ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 ikig. 7 rup. 67-73
  • Nokora iki nimba ntashima uko nsa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki nimba ntashima uko nsa?
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwo ntihoba harimwo ukurenza urugero?
  • Woba ubona ishusho itari yo?
  • Nugire uburimbane
  • Uragaba ku mutego wo kwiyicisha inzara!
  • Ubwiza nyabwo ubwo ari bwo
  • Kuki ntashima uko nsa?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Noba ndazwa ishinga cane n’uko nsa?
    Urwaruka ruribaza
  • Kubera iki nkwiye kwitwararika amagara yanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 ikig. 7 rup. 67-73

IKIGABANE CA 7

Nokora iki nimba ntashima uko nsa?

Woba akenshi uvunika umutima iyo uravye ukuntu usa?

□ Ego □ Oya

Woba umaze kwiyumvira ivyo kwiyambiza canke kuza urarya inticantikize kugira urushirize kuboneka neza?

□ Ego □Oya

Ni ibiki woshima guhindura ku mubiri wawe iyo uba wari ubishoboye? (Nushire mu kazingi ico ucaguye.)

Uburebure

Ubunini

Imero y’umubiri

Imishatsi

Ibara ry’urukoba

Ijwi

NIMBA wishuye ngo “ego” ku bibazo bibiri vya mbere ukongera ugashira mu tuzingi ibintu bitatu canke birenga mu kwishura ikibazo ca gatatu, ntuhagarike umutima: Birashoboka rwose ko abandi boba batakubonamwo ubwo bubi wewe wibonamwo. Biroroshe ko umuntu ahagarikwa umutima birenze urugero n’ukuntu asa. Nkako, itohoza rimwe ryerekanye ko akenshi abakobwa usanga batinya kuvyibuha kuruta uko batinya intambara ruhonyanganda, kurwara kanseri canke mbere kubura abavyeyi!

Nta gukeka ko ukuntu uboneka bishobora guhindura ingene ubona ibikwerekeye be n’ingene abandi bagufata. Umwigeme w’imyaka 19 yitwa Maritza, avuga ati: “Tukiri batoyi, bakuru banje babiri bari beza cane, ariko jewe nari mvyibushe cane. Kw’ishure baguma bantwenga. Vyongeye, senge yari yantaziriye izina yari yise ikibwa ciwe kigufi kuko cari kivyibushe birenze!” Uwitwa Julie w’imyaka 16 yarashikiwe n’ikintu gisa n’ico. Avuga ati: “Hari umukobwa kw’ishure yakunda kuntwenga ngo mfise ‘amenyo nk’ay’agakwavu.’ Naho kitari ikintu gikomeye, ntivyabura kumbabaza, kandi n’ubu amenyo yanje aracantera ubuyega!”

Ubwo ntihoba harimwo ukurenza urugero?

Si bibi kwitwararika ukuntu uboneka. Wanashaka Bibiliya iravuga ko abakenyezi n’abagabo bamwebamwe bari beza, muri bo hakaba harimwo Sara, Rasheli, Yozefu, Dawidi na Abigayili. Bibiliya ivuga ko umugore yitwa Abishagi yari “mwiza bihebuje.”—1 Abami 1:4.

Ariko rero, abakiri bato benshi usanga bitwararika birenze urugero ukuntu basa. Nk’akarorero, hariho abakobwa biyumvira ko kuba mutomuto ari bwo bwiza, bagahendwa na turya dukobwa twonze babona mu binyamakuru bihayanisha ibidandazwa. Baribagira ko ayo mafoto mezameza aba yarasubiwemwo canke agacishwa mu vyuma kugira ngo akurweko utunenge be n’uko bene gufotorwa bemera guhakwa kwiyicisha inzara kugira bagume ari batobato! Ico womenya co, kwigereranya n’abantu ubona mu binyamakuru vyoshobora kukuvuna umutima. Tuvuge iki nka hamwe woba ufise imvo yumvikana ituma udahimbarwa n’ukuntu uboneka? Ica mbere ukeneye kugira ni ukwisuzuma utibesha.

Woba ubona ishusho itari yo?

Vyoba birashika ukiraba mu cirore cerekana umuntu uko atari? Coshobora kukwereka ko uri munini canke mutomuto kuruta uko usanzwe uri. Muri ivyo bihe vyompi, ivyo ubona ntibiba ari ivy’ukuri.

