Ururirimbo 76
Yehova, Mana y’amahoro
Integuro icapuwe
1. Yehova, Mukama
Wa ya mahor’arama,
Duhe kugir’amahoro,
Hamwe n’ivyiza yama.
Ivy’uduhanura
Bituma twigarura.
Duh’amahor’av’iwawe
Atuma duturura.
2. Nah’is’iharana
Nta mahor’izozana.
Ku bawe ho, amahoro
Arisukira, Mana.
Ivy’utugombako
Ni na vyo tugumako,
Nuturonse nya mahoro,
Ugum’uyongerako.
3. Ya mpwemu utanga
Ituma tutikanga.
Ntituzimira mu mwiza
W’iyi s’itakwibanga.
Amahor’uzana
Natume dutekana
Mu mutima no mu bwenge
Twoye guhungabana.
(Raba kandi Zab. 4:8; Flp. 4:6, 7; 1 Tes. 5:23.)