ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 ikig. 10 rup. 92-98
  • Kuki umugenzi yampemukiye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuki umugenzi yampemukiye?
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane yabaye iyihe?
  • Ingene wonagura ubugenzi
  • “Ubona twoyaga ivyashitse?”
  • Imana Iragutumira ngo Ube Umukunzi Wayo
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Umugenzi nyakuri ameze gute?
    Be maso!—2014
  • Ni nde aba umugenzi wa Yehova?
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 ikig. 10 rup. 92-98

IKIGABANE CA 10

Kuki umugenzi yampemukiye?

“Twe na Kerry twari abagenzi bakomeye. Imisi yose inyuma y’akazi naraca kumutora kuko ata muduga yari afise. Ariko bidatevye, naratanguye kubona ko yarondera gusa kunyungukirako.

“Yarinjira mu muduga yatwawe no kuyaga canke kwandika ubutumwa kuri telefone yiwe. Ntiyigera anshimira ko namwunguruje, kandi yahavuye ahagarika guterera amahera y’igitoro. Bisubiye, ibiyago vyiwe vyari ivyo gutora abandi amahinyu gusa. Kuguma ndamwihanganira vyahavuye bindambira!

“Umusi umwe naramusiguriye n’ubwitonzi ko ntosubiye kumutora inyuma y’akazi. Kuva ubwo ntiyasubiye kunyegera, ivyo bikaba binyereka ko yankundira gusa ivyo yankurako. Birababaza cane!”​—Nicole.

IVYO birashobora gushikira abagenzi somambike. Uno musi boshobora kuba ari pfampfe, bukeye ugusanga no kuvugana ntibavugana. Bigenda gute none ngo abantu bari akadasohoka bahindukane mu kanya isase?

● Kuri Jeremy, vyose vyahindutse igihe umugenzi wiwe yimukira nko ku bilometero igihumbi n’amajana atandatu. Avuga ati: “Amaze kwimuka, ntiyigeze asubira kunterefona, kandi vyarambabaje cane.”

● Uwitwa Kerrin yaratanguye kubona umugenzi wiwe somambike bari bamaranye imyaka itanu ahinduka. Yigana ati: “Inyifato yiwe n’imvugo yiwe vyarantera akoba vy’ukuri. Yatanguye kuza aratora amahinyu yongera asuzugura ibintu nabona ko bihambaye. Tugize ngo tubiyage, yaciye anyagiriza ngo nibona ubugororotsi, ngo ndi umuhemu, aca yongerako yuko ubugenzi bwacu ata co bwari bumumariye!”

● Gloria wewe, umugenzi wiwe yagiye atamusezeye. Avuga ati: “Mu ntango twarahuza cane, akambwira ko nari nka mwene wabo. Mu nyuma, ntazi n’ico bivuyeko, yarahagaritse kwifatanya nanje, akaza aritwaza ibintu bidafashe.”

● Laura na Daria batanguye gucanamwo igihe Daria yamutwara umuhungu bakundana. Laura avuga ati: “Baramara amasaha n’ayandi bavugana kuri telefone naho nyene yari azi ko uwo muhungu yari andeheje. Narahemukiwe n’umugenzi somambike, ubwo nyene mba ndahomvye n’uwo twari gushobora kwubakana!”

Ingorane yabaye iyihe?

Nta nyambo ibura agahonzi. Uko bigenda kwose rero, niwitege ko bizoshika umugenzi akavuga canke agakora ikintu kikubabaza. Tutabeshanye, none weho ntivyoba bimaze gushika ukababaza abandi? (Umusiguzi 7:22) Umwigeme yitwa Lisa avuga ati: “Nta n’umwe muri twebwe atunganye. Karacamwo tukababaza abandi.” Akenshi ingorane itewe n’ukudatahurana irashobora gutorerwa umuti mu kwicara mukayaga.

Mu bindi bihe na ho, abagenzi boshobora kugiranira ingorane bitavuye ku kintu kimwe gusa kibaye ahubwo bivuye ku kuba bagiye barabona ko batameze kumwe nk’uko bahora bavyibaza. Wibuke yuko uko ugenda urakura ari ko ibigushimisha bihinduka, kandi n’umugenzi wawe ni ukwo nyene. Wokora iki none igihe ubonye ko ubugenzi bwanyu butanguye kuyama?

Ingene wonagura ubugenzi

Vyoba birashika impuzu ukunda cane igatabuka? Waciye ukora iki? Woba waciye uyita canke waciye uyisanasana? Nta gukeka ko ahanini vyavanye n’ukuntu iyo mpuzu yari yatabutse be n’ingene wayikunda. Nimba vy’ukuri warakunda iyo mpuzu, utegerezwa kuba wararondeye ukuntu uyisanasana. Akenshi, urashobora kubigenza gutyo nyene igihe ubugenzi butosekaye. Ahanini bivana n’ivyabaye be n’ukuntu uha agaciro ubwo bucuti.a

Nk’akarorero, nimba hari uwakubwiye nabi canke akakugirira nabi, woshobora kwihoza iyo ngorane mu gushira mu ngiro impanuro dusanga muri Zaburi 4:4 igira iti: “Muvugire mu mutima wanyu, ku gitanda canyu, mugume mucereje.” Imbere rero yo guta nk’akanuka ubwo bugenzi, nuzirikane witonze. Ico kintu yoba yagikoze n’ibigirankana? Nimba utabizi neza, ubona gute uciye ufata ko ari akamuciyemwo? Akenshi urashobora kureka “urukundo ru[ga]pfuka ibicumuro indiri.”​—1 Petero 4:8.

Woshobora kandi kuraba nimba utabigizemwo uruhara. Nk’akarorero, nimba umugenzi yakumeneye ibanga, ubwo ntivyoba vyatumwe n’uko wamuremereje ayo makuru bitari bikenewe? Ikindi kintu worimbura ni ukuraba ko atari wewe woba wimaramaje, kumbure mu kurenza urugero mu vyo wavuze canke mu kuvuga ivy’ubupfu. (Imigani 15:2) Nimba ari ukwo vyagenze, niwibaze uti: ‘Noba nkeneye kwikubita agashi kugira ngo uwo mugenzi arushirize kunsonera?’

“Ubona twoyaga ivyashitse?”

Ariko none tuvuge iki nimba wumva yuko utoshobora kwihoza ico kintu? Ico gihe vyoba vyiza ubiyaze n’uwo mugenzi wawe. Mugabo uriyubara ntubigire washavuye. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu ashangashiwe avyura amahane, mugabo uwuteba gushavura atururuza imitongano.” (Imigani 15:18) Nurindire rero ubanze uturure imbere y’uko ugerageza gutorera umuti iyo ngorane.

Igihe ugiye ngo mubiyage, niwibuke ko intumbero yawe atari iyo “[k]wishura ikibi ku kindi.” (Abaroma 12:17) Ahubwo riho, intumbero iba ari iyo gutunganya iyo ngorane no kunagura ubucuti bwanyu. (Zaburi 34:14) Ku bw’ivyo, nuvuge birya nyene biri ku mutima. Woshobora kuvuga uti: “Ko twari dusanzwe turi abagenzi, ubona twoyaga ivyashitse?” Umaze kumenya umuzi w’ingorane, vyoshobora guca bikworohera kunagura ubucuti bwanyu. Mbere naho uwo mugenzi wawe atovyakira neza, uzohumurizwa n’uko wewe wagize akigoro ko kugarukana amahoro.

Uko vyogenda kwose, numenye ko naho “hari abagenzi baguma barondera kumenagurana,” hariho n’“umugenzi amata ku muntu kuruta uwo bavukana.” (Imigani 18:24) Ico womenya coco, mbere n’abagenzi somambike birashika bagatsitaranako. Igihe ivyo bishitse, nukore ibishoboka vyose kugira unagure ubwo bucuti. Emwe, kugira umutima ukunze wo gutorera umuti ingorane ni ikimenyamenya c’uko uriko uraba umuntu ahumuye.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 8

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Bamwebamwe mu runganwe rwawe boshobora kuba bamara amasaha n’ayandi bandikiranira ubutumwa kuri “Internet.” None ni igiki kibakwegakwega?

[Akajambo k’epfo]

a Woshobora gusanga bitabereye ko abantu bamwebamwe ubandanya kubagira abagenzi somambike. Vyoshobora kugenda gutyo canecane igihe batacigenza rukirisu.—1 Abakorinto 5:11; 15:33.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”—Abaroma 12:18.

IMPANURO

Imbere yo kwishiramwo nabi umugenzi wawe, nubanze umenye ico avuga ku vyabaye.—Imigani 18:13.

WARI UBIZI . . . ?

Abantu bafitaniye ubucuti nyabwo usanga bahana umwidegemvyo kanaka. (Imigani 25:17) Ariko rero, kurondera ko umugenzi aba ari wewe gusa yitwararika umwanya wose birashobora kwonona ubucuti.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Igihe nshatse kuyaga n’umugenzi ku bijanye n’ikintu kibabaje yakoze, noshobora gutangura nti: ․․․․․

Naho noba mbabajwe n’ikintu umugenzi yakoze, nzogerageza kuzigama amahoro mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki bishika abagenzi bagacanamwo?

● Ni nk’ingorane izihe woshobora kwirengagiza, kandi ni nk’izihe wokenera kuyaga n’umugenzi yakubabaje?

● Nimba vyarashitse umugenzi akakubabaza, ni ivyigwa ibihe ivyo bishobora kukwigisha?

● Ni ingingo izihe wofata kugira urushirize kwirinda ko umugenzi akubabaza?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 95]

“Iyaba vyakunda ko dusubiramwo ubugenzi bwacu, sinokwitega ko ubucuti bwacu buba ubutagira akanenge. Norushiriza gutega amatwi umugenzi wanje kandi sinogagamisha udukosa twiwe. Ubu ndatahura ko abagenzi nyakuri ari abashobora kurengera ibigeragezo n’ingorane.”​—Keenon

[Ifoto ku rup. 94]

Ubugenzi butosekaye bumeze nk’impuzu itabutse: vyompi birashobora gusanasanwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika