Ururirimbo 120
Umviriza, ugamburuke maze uhezagirwe
Integuro icapuwe
1. Mbe Yezu Kristu turamwumviriza?
Nitwakora ivyo yigishije,
Tuzoronka ubuhirwe n’ivyiza.
Tuzohezagirwa bihagije.
(ICITABIRIZO)
Umviriz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
Nugamburuke maz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
2. Kugira tubeho turoraniwe,
Tube nka ya nzu yo ku rutare.
Nitwisunga ubuyobozi bwiwe,
Tuzorama ntidutembagare.
(ICITABIRIZO)
Umviriz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
Nugamburuke maz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
3. Nk’igiti kir’iruhande y’amazi
Gitang’ivyamwa vyaco ku gihe,
Twirinze kuba abagambarazi,
Tuzohimbarw’ivyiza twidihe.
(ICITABIRIZO)
Umviriz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
Nugamburuke maz’ushimirwe,
Mbere uhezagirwe.
(Raba kandi Gus. 28:2; Zab. 1:3; Imig. 10:22; Mat. 7:24-27.)