‘Igihugu ciza kandi cagutse’
KURI ca gisaka caka umuriro, Imana yabwiye Musa yuko ‘yokuye abantu bayo mu maboko y’Abanyamisiri, . . . ikabadugana . . . ikabajana mu gihugu ciza kandi cagutse, gitemba amata n’ubuki’.—Kv 3:8.
Aya mashusho abiri yacapwe hakoreshejwe orodinateri arashobora kugufasha kumenya neza intara kama zitandukanye zo mu Gihugu c’Isezerano be n’ukuntu isi yaho imeze (Ubuhaname bw’ahantu bwaragagamishijwe kugira hashimikwe ku kuntu hareha.). Raba igicapo c’ibara kugira ubone ubukiruruke bw’ahantu ufatiye ku nivo y’ikiyaga.
Ico gicapo kirerekana uburyo bumwe bwo gutondeka intara kama z’ico gihugu. Urashobora kubona ukuntu izo ntara zidondorwa be n’aho Bibiliya izivuga mu gitabu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile” (Icigwa ca 1, urupapuro rwa 270-278) be no mu gitabu Étude perspicace des Écritures (Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 476-478)a.
[Akajambo k’epfo]
a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Chart/Amakarata ku rup. 12, 13]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Topography of the Land
Ikarata y’intara kama
A. Inkengera y’Ikiyaga Kinini
B. Ibiyaya vyo mu Burengero bwa Yorodani
1. Ikiyaya ca Asheri
2. Akanyororondwe ka Dori ko ku nkengera
3. Amaragiriro y’i Sharoni
4. Ikiyaya c’Ubufilisitiya
5. Umwonga wo hagati na hagati mu Buseruko bushira Uburengero
a. Ikiyaya c’i Megido
b. Ikiyaya c’i Yezireli
C. Imisozi yo mu Burengero bwa Yorodani
1. Imirambi y’i Galilaya
2. Imirambi y’i Karumeli
3. Imirambi y’i Samariya
4. Shefela (imirambi idakirurutse cane)
5. Akarere k’Ubuyuda ko mu misozi
6. Ubugaragwa bw’Ubuyuda
7. Negebu
8. Ubugaragwa bw’i Parani
D. Araba (Ikinyika)
1. Itororokanirizo ry’amazi ry’i Hula
2. Akarere gakikuje Ikiyaga c’i Galilaya
3. Umwonga wa Yorodani
4. Ikiyaga c’Umunyu
5. Araba (mu Bumanuko bw’Ikiyaga c’Umunyu)
E. Imisozi be n’amataba vyo mu Buseruko bwa Yorodani
1. Bashani
2. Gileyadi
3. Amoni na Mowabu
4. Itaba ry’imisozi rya Edomu
F. Imisozi y’i Lebanoni
[Map]
Msz. Herumoni
Dani
Yeruzalemu
Beri-sheba
Igihugu c’isezerano ugikase amakika
metero intambwe
2.500 7.500
2.000 6.000
1.500 4.500
1.000 3.000 Akarere k’Ubuyuda Igihugu c’i
ko mu misozi Mowabu
500 1.500
Shefela Ubugaragwa
bw’Ubuyuda
Ikiyaya
c’Ubufilisitiya Ikinyika
0 0 (Inivo y’ikiyaga)
Ikiyaga c’Umunyu
-500 -1.500
[Ifoto ku rup. 13]
Msz. Herumoni (m 2.814; intambwe 9.232)
[Ifoto ku rup. 13]
Inkengera y’Ikiyaga c’Umunyu; akarere k’isi kari hasi y’utundi twose (nko ku m 400; intambwe 1.300 munsi y’inivo y’ikiyaga)