Muri ubwo buryo nyene, abakiri bato benshi bibona uko batari. Rimbura iki kintu: Mu cigwa kimwe cagizwe, ibice 58 kw’ijana vy’abigeme bavuze ko bavyibushe birenze mu gihe ibice 17 kw’ijana bonyene ari bo vy’ukuri bari bavyibushe birenze. Mu kindi cigwa na ho basanze ibice 45 kw’ijana vy’abagore bonze cane biyumvira ko bafise ibilo birenze!

Abashakashatsi bamwebamwe bavuga ko abakobwa benshi usanga barazwa ishinga n’ibilo vyabo kandi atari ngombwa. Hari aho ivyo bitoguhumuriza rwose, nimba vy’ukuri usanzwe uri munini cane. None nimba uri munini cane, vyoba biva ku ki?

Birashobora kuvana n’amaraso y’umuntu. Hariho abantu usanga ari batobato kubera ari wo mubiri wabo. Ariko nimba uvyibushe kubera ari ko umubiri wawe umeze, ntibishoboka ko wonda. Mbere naho woba ufise ibilo bigereranye, hari aho woguma ubona ko ufise ibilo vyinshi kuruta ivyo washaka. Kwinonora imitsi no kuraba neza ivyo ufungura birashobora kugufasha, ariko ahanini uzogumana umubiri wavukanye.

Birashobora kandi kuva ku mahinduka aba mu buyabaga. Igihe umwigeme atanguye gukumahara, ibinure afise mu mubiri birongerekana bikava ku bice 8 kw’ijana bigashika nko ku bice 22 kw’ijana. Akenshi ivyo bigenda birahinduka uko igihe kihaca, akaba ari co gituma umwigeme avyibushe cane w’imyaka 11 canke 12 usanga ashika mu buyabaga afise umubiri ugereranye. Mugabo none tuvuge iki nimba uvyibushe cane kubera utaraba neza ivyo ufungura canke utinonora imitsi? Wokora iki nimba vy’ukuri ukeneye kugabanya ibilo kubera imvo z’amagara?

Nugire uburimbane

Bibiliya ituremesha “[ku]tarenza urugero mu ngeso.” (1 Timoteyo 3:11) Niwirinde rero kuza urareka gufungura canke kuza urarya inticantikize. Hari aho wosanga uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kugabanya ibilo ari ukugira akamenyero ko gufungura mu buryo bubereye no kwinonora imitsi bihagije.

Ntibikenewe ko urondera ingaburo kanaka benshi bahurumbira. Nk’akarorero, ibinini vyo kwiyondesha vyoshobora kugabanya akayabagu kawe mu gihe gitoyi; ariko umubiri ntuteba kubimenyera, akayabagu wahorana kagaca kagaruka. Canke na ho umubiri wawe ushobora guca witonda mu guhingura imfungurwa uba wariye, na ho nyene ibilo bigaca vyiyongera. Aho rero ntituvuze ingaruka bigira kuri bamwe, nk’ibizunguzungu, ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, kuza barahagarika umutima canke mbere kwizizirwa n’ivyo binini. Ukwo nyene ni ko bigenda ku binini bigabanya amazi mu mubiri canke bituma umubiri uhingura ningoga ivyo uba wafunguye.

Ariko rero, kugira akamenyero ko gufungura mu buryo bubereye, bifatanije no kwama winonora imitsi utarenza urugero, bizogufasha kugira akabiri keza no kwumva unonotse. Kwinonora imitsi kenshi mu ndwi utiyahagura bizotuma ugira amagara meza. Gutambuka unyaruka canke kuduga agasozi wongera ukamanuka vyoshobora kuba bihagije.

Uragaba ku mutego wo kwiyicisha inzara!

Mu kurondera gutakaza ibilo, abakiri bato bamwebamwe barafashwe n’indwara yo kwiyicisha inzara (anorexie), iyo ikaba ari ingorane ijanye no gufungura isinzikaza ubuzima. Inyuma y’amezi ane uwitwa Masami yamaze ariko aravurwa iyo ndwara, yavuze ati: “Iyo bambwiye ngo ‘sha, usa neza,’ nca nibwira nti: ‘Usanga ari kubera ndiko ndavyibuha.’ Mu bihe nk’ivyo, nca niyumvira n’akababaro nti: ‘Icompa ngasubirana ibilo nari mfise mu mezi ane aheze!’”

Umuntu arashobora kurwara iyo ndwara atari we avyiteye. Umukobwa yoshobora gutangura kugira akamenyero ko gufungura gasa n’uko ata co gatwaye, kumbure ashaka gutakaza ibilo bikeyi, ariko amaze kubishikako ugasanga ntashizwe. Yoshobora kwiraba mu cirore ntashime ukuntu ameze, agaca yibwira ati: “Ndacari munini!” Aca rero ashaka gutakaza ibindi bilo bikeyi, hanyuma ibindi bikeyi, gutyogutyo. Aho rero ya ndwara yo kwiyicisha inzara baba bareha.

Nimba ufise ibimenyetso vy’iyo ndwara canke vy’iyindi ngorane iyo ari yo yose ijanye n’ugufungura, urakeneye kurondera imfashanyo. Niwiture umuvyeyi canke uwundi muntu akuze wizigiye. Umugani umwe wo muri Bibiliya uvuga uti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”—Imigani 17:17.

Ubwiza nyabwo ubwo ari bwo

Bibiliya ntishimika cane ku kuntu umuntu asa canke ku bunini bwiwe. Ahubwo nyabuna, ico umuntu ari imbere ni co gituma Imana imushima canke itamushima.—Imigani 11:20, 22.

Rimbura ibijanye na Abusalomu umuhungu w’Umwami Dawidi. Bibiliya ivuga iti: “Nta mugabo yari mwiza nka we muri Isirayeli yose ku buryo ashemezwa cane ukuraho. Kuva mu bworo bw’ikirenge ciwe gushika mu rutwariro, nta gahonzi yari afise.” (2 Samweli 14:25) Ariko rero, uwo musore yari igihemu. Ubwibone n’uguhahamira ubukuru vyatumye agerageza kwigarurira ingoma y’umwami yagenywe na Yehova. Ku bw’ivyo, Bibiliya ntihayagiza Abusalomu, ahubwo ivuga ko yari umuhemu ata co yibanga akaba n’umwicanyi yuzuye urwanko.

Ikintu nyamukuru womenya ni uko “Yehova [a]gera imitima.” Ntaraba mu nda h’umwigeme canke imirya umusore afise. (Imigani 21:2) Naho rero kwipfuza kuboneka neza ata kibi kirimwo, kamere ufise ni zo zihambaye cane kuruta. Mu bisanzwe, kubaho wisunga ivyo Yehova agomba ni vyo bizotuma abandi barushiriza kugukunda. Ntibazogukunda ngo ni uko ufise imirya canke mu nda hatohato!

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 10

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Hari abakiri bato benshi usanga basinzikajwe n’indwara idakira canke ubumuga. Nimba ari ukwo umerewe, wovyifatamwo gute?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Umuntu . . . abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.”—1 Samweli 16:7.

IMPANURO

Igihe uriko uragerageza kugabanya ibilo . . .

● Ntuze urareka gufungura mu gitondo. Ahandiho, vyoshobora gutuma usonza ugaca urya ibirenze ivyo wari gufungura.

● Nuze uranywa igikombe kinini c’amazi igihe cose ugomba gufungura. Ivyo bizotuma akayabagu kagabanuka maze bigufashe kutarya vyinshi.

WARI UBIZI . . . ?

Abahinga bamwebamwe baragabisha yuko igihe wiyicishije inzara kugira ugabanye ibilo, umubiri wawe woshobora kwicura ko hari ingorane, ugaca witonda mu guhingura ivyo ufungura, ivyo bigatuma ibilo wari watakaje bigaruka bidatevye!

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Noshobora kwitwararika amagara yanje neza kuruta mu gukora ibi: ․․․․․

Mu vyo noza ndakora kugira ninonore imitsi ntiyahagura, hoshobora kujamwo ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Wiyumva gute uravye uko usa?

● Ni ibintu bimwebimwe ibihe bitarimwo ukurenza urugero wokora kugira urushirize gusa neza?

● Wobwira iki umugenzi afise ingorane mu bijanye no gufungura?

● Wofasha gute mutoyi wawe kugira uburimbane mu bijanye n’ingene abona uko asa?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 69]

“Naramaze igihe bantwenga ngo mfise ivyiso binini. Narize kuza nditwengera, ndiga guhimbarwa n’uko meze be n’izindi kamere nziza mfise. Singiterwa isoni n’uko nsa. Ndashima uko meze.”—Ambre

[Ifoto ku rup. 68]

Woshobora kwiyumvira ko usa nka kurya uboneka igihe wiravye mu cirore cerekana umuntu uko atari

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika