Ikigabane ca 15
Icigwa ku vyerekeye kugira umutima mwiza
WOBA uzi kwinubana ico ari co?— Urumva, ukwinubana ni ukudakunda umuntu kubera gusa ko mushobora kuba mutameze kumwe canke akaba avuga urundi rurimi. Ukwinuba umuntu rero ni ukumwibaza nabi canke ukamwiyumvirako ibitari vyo imbere y’uko umumenya vy’ukuri.
Woba wiyumvira ko ari vyiza kwanka umuntu imbere y’uko umenya vy’ukuri uwo ari we, canke kubera gusa ko mutameze kumwe?— Oya, kwinubana si vyiza, kandi ntibiranga umutima mwiza. Ntidukwiye kugirira umuntu umutima mubi ngo ni uko gusa ashobora kuba atameze nkatwe.
Iyumvire. Woba uzi umuntu afise ibara ry’urukoba ridasa n’ibara ry’urukoba rwawe, canke avuga ururimi rutandukanye n’urwo wewe uvuga?— Kumbure urazi n’abantu basa ukundi kubera ko bakomeretse canke barwaye. Woba ugira umutima mwiza ugakunda abantu batandukanye nawe?—
Dukwiye gufata gute abantu batameze nkatwe?
Nimba dutega amatwi wa Mwigisha Ahambaye ari we Yezu Kirisitu, turagirira umutima mwiza bose. Nta co bikwiye guhindura kuri twebwe ngo ni uko umuntu ava mu gihugu kinaka canke ngo ni uko ari uw’ibara rinaka ry’urukoba. Dukwiye kumugirira umutima mwiza. Naho ivyo atari vyo abantu bose bemera, ni icigwa Yezu yigishije. Reka tubiganire.
Umuyuda yinuba abandi yaraje kuri Yezu maze amubaza ati: ‘Nokora iki kugira ngo nze mbeho ibihe bidahera?’. Yezu yari azi yuko uwo mugabo kumbure yariko agerageza kuraba ko yovuga ko dukwiye kugirira gusa umutima mwiza abantu dusangiye ubwoko canke abo tuva mu gihugu kimwe. Nuko, aho kugira ngo Yezu ubwiwe yishure ico kibazo, abaza nya mugabo ati: ‘Amategeko y’Imana avuga ko dutegerezwa gukora iki?’.
Nya mugabo yishuye ati: ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda’. Yezu avuga ati: ‘Wishuye neza. Guma ukora ivyo, ni ho uzoronka ubuzima budahera’.
Ariko rero, nya mugabo ntiyashaka kugirira umutima mwiza canke gukunda abantu batandukanye na we. Ni ho yaca agerageza kwisigura. Abaza Yezu ati: “Mbega mugenzanje ni nde?”. Ashobora kuba yashaka ko Yezu avuga ati: “Bagenzawe ni barya mukundana”, canke ati: “Ni abantu musa”. Mu kwishura ico kibazo, Yezu yiganye inkuru yerekeye Umuyuda n’Umusamariya. Ng’uku uko vyagenze.
Umugabo umwe yariko aramanuka mu nzira avuye mu gisagara ca Yeruzalemu aja i Yeriko. Uwo mugabo yari Umuyuda. Ariko aragenda, abambuzi baramufata. Bamukubita hasi hanyuma bamutwara amahera bongera bamutwara n’ivyambarwa. Nya bambuzi baramukubise baramunoza, bamusiga iruhande y’inzira ari mu gupfa.
Haciye akanya, umuherezi aca muri iyo nzira. Abona nya mugabo yakomeretse cane. Wewe wari gukora iki?— Emwe, nya muherezi yarirenganiye aca ku rundi ruhande rw’inzira. No guhagarara ntiyahagaze. Nta kintu na kimwe yakoze ngo afashe uwo mugabo.
Maze uwundi muntu vyitwa ko akunda Imana cane aca muri nya nzira. Yari Umulewi yakorera ku rusengero i Yeruzalemu. Mbega we yoba yarahagaze ngo amufashe?— Oya. Yagize nka bimwe nyene wa muherezi yagira.
Amaherezo, Umusamariya aca muri nya nzira. Woba ushobora kubona ukuntu ariko aramanuka mw’ibarabara?— Abona uwo Muyuda arambaraye ngaho yakomeretse cane. Ico gihe, Abasamariya hamwe n’Abayuda benshi ntibakundana namba (Yohana 4:9). None uwo Musamariya yarasize nya mugabo ata co amufashije? Yoba yibwiye, ati: ‘Mbega nirirwa ndafashiriza iki uyu Muyuda? Jeho ugira ngo yomfasha ndamutse ngize ingorane’?
Ni kubera iki wa Musamariya yari umugenzi mwiza?
Urazi, nya Musamariya yararavye uwo mugabo arambaraye iruhande y’inzira, amwumvira ikigongwe. Vyaranse ko amusiga ngaho ngo amureke apfe. Nuko arururuka ava ku gitwazi ciwe, aja aho wa mugabo ari, hanyuma atangura kumworohereza ku bisebe. Abisukako amavuta n’umuvinyu. Ivyo vyari gufasha ibisebe vyiwe bigakira. Maze aca abipfukisha igitambara.
Nya Musamariya yaritonze araterura nya mugabo yakomeretse amushira ku gitwazi ciwe. Maze barajana buhorobuhoro bamanukana nya nzira gushika aho bashikira agahoteri. Ngaho nya Musamariya aharonka ikibanza nya mugabo yogumamwo, hanyuma aramubungabunga neza.
Maze Yezu abaza nya mugabo bariko baraganira ati: ‘Ni nde muri abo bantu batatu wiyumvira ko yari umugenzi mwiza?’. Wewe wokwishura iki? Yoba yari wa muherezi? Wa Mulewi? Canke yoba yari Umusamariya?—
Nya mugabo yishuye ati: ‘Uwo mugabo yahagaze hanyuma akitwararika nya muntu bari bakomerekeje ni we yari umugenzi mwiza’. Yezu aca avuga ati: ‘Uvuze vyo. Genda nawe ugire gutyo’.—Luka 10:25-37.
None iyo ntiyari inkuru ishimishije? Irerekana neza bagenzi bacu abo ari bo. Si barya bantu dukundana rwose bonyene. Kandi si abantu gusa bafise urukoba rusa n’urwacu canke bavuga ururimi tuvuga. Yezu yatwigishije kugirira abantu umutima mwiza, tutaravye iyo bava, uko basa canke ururimi bavuga.
Ukwo ni ko Yehova Imana ameze. Nta we yinuba. Yezu yavuze ati: ‘So wawe wo mw’ijuru yakiriza izuba abantu beza n’abantu babi’. ‘Aratuma n’imvura igwa ku bw’abantu bameze neza no ku bw’abatameze neza’. Natwe rero, dukwiye kugirira bose umutima mwiza, nk’uko n’Imana imeze.—Matayo 5:44-48.
Ushobora gute kuba umugenzi mwiza?
None niwabona umuntu yakomeretse, uzokora iki?— Uzokora iki hoho mu gihe nya muntu ari uwo mutava mu gihugu kimwe canke ibara ry’urukoba rwiwe rikaba ridasa n’iry’urukoba rwawe? Na we nyene ni mugenzawe, kandi urakwiye kumufasha. Nimba ubona ko wewe ata vyo ushoboye kubera uri mutoyi cane, urashobora guca usaba umuntu akuze ngo amufashe. Canke urashobora kumutabariza ukabibwira umupolisi canke umwigisha. Aho uzoba ugize umutima mwiza, nk’umwe wa wa Musamariya.
Wa Mwigisha Ahambaye ashaka ko tuba abantu b’umutima mwiza. Ashaka ko dufasha abandi, n’aho boba ari bande. Ni co gituma yavuze iyo nkuru y’Umusamariya.
Kuri ico cigwa c’ukugira umutima mwiza ku bantu ata kuraba ubwoko bwabo canke igihugu bavamwo, soma Imigani 19:22; Ivyakozwe 10:34, 35; na 17:26.