ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 12 rup. 15
  • Ubukerebutsi buva ku Mana buratuyobora mu buzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukerebutsi buva ku Mana buratuyobora mu buzima
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Imigani 3:5, 6: «Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Salomo umwami w’inkerebutsi
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Imigani
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Imigani 16:3: «Shikiriza Umukama ibikorwa vyawe»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 12 rup. 15
Abantu ba kera bariko baregeranya intete

IGIHIMBA CA 12

Ubukerebutsi buva ku Mana buratuyobora mu buzima

Igitabu c’Imigani kirimwo impanuro zahumetswe zituyobora mu buzima bwa misi yose, nyinshi muri zo zikaba zavuzwe na Salomo

YEHOVA yoba ari Umutware w’inkerebutsi? Uburyo bumwe ntaharirizwa bwo kwishura ico kibazo ni ukurimbura impanuro atanga. Izo mpanuro zoba ari kirumara? Kuzikurikiza vyoba bituma ubuzima buba bwiza kuruta, bukanarushiriza kugira ico buvuze? Umwami w’inkerebutsi Salomo yaranditse imigani amajana n’amajana. Iyo migani ikora ku mice nka yose y’ubuzima. Reka turimbure imwimwe muri yo.

Kwizigira Imana. Kwizigira Yehova ni co kintu nyamukuru gituma tugiranira na we ubucuti bwiza. Salomo yanditse ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imigani 3:5, 6) Kwizigira Imana mu kuguma turondera kuyoborwa na yo no mu kuyigamburukira bituma ubuzima bwacu bugira ico buvuze bimwe bigera kure. Ingendo nk’iyo iratuma umuntu ashobora kunezereza umutima w’Imana ikongera igatuma Yehova aronka inyishu yotanga ku bibazo vyavyuwe n’umwansi wiwe, Shetani.—Imigani 27:11.

Gukorana ubukerebutsi mu vyo tugiranira n’abandi. Impanuro Imana iha abanega, abakenyezi n’abana usanga muri iki gihe ari iz’ingirakamaro kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Imana ihanura umunega iti: “Unezererwe umugore wo mu buto bgawe,” ivyo bikaba bisobanura yuko akwiye kuguma ari umwizigirwa ku mukenyezi wiwe. (Imigani 5:18-20) Mu gitabu c’Imigani, abakenyezi barahasanga amajambo arimwo igishika adondora umugore abishoboye ashimwa n’umunega wiwe be n’abana biwe. (Imigani, ikigabane ca 31) Abana na bo baragisangamwo ubuyobozi bubasaba kugamburukira abavyeyi babo. (Imigani 6:20) Vyongeye, ico gitabu kirerekana yuko kugiranira n’abandi ubugenzi ari ikintu gihambaye cane, mu gihe na ho umuntu yigungiye ukwa wenyene bituma aba umwikunzi. (Imigani 18:1) Abagenzi barashobora gutuma dukora iciza canke bakatwosha nabi, akaba ari co gituma rero dukwiye guhitamwo abagenzi tubigiranye ubukerebutsi.—Imigani 13:20; 17:17.

Gukorana ubukerebutsi mu bijanye n’ingene twitaho ibitwerekeye ubwacu. Igitabu c’Imigani kirimwo impanuro z’agaciro zituremesha kwirinda kunywa tukarenza urugero, gutsimbataza inyiyumvo zituma tumererwa neza maze tukarwanya izotuma tumererwa nabi, kikabamwo n’impanuro zituremesha kuba abakozi b’abanyamwete. (Imigani 6:6; 14:30; 20:1) Ico gitabu kiratugabisha ko kwizigira ivyiyumviro vy’abantu biteye kubiri n’impanuro Imana itanga, bikwega akarambaraye. (Imigani 14:12) Kiraduhimiriza kurinda umutima wacu utwosho twonona mu kutwibutsa yuko mu mutima “ari ho ubugingo bududubiriza.”—Imigani 4:23.

Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi basanze kubaho bisunga mwene izo mpanuro bituma bagira ubuzima bwiza kuruta. Ivyo vyatumye babona ko bafise imvo nyinshi zo kwemera gutwarwa na Yehova.

​—Bivugwa mu gitabu c’Imigani.

  • Ni ibiki dushobora kwigira ku kurimbura igitabu c’Imigani?

  • Ni ubuyobozi ubuhe igitabu c’Imigani gitanga ku bijanye n’ukwizigira Imana no gukorana ubukerebutsi mu vyo tugiranira n’abandi be n’ingene twitaho ibitwerekeye ubwacu?

UMUSIGUZI

Ni hehe hotuma umuntu yumva ko ashize akanyota kandi akabona ko ubuzima buri n’ico buvuze? Salomo ni we wenyene yari ashoboye kuronka inyishu y’ico kibazo. Kubera ko yari afise itunga ryinshi cane, akagira ubukerebutsi n’ubukuru bihambaye, yari ashoboye gusuzuma niba ivyo bintu vyotumye agira agahimbare nyakuri. Yarirutse inyuma y’ibintu binezereza, ararongora abagore benshi bezabeza arongera arinovora ibintu vyo kwisamaza vyizavyiza kuruta ibindi vyose. Yarubatse inyubakwa zikomakomeye. Yaragize ubushakashatsi mu bitabu vyanditswe n’incabwenge. None yashitse ku ki? Yasanze ‘vyose ari ubusa.’ Ariko, yahavuye ashika kuri iki ciyumviro gihambaye: “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.”—Umusiguzi 12:8, 13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika