IKIGABANE CA MBERE
“Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
1, 2. Ni kubera iki ata makenga ugira ku bijanye n’ivyo usoma muri Bibiliya?
“HARI umugenzi amata ku muntu kuruta uwo bavukana.” (Imig. 18:24) Woba umaze kwibonera ingene ayo majambo yahumetswe ari ay’ukuri? Urashobora kwizigira ivyo umugenzi nyakuri akubwira. Igihe akubwiye akajambo keza canke ivyo azokora, uravyemera. Aramutse agukebuye ku kintu kinaka, nta gukeka ko uvyakira neza kandi ukagira ivyo uryohoye. Uramaze kwibonera akatari gake ko aguhoza ku mutima, n’igihe aba ariko araguhanura. Mwempi mwipfurizanya kuroranirwa kugira ngo ubucuti mufitaniye burambe.
2 Abagabo benshi Imana yakoresheje kugira ngo bandike ibitabu bigize Bibiliya hari ukuntu usanga bameze nk’umugenzi nk’uwo. Urashobora kwizigira ivyo bavuga. Uremera udakeka yuko ivyo bavuga bigufitiye akamaro. Ukwo ni ko Abisirayeli ba kera bari bakwiye kubona “abantu bavu[ga] ivyava ku Mana . . . barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Pet. 1:20, 21) Yeremiya ni we Imana yakoresheje mu kwandika igitabu c’ubuhanuzi kinini kuruta ibindi, akaba kandi yaranditse igitabu co Gucura intimba be n’ibindi bitabu bibiri vyo muri Bibiliya.
3, 4. Abantu bamwebamwe babona gute igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba, yamara ni kubera iki ukwo ari ukwihenda? Bitangire akarorero.
3 Ariko rero, hari aho woba umaze kubona yuko abasomyi ba Bibiliya bamwebamwe biyumvira ko ivyo Yeremiya yanditse ata co bibamariye. Boshobora kwiyumvira yuko igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba birimwo gusa imburi zivuna umutima be n’ibintu biteye agahinda. Ariko none, ukwo kwoba ari ko ivyo bitabu bikwiye kubonwa?
4 Ni ivy’ukuri yuko ivyo Yeremiya yanditse birimwo imburi zidakikiriza; ariko none ntusanzwe uzi yuko hari igihe umugenzi akubwira ikintu adakikiriza? Erega na Yezu ivyo yarabigize igihe abagenzi biwe, ni ukuvuga intumwa ziwe, bagaragaza agatima katabereye. Yarabakosoye ata guca ku ruhande. (Mrk. 9:33-37) Naho ari ukwo, ubutumwa nyamukuru Yezu yashikiriza bwararemesha, bukerekana ingene umuntu yoshimwa n’Imana be n’ukuntu yogira ubuhirwe muri kazoza. (Mat. 5:3-10, 43-45) Ivyo Yeremiya yanditse na vyo nyene birimwo ubutumwa nk’ubwo nyene, narirya biri mu bigize “Icanditswe cose” usanga ari ngirakamaro ku “kugorora ibintu.” (2 Tim. 3:16) Yeremiya yaravuze mu buryo butomoye ukuntu Yehova Imana yabona abivugisha yuko bamusukurira, ariko bakaba bari bakwiriye gushikirwa n’ingaruka z’ibibi bakora. Ariko kandi, igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba birimwo ubutumwa butanga icizigiro bikongera bikerekana ukuntu tuzohezagirwa. Yeremiