishirahamwe rya Yehova Bibiliya itanga, kandi ni kuki ahambaye kuri twebwe?

IMANA yoba ifise ishirahamwe? Ivyanditswe vyahumetswe bitubwira yuko irifise. Mw’Ijambo ryayo, iratwereka gatoyi igihimba co mw’ijuru giteye ubwoba c’iryo shirahamwe. (Ezekiyeli 1:1, 4-14; Daniyeli 7:9, 10, 13, 14) Naho tudashobora kubona ico gihimba caryo kitaboneka, kiri n’ico gikora kinini ku basenga b’ukuri muri iki gihe. (2 Abami 6:15-17) Ishirahamwe rya Yehova kandi rirafise igihimba kiboneka kw’isi. Bibiliya iradufasha gutahura nya gihimba ico ari co be n’ukuntu Yehova akirongora.

Nya Gihimba Kiboneka Ico Ari Co

2. Ni ishengero rishasha irihe Imana yashizeho?

2 Ihanga rya Isirayeli ryaramaze imyaka 1.545 ari ishengero ry’Imana. (Ivyakozwe 7:38) Mugabo Isirayeli yarananiwe kugumya amategeko y’Imana, yongera iriyamiriza Umwana wayo bwite. Ico vyavuyemwo, ni uko Yehova yaciye yanka iryo shengero, ararita. Yezu yabwiye Abayuda ati: “Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka.” (Matayo 23:38) Imana yaciye rero ishiraho ishengero rishasha, ari na ryo bagiraniye isezerano rishasha. Iryo shengero ryogizwe n’abantu 144.000 batoranijwe n’Imana ngo bazobe hamwe n’Umwana wiwe mw’ijuru.—Ivyahishuriwe 14:1-4.

3. Ni ibiki vyabaye kuri Pentekote yo mu 33 G.C. cabaye ikimenyamenya gitomoye c’uko Imana ico gihe yariko ikoresha ishengero rishasha?

3 Aba mbere muri iryo shengero rishasha basizwe impwemu yera ya Yehova kuri Pentekote yo mu 33 G.C. Ku vyerekeye ico kintu gihambaye cabaye, dusoma ibi: “Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe; haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’umuriro; bibajak’umwe-umwe. Bose buzuzwa [im]pwemu [y]era, batangura kuvuga izindi ndimi, uko [im]pwemu [i]bahaye kuzivuga.” (Ivyakozwe 2:1-4) Gutyo impwemu y’Imana yaratanze ikimenyamenya gitomoye c’uko uwo wari wo mugwi w’abantu Imana yokoresheje urongowe na Yezu Kirisitu mw’ijuru, mu gushitsa umugambi wayo.

4. Ni bande muri iki gihe bagize ishirahamwe rya Yehova riboneka?

4 Muri iki gihe, amasigarira gusa ya bamwe 144.000 ni bo bari kw’isi. Mugabo mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya, “ishengero ryinshi” ry’ “izindi ntama,” ubu rikaba riharurwa mu mamiliyoni, ryashizwe hamwe n’amasigarira y’abasizwe. Yezu we Mwungere Mwiza yarashize hamwe izo zindi ntama n’amasigarira, kugira ngo bagire umukuku umwe urongowe n’Umwungere wabo umwe. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:11, 16) Abo bose bagize ishengero rimwe, ari ryo shirahamwe rya Yehova riboneka.

Ritunganijwe mu Buryo bwa Gitewokarasi

5. Ni nde arongoye ishirahamwe ry’Imana, kandi arirongoye gute?

5 Imvugo Ivyanditswe bikoresha ngo “[i]shengero ry’Imana nzima” irerekana uwurirongoye uwo ari we. Nya shirahamwe ni irya gitewokarasi, ni ukuvuga ko rirongowe n’Imana. Yehova aratanga ubuyobozi ku bw’abantu biwe biciye kuri Yezu, umwe yagena ngo abe Umutwe w’ishengero utaboneka, biciye kandi kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe ari ryo Bibiliya.—1 Timoteyo 3:14, 15; Abanyefeso 1:22, 23; 2 Timoteyo 3:16, 17.

6. (a) Mu kinjana ca mbere vyagaragaye gute yuko ubuyobozi bw’ishengero buva mw’ijuru? (b) Ni ibiki vyerekana yuko Yezu akiri Umutwe w’ishengero?

6 Ubwo burongozi bwaribonekeje cane kuri Pentekote. (Ivyakozwe 2:14-18, 32, 33) Bwaragaragaye igihe umumarayika wa Yehova yarongora ikwiragizwa ry’inkuru nziza ngo ije muri Afirika, igihe ijwi rya Yezu ryatanga ubuyobozi ca gihe uwitwa Sauli w’i Taruso yahinduka, be na hamwe Petero yatangura igikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu Banyamahanga. (Ivyakozwe 8:26, 27; 9:3-7; 10:9-16, 19-22) Mugabo mu nyuma, nta yandi majwi yumvikanye avuye mw’ijuru, nta bandi bamarayika basubiye kubonwa, nta zindi ngabirano z’impwemu zasubiye gutangwa. Yamara, Yezu yari yasezeranye ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.” (Matayo 28:20; 1 Ab’i Korinto 13:8) Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova baremera icese ubuyobozi bwa Yezu. Ubwo butahari, imenyekanishwa ry’ubutumwa bw’Ubwami ntiryoshoboka mu gihe duhura n’urwanko rukaze.

7. (a) Ni bande bagize “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” kandi kuki? (b) Ni igikorwa ikihe uwo “mushumba” yashinzwe?

7 Imbere gatoyi y’uko apfa, Yezu yarabwiye abigishwa biwe ivy’ “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” Shebuja yoshinze amabanga adasanzwe. Uwo “mushumba” yobaye ari ho ari igihe Umukama yagenda mw’ijuru, kandi yobaye agikora cane igihe Kirisitu yogarukiye mu buryo butaboneka mu bubasha bw’Ubwami. Mwene iyo ndondoro ntiyoshobora kuba ibereye ku muntu umwe, mugabo irabereye koko ishengero rya Kirisitu rigizwe n’abasizwe. Kubera ko yariguze amaraso yiwe, Yezu yavuze ko iryo ari “umushumba” wiwe. Abarigize yabashinze guhindura abantu abigishwa no kubagaburira intambwe ku yindi, bakabaha “imfungurwa [zo mu vy’impwemu] zabo ku gihe kibereye.”—Matayo 24:45-47, NW; 28:19; Yesaya 43:10; Luka 12:42; 1 Petero 4:10.

8. (a) Ni amabanga ayahe umugwi wa wa mushumba ufise ubu? (b) Ni kuki ukuntu twakira amabwirizwa turonka biciye ku muhora w’Imana bihambaye?

8 Kubera ko abagize umugwi w’uyo mushumba bariko barakora igikorwa ca Shebuja badahemuka igihe yagaruka mu buryo butaboneka mu 1914, hariho ibimenyamenya vy’uko ryashinzwe amabanga yiyongereye mu 1919. Imyaka yahaciye kuva ico gihe yabaye igihe c’ugushingira intahe Ubwami kuri uyu mubumbe wose, kandi ishengero ryinshi ry’abasenga Yehova ririko riratororokanywa kugira ngo rizoshobore kuzigurizwa muri ya marushwa ahambaye. (Matayo 24:14, 21, 22; Ivyahishuriwe 7:9, 10) Abo na bo nyene barakeneye imfungurwa zo mu vy’impwemu, kandi bazigaburirwa n’umugwi wa nya mushumba. Kugira ngo duhimbare Yehova, dukeneye rero kwemera amabwirizwa atanga biciye kuri uwo muhora kandi tukayisunga.

9, 10. (a) Mu kinjana ca mbere, ni indinganizo iyihe yari ihari ku bwo gutorera umuti ibibazo bijanye n’inyigisho be no gutanga ubuyobozi ku vy’ukwamamaza inkuru nziza? (b) Ni indinganizo iyihe ihari muri iki gihe ku bwo kuyobora ibikorwa vy’abasavyi ba Yehova?

9 Rimwe na rimwe, haravyuka ibibazo ku bijanye n’inyigisho be n’uburyo ibintu bikorwa. None haca hakorwa iki? Mu Vyakozwe ikigabane ca 15 haratubwira ukuntu hatorewe umuti ikibazo cerekeye Abanyamahanga bari bahindutse. Ico kibazo cashikirijwe intumwa be n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu, ari na bo bakora bwa nama nyobozi ihagarikiye ibintu. Abo bagabo ntibari bamutihenda, mugabo Imana yarabakoresheje. Bararimbuye ivyanditswe mu kwihweza ico kibazo, baranaraba ikimenyamenya c’ukuntu impwemu y’Imana yakoze mu kwugurura indimiro yarimwo Abanyamahanga. Maze barafashe ingingo. Imana yarahezagiye iyo ndinganizo. (Ivyakozwe 15:1-29; 16:4, 5) Uwo mugwi wari uhagarikiye ibintu waratuma abantu kuja ahantu guteza imbere iyamamazwa ry’Ubwami.

10 Muri iki gihe turimwo, Inama Nyobozi y’ishirahamwe rya Yehova riboneka igizwe n’abavukanyi basizwe impwemu, bava mu bihugu bitandukanye, ikaba iri ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova. Inama Nyobozi iyobowe na Yezu Kirisitu, irateza imbere ugusenga gutyoroye mu gihugu ico ari co cose, ikayobora ibikorwa bijanye n’iyamamazwa birangurwa n’Ivyabona vya Yehova mu mashengero yabo ibihumbi mirongo. Abagize Inama Nyobozi babona ibintu nka kumwe kw’intumwa Paulo, uwandikiye Abakirisu bagenziwe ati: “S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ukwizera ari kwo muhagazemwo.”—2 Ab’i Korinto 1:24.

11. (a) Abakurambere n’abakozi b’ishengero bagenwa gute? (b) Ni kuki dukwiye gusenyera ku mugozi umwe n’abagenwa?

11 Ivyabona vya Yehova kw’isi yose bitura Inama Nyobozi ngo abe ari yo irobanura abavukanyi bakwije ibisabwa, bano na bo bagaheza bagahabwa ububasha bwo kugena abakurambere n’abakozi b’ishengero kugira ngo bitwararike amashengero. Ibisabwa ku bagenwa biravugwa muri Bibiliya, ntivyirengagiza kandi yuko abo bagabo atari abatagira agasembwa be n’uko bakora amakosa. Abakurambere barata abo bagabo hamwe n’ababagena, bikoreye ibanga riremereye imbere y’Imana. (1 Timoteyo 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9) Ni co gituma batura amasengesho basaba ko impwemu y’Imana ibafasha, vyongeye bakarondera ubuyobozi buva mw’Ijambo ryayo ryahumetswe. (Ivyakozwe 6:2-4, 6; 14:23) Nimuze twerekane ko dukenguruka abo [“bantu b’ingabirano,” NW] bo badufasha twese gushikira “ubumwe buva ku kwizera.”—Abanyefeso 4:8, 11-16.

12. Yehova akoresha gute abagore mu ndinganizo ya gitewokarasi?

12 Ivyanditswe bitegeka yuko ubucungezi mw’ishengero bushingwa abantu b’abagabo. Ivyo ntibishira hasi abagore, kuko bamwebamwe muri bo ari ba samuragwa b’Ubwami bwo mw’ijuru, kandi bakaba bakora vyinshi mu kwamamaza inkuru nziza. (Zaburi 68:11) Si ivyo gusa, mu kwitwararika amabanga bajejwe mu ngo zabo, abagore baraterera agacumu k’ubumwe ku kugira ngo ishengero rigire izina ryiza. (Tito 2:3-5) Mugabo ivy’ukwigisha mw’ishengero birabwa n’abagabo bagenwa ku bw’ico gikorwa.—1 Timoteyo 2:12, 13.

13. (a) Bibiliya iremesha abakurambere ko bobona ibintu gute ku biraba ikibanza barimwo? (b) Ni agateka akahe twese dushobora guterwa?

13 Mw’isi, umuntu ari mu kibanza gihambaye c’amabanga abonwa nk’uwuhambaye, mugabo mw’ishirahamwe ry’Imana ingingo ngenderwako ni iyi: “[Uwifata r]uto muri mwebge hanyuma ya mwese [ni] we mukuru.” (Luka 9:46-48; 22:24-26) Ivyanditswe bihanura abakurambere kwiyubara kugira ngo ntibatwaze amanyama abantu b’intoranwa y’Imana, ahubwo ko bobera uturorero ubusho. (1 Petero 5:2, 3) Abatewe agateka ko guserukira Segaba w’ijuru n’isi si abantu b’inkehwa barobanuwe, ahubwo ni Ivyabona vya Yehova bose, abagabo n’abagore, bakaba bavuga bicishije bugufi mw’izina ryiwe kandi bakabwira abantu ivy’Ubwami bwiwe ahantu hose.

14. Ukoresheje ivyanditswe vyatanzwe, niwihweze ibibazo bitondetswe mu mpera y’ingingo.

14 Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba vy’ukuri nkenguruka ukuntu Yehova ariko ararongora ishirahamwe ryiwe riboneka? Mbega inyifato yanje, imvugo yanje be n’ibikorwa nkora vyoba bivyerekana?’ Kuzirikana ku vyiyumviro bikurikira birashobora gufasha umwumwe wese muri twebwe kwisuzuma muri ubwo buryo.

Nimba vy’ukuri jewe nyobokera Kirisitu nka we Mutwe w’ishengero, nk’uko vyerekanwa mu vyanditswe bikurikira, nzoheza rero nkore iki? (Matayo 24:14; 28:19, 20; Yohana 13:34, 35)

Igihe nakirana ugukenguruka intunganyo zo mu vy’impwemu ziza zivuye ku mugwi wa wa mushumba no ku Nama Nyobozi yiwe, nzoba ndiko ngaragariza icubahiro nde? (Luka 10:16)

Umwumwe wese mw’ishengero, na canecane abakurambere, akwiye gufata abandi gute? (Abaroma 12:10)

15. (a) Biciye ku kuntu tubona ishirahamwe rya Yehova riboneka, ni igiki tuba twerekanye? (b) Ni uturyo utuhe tuhari two kugaragaza ko Shetani ari umwangushi no kunezereza umutima wa Yehova?

15 Yehova ariko araturongora muri iki gihe akoresheje ishirahamwe ryiwe riboneka rirongowe na Kirisitu. Ukuntu tubona iyo ndinganizo birerekana ingene twiyumva ku vyerekeye ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza. (Abaheburayo 13:17) Shetani aharira avuga yuko ikituraje ishinga kuruta ibindi ari ivyacu. Mugabo mu gihe dukoreye Imana mu buryo ubwo ari bwo bwose bukenewe kandi tukirinda gukwegera ivyiyumviro kuri twebwe nyene atari ngombwa, tuba tugaragaje yuko Shetani ari umwangushi. Nimba dukunda kandi tukubaha abatuja imbere ariko tukanka ‘kwubahira abantu kubakuramwo amaronko,’ tuzotuma Yehova anezerwa. (Yuda 16; Abaheburayo 13:7) Tubaye abizigirwa kw’ishirahamwe rya Yehova, tuzoba twerekanye yuko Yehova ari we Mana yacu, tube kandi twerekanye ko twunze ubumwe mu kumusenga.—1 Ab’i Korinto 15:58.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Ishirahamwe rya Yehova riboneka ni iki muri iki gihe? Intumbero yaryo ni iyihe?

• Ni nde yagenywe ngo abe Umutwe w’ishengero, kandi aduha ubuyobozi bwuzuye urukundo abicishije ku ndinganizo ziboneka izihe?

• Ni udutima twiza utuhe dukwiye gutsimbataza ku biraba abari mw’ishirahamwe rya Yehova?

[Amafoto ku rup. 133]

Yehova aratuyobora akoresheje ishirahamwe ryiwe riboneka rirongowe na Kirisitu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika