ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 1 rup. 10-15
  • Igituma Yezu yari Umwigisha Ahambaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma Yezu yari Umwigisha Ahambaye
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Wa Mwigisha Ahambaye yarakorera abandi bantu
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Niwumvirize ijwi rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 1 rup. 10-15

Ikigabane ca 1

Igituma Yezu yari Umwigisha Ahambaye

HARACIYE imyaka irenga ibihumbi bibiri havutse umwana adasanzwe, arakura hanyuma acika umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose. Muri ico gihe nta bantu bari bafise indege canke imiduga. Ibintu nk’amateleviziyo, amaradiyo n’amatelefone, nta vyariho.

Nya mwana bamwise Yezu. Yacitse umuntu azi ubwenge kuruta abigeze kubaho kw’isi bose. Yezu yacitse kandi umwigisha mwiza kuruta bose. Yarashobora gusigura ibintu bigoye mu buryo bwatuma vyoroha kwumva.

Yezu yarigisha abantu ahantu hose abasanze. Yarabigishiriza ku nkengera y’ikiyaga no mu bwato. Yarabigishiriza mu mazu babamwo, no mu gihe yaba ari ku rugendo. Yezu nta muduga yari afise, eka mbere ntiyagendera mw’ibisi canke mw’igariyamoshi. Yezu yaragenda ava ahantu aja ahandi, yigisha abantu.

Turigira ibintu vyinshi ku bandi bantu. Mugabo turashobora kwigira ibintu bihambaye kuruta ibindi vyose kuri wa Mwigisha Ahambaye, ari we Yezu. Muri Bibiliya ni ho dusanga amajambo Yezu yavuze. Igihe twumva ayo majambo muri Bibiliya, ni nk’aho ari Yezu ubwiwe yoba ariko aratuganiriza.

Ni kubera iki Yezu yari Umwigisha Ahambaye gutyo? Imvo imwe ni uko Yezu ubwiwe yari yarigishijwe. Vyongeye, yari azi ingene kwumviriza bihambaye. Ariko none Yezu yumviriza nde? Ni nde yamwigishije?— Se wiwe ni we yamwigishije. Uwo Se wa Yezu ni Imana.

Imbere y’uko Yezu aza kw’isi ari umuntu nkatwe, yaba mw’ijuru ari kumwe n’Imana. Yezu rero yari atandukanye n’abandi bantu, kubera yuko ata wundi muntu yabanje kuba mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi. Mw’ijuru Yezu yari Umwana mwiza, umwana yumvira Se wiwe. Ni co catumye Yezu ashobora kwigisha abantu ivyo yari yarigiye ku Mana. Urashobora rero kwigana Yezu, mu kwumvira so wawe na nyoko wawe.

Iyindi mvo yatumye Yezu aba Umwigisha Ahambaye, ni uko yakunda abantu. Yashaka gufasha abantu kwiga ivyerekeye Imana. Yezu yarakunda abakuze, mugabo agakunda n’abana. Kandi abana barashima kuba bari kumwe na Yezu, kubera ko yabaganiriza kandi akabatega amatwi.

Ni kubera iki wasanga abana bashima kuba bari kumwe na Yezu?

Umusi umwe, hari abavyeyi bazanye abana babo batoyi kuri Yezu. Mugabo abagenzi b’uwo Mwigisha Ahambaye, biyumviriye yuko yari afise vyinshi akora ku buryo atari kuronka umwanya wo kuganiriza abana batoyi. Baciye bababwira ngo bahave bagende. Ariko none Yezu yavuze iki?— Yezu yavuze ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze”. Ni vyo, Yezu yashaka ko abana batoyi baza kuri we. Naho rero Yezu yari umuntu w’inkerebutsi cane akaba n’umuntu ahambaye cane, yarafata umwanya wo kwigisha abana batoyi.—Mariko 10:13, 14.

Woba uzi igituma Yezu yigisha abana kandi akabatega amatwi? Imvo imwe ni uko yashaka kubanezereza, mu kubabwira ibintu vyerekeye Imana, ari yo Se wiwe wo mw’ijuru. None wewe ushobora gute kunezereza abantu?— Ni mu kubabwira ibintu umaze kumenya vyerekeye Imana.

Igihe kimwe, Yezu yarakoresheje umwana mutoyi mu kwigisha abagenzi biwe icigwa gihambaye. Yafashe nya mwana, amuhagarika hagati y’abigishwa biwe. Maze Yezu yavuze yuko abo bantu bakuze bategerezwa guhindura ukuntu bifata, bagacika nk’uwo mwana mutoyi.

Ni icigwa ikihe abana bakuze be n’abageze mu bigero bashobora gukura ku mwana mutoyi?

None Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ivyo? Woba uzi ingene umuntu akuze, canke mbere umwana ageze mu bigero akwiye gucika nk’umwana mutoyi?— Urumva, umwana mutoyi ntaba azi ibintu bingana n’ivyo umuntu akuze azi, kandi aba afise umutima ukunze wo kwiga. Yezu rero yariko avuga yuko abigishwa biwe bakeneye kwicisha bugufi, nka kurya kw’abana batoyi. Egome, twese turashobora kwigira ibintu vyinshi ku bandi bantu. Kandi dukwiye twese kubona yuko inyigisho za Yezu zihambaye kuruta ivyiyumviro vyacu bwite.—Matayo 18:1-5.

Iyindi mvo yatumye Yezu aba Umwigisha Ahambaye gutyo, ni uko yari azi uburyo bwo gutuma ibintu biba ibishimisha abantu. Yasigura ibintu mu buryo bworoshe kandi butomoye. Yaravuga ivy’inyoni n’amashurwe be n’ibindi bintu bisanzwe, mu gufasha abantu gutahura ivyerekeye Imana.

Umusi umwe, igihe Yezu yari ahantu ku musozi, abantu benshi baraje kuri we. Yezu yaricaye hanyuma abashikiriza insiguro, nk’uko ubibona ngaha. Iyo nsiguro yitwa Insiguro yo ku Musozi. Yavuze ati: ‘Raba inyoni zo mu kirere. Ntizibiba imbuto. Ntizimburira ivyo kurya mu bigega. Mugabo Imana yo mw’ijuru irazigaburira. None mwebwe ntimufise agaciro kuruta inyoni?’.

Ni ikihe cigwa Yezu yariko aratanga igihe yavuga ivy’inyoni n’amashurwe?

Yezu yavuze kandi ati: ‘Rabira ku mashurwe yo ku misozi. Arakura atarinze gukora. Kandi raba ingene ari meza! Mbere na wa Mwami w’umutunzi Salomo ntiyari yambaye neza kuruta amashurwe yo ku misozi. Nimba none Imana ibungabunga amashurwe akura, none mwebwe ntizobabungabunga?’.—Matayo 6:25-33.

Woba wumvise icigwa Yezu yariko aratanga?— Ntiyashaka ko duhagarika umutima twibaza iyo tuzokura ivyo kurya, canke impuzu zo kwambara. Imana irazi yuko ivyo bintu vyose tubikeneye. Yezu ntiyavuze yuko tudakwiye gukora kugira ngo turonke ivyo kurya be n’ivyo kwambara. Mugabo yavuze yuko dukwiye gushira Imana mu kibanza ca mbere. Ivyo tubigize, Imana izokwitwararika kuturonsa ivyo turya be n’ivyo twambara. None ivyo wewe uravyemera?—

Yezu ahejeje kuvuga, abantu biyumviriye iki?— Bibiliya ivuga yuko batangajwe n’ingene yigisha. Kumwumviriza vyari bihimbaye. Ivyo yavuga vyarafasha abantu gukora ivyiza.—Matayo 7:28.

Birahambaye cane rero yuko twigira kuri Yezu. None urazi ingene dushobora kwigira kuri we?— Urumva, ivyo yavuze turafise aho vyanditse mu gitabu. None ico gitabu wewe urakizi?— Ni Bibiliya Nyeranda. Ivyo bisobanura ko dushobora gutega amatwi Yezu mu kwitwararika ibintu dusoma muri Bibiliya. Mu vy’ukuri Bibiliya irimwo inkuru ziryoshe, z’ingene Imana ubwayo yatubwiye gutega amatwi Yezu. Reka turabe ingene vyagenze.

Umusi umwe Yezu yatoye batatu muri bagenziwe, abajana hejuru ku musozi. Umwe yitwa Yakobo, uwundi Yohani, uwundi na we akitwa Petero. Turaza kumenya ibindi vyinshi kuri bo mu nyuma, kubera yuko abo bose uko ari batatu bari abagenzi somambike ba Yezu. Mugabo kuri ico gihe kidasanzwe, bagiye babona mu maso ha Yezu hatangura gukayangana cane. Impuzu ziwe na zo zica ibibatsi nk’umuco, nk’uko ubibona ngaho.

‘Uyu ni Umwana wanje . . . nimumutege amatwi’

Hanyuma y’ivyo, Yezu n’abo bagenziwe barumvise ijwi riva mw’ijuru. Nya jwi ryavuga riti: ‘Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nkamushima. Nimumutege amatwi’ (Matayo 17:1-5). Iryo jwi ryari irya nde?— Ryari ijwi ry’Imana! Egome, Imana ni yo yari ivuze yuko bakwiye gutega amatwi Umwana wayo.

Tuvuge iki kuri twebwe muri iki gihe? Twoba tuzokwumvira Imana twongere dutege amatwi Umwana wayo, ari we Mwigisha Ahambaye?— Ivyo ni vyo twese dukeneye gukora. Woba uzi ingene ivyo dushobora kubigira?—

Egome, turashobora gutega amatwi Umwana w’Imana mu gusoma inkuru zo muri Bibiliya zivuga ubuzima bwiwe. Hariho ibintu vyinshi vyiza cane wa Mwigisha Ahambaye ashaka kutubwira. Uzoryoherwa mu kwiga ivyo bintu vyanditswe muri Bibiliya. Kandi, bizokuzanira agahimbare niwabwira abagenzi bawe ibintu vyiza uriko uriga.

Kugira ngo uronke ibindi vyiyumviro vyiza vyerekeye ivyiza biva mu gutega amatwi Yezu, zingurura Bibiliya yawe usome muri Yohana 3:16; 8:28-30; no mu Vyakozwe n’Intumwa 4:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika