ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 40 rup. 207-211
  • Ingene twohimbara Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twohimbara Imana
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Ikibazo Gihambaye Kikwerekeye
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ingene woba umugenzi w’Imana
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Tubeho mu buryo buhimbara Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 40 rup. 207-211

Ikigabane ca 40

Ingene twohimbara Imana

TWOKORA iki kugira ngo duhimbare Imana? Twoyiha iki?— Yehova avuga ati: “Ibikōko vyose vyo mu kibira [ni] ivyanje”. Avuga kandi ati: “Amafeza n’ayanje, n’amazahabu nyene n’ayanje” (Zaburi 24:1; 50:10; Hagayi 2:8). Yamara rero, hariho ico dushobora guha Imana. Uti ni igiki?—

Yehova arareka tukihitiramwo kumukorera canke kutamukorera. Ntaduhatira gukora ivyo we ashaka ko dukora. Reka tugerageze gutahura igituma Imana yaturemye ku buryo dushobora kwihitiramwo kuyikorera canke kutayikorera.

Kumbure urazi ibimashini abantu bakora kugira ngo bize birakora ikintu cose bashaka ko bikora. Urumva rero ko ivyo bimashini bidashobora kwihitiramwo ivyo bikora. Iyo Yehova ashaka, twese aba yaraturemye nk’ivyo bimashini. Aba yaraturemye ku buryo dukora gusa ivyo we ashaka ko dukora. Ariko Imana ntiyaturemye gutyo. Woba uzi igituma?— Urumva, ibikinisho bimwebimwe bimeze nk’ivyo bimashini. Igihe ufyonze akabuto kanaka, bica bikora kirya nyene uwabikoze yabigeneye gukora. Woba umaze kubona igikinisho kimeze gutyo?— Kenshi usanga abantu baruhishwa no gukinisha igikinisho gikora gusa ico uwagihinguye yakigeneye gukora canke yagishingiye gukora. Imana ntishaka ko tuyigamburukira nka kurya kw’ibimashini bishingirwa ico bitegerezwa gukora. Yehova ashaka ko tumukorera tubitumwe n’urukundo kandi tubitumwe n’uko dushaka kumugamburukira.

[Ifoto ku rup. 207]

Ni kubera iki Imana itaturemye nk’iki kimashini?

Wibaza ko Dawe wa twese wo mw’ijuru yumva amerewe gute igihe tumugamburukiye ku gushaka kwacu?— Mbarira, abavyeyi bawe bumva bamerewe gute babonye ingene wigenza?—Bibiliya ivuga yuko umwana w’ubwenge “anezereza se” mugabo ko umwana w’ikijuju “ababaza nyina” (Imigani 10:1). Woba umaze kubona yuko igihe ukoze ivyo abavyeyi bawe bagusavye gukora bibahimbara?— Ariko bumva bamerewe gute igihe ubagambarariye?—

[Ifoto ku rup. 208]

Ushobora gute guhimbara Yehova n’abavyeyi bawe?

Reka ubu na ho twiyumvire ku bijanye na Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova. Aratubwira ingene twomuhimbara. Turakwinginze utore Bibiliya maze uzingurure mu Migani 27:11. Ngaho Imana itubwira iti: ‘Mwana wanje, uce ubwenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwuncokora’. Woba uzi ico bisobanura gucokora umuntu?— Urumva, umuntu arashobora kugucokora mu kugutwenga, akavuga yuko udashobora gukora ikintu wavuze ko wokora. Shetani acokora gute Yehova?— Reka tubirabe.

Ibuka yuko mu Kigabane c’8 c’iki gitabu twize ko Shetani yipfuza kuba uw’imbere, agashaka ko abantu bose bamugamburukira. Shetani avuga yuko abantu basenga Yehova kubera gusa Yehova azobaha ubuzima budahera nibamusenga. Shetani amaze guhenda Adamu na Eva bakagambararira Yehova, Shetani yarahigishije Imana. Yabwiye Imana ati: ‘Abantu bagukorera kubera gusa ivyo ubaha. Pfa kumpa akaryo, urabe ko abantu bose ntabagukurako’.

[Ifoto ku rup. 209]

Adamu na Eva bamaze gucumura, Shetani yahigishije gute Yehova?

Ego ni ko, ayo majambo nyene ntituyasanga muri Bibiliya. Mugabo, igihe dusomye ivyashikiye wa mugabo Yobu, biraboneka neza yuko Shetani yabwiye Imana amajambo ashaka kumera nk’ayo. Mu vy’ukuri vyari bihambaye, kuri Shetani no kuri Yehova, kumenya nimba Yobu yari intahemuka ku Mana canke atari intahemuka ku Mana. Reka tuzingurure Bibiliya zacu muri Yobu ikigabane ca 1 n’ica 2 maze turabe ukuntu vyagenze.

Numenye ko muri Yobu ikigabane ca 1 havuga ko Shetani ari mw’ijuru igihe abamarayika baza kuraba Yehova. Yehova rero aca abaza Shetani ati: “Uvuye hehe?”. Shetani yishura ko avuye gutembera mw’isi. Nuko Yehova amubaza ati: ‘Mbega witegereje Yobu, yuko ankorera kandi akitandukanya n’ikibi?’.—Yobu 1:6-8.

Ubwo nyene Shetani aca atangura kwisigura avuga ati: ‘Yobu agusenga gusa kubera ko ata ngorane afise. Niwareka kumukingira no kumuhezagira, azokurogotako imbonankubone’. Nuko Yehova yishura ati: ‘Egome Shetani, numugireko ico ushaka cose, ariko ntumugirire nabi ku mubiri’.—Yobu 1:9-12.

None Shetani aca akora iki?— Bitumwe na we, abantu baraza biba inka n’indogoba za Yobu bongera bica abungere bazo. Hanyuma inkuba irakubita, yica intama n’abungere bazo. Mu nyuma, abantu baraza biba ingamiya bongera bica abari baziragiye. Amaherezo, Shetani atuma umuyaga w’igihuhusi usenyura inzu irimwo abana cumi ba Yobu, bose barapfa. Naho Yobu ashikirwa n’ivyo vyose, aguma akorera Yehova.—Yobu 1:13-22.

Yehova asubiye kubona Shetani, Yehova avuga yuko Yobu akiri intahemuka. Shetani aca yisigura ati: ‘Hamwe wondeka na gatoya nkamugirira nabi ku mubiri, azogutuka imbonankubone’. Nuko Yehova areka Shetani agirira nabi Yobu ku mubiri, mugabo aramwihanikiriza ngo ntiyice Yobu.

[Ifoto ku rup. 210]

Yobu yihanganiye ibiki, kandi ni kubera iki ivyo vyahimbaye Imana?

Shetani ateza indwara ikomeye Yobu gushika n’aho umubiri wiwe wose wuzurako ibihute. Ivyo bihute biranuka nabi cane ku buryo ata muntu n’umwe yipfuza kumwegera. Mbere n’umugore wa Yobu amubwira ati: “Tuka Imana, upfe uveho”! Abiyita ko ari abagenzi ba Yobu baza kumuraba maze batuma arushiriza kumererwa nabi mu kumubwira yuko ategerezwa kuba yarakoze ibintu bibi cane bikaba ari vyo vyatumye ashikirwa n’izo ngorane zose. Ariko rero, naho Shetani ateza Yobu izo ngorane zose n’uwo mubabaro wose, Yobu aguma akorera Yehova ari intahemuka.—Yobu 2:1-13; 7:5; 19:13-20.

Wibaza ko ukudahemuka kwa Yobu kwatumye Yehova yumva amerewe gute?— Yehova vyaramuhimbaye kubera ko yabwiye Shetani ati: ‘Raba Yobu! Ankorera kubera ko abishaka’. None uzoba nka Yobu, umuntu Yehova ashobora gutangako akarorero kerekana ko Shetani ari umubeshi?— Vy’ukuri, ni agateka gutanga inyishu ku vyo Shetani yivugisha yuko ashobora gutuma abantu bose bareka gukorera Yehova. Na Yezu yarabona ko ari agateka.

Uwo Mwigisha Ahambaye ntiyigeze yemerera Shetani ngo amwoshe gukora ikintu kibi na kimwe. Niwiyumvire ukuntu akarorero Yezu yatanze kahimbaye Se wiwe! Yehova yarerekanye Yezu maze yishura Shetani ati: ‘Raba Umwana wanje! Yagumye ari intahemuka bimwe bishitse kuri jewe kubera ko ankunda!’. Niwiyumvire kandi umunezero Yezu afise kubona anezereza umutima wa Se wiwe. Kubera uwo munezero, Yezu yarihanganiye mbere n’urupfu rwo ku giti co kubabarizwako.—Abaheburayo 12:2.

None uripfuza kumera nka wa Mwigisha Ahambaye maze ugahimbara Yehova?— Nugume wiga rero ivyo Yehova ashaka ko ukora, wongere umuhimbare mu kubikora!

Soma ivyo Yezu yakoze kugira ngo ahimbare Imana be n’ivyo natwe dukeneye gukora kugira ngo tuyihimbare, mu Migani 23:22-25; Yohana 5:30; 6:38; 8:28; no muri 2 Yohana 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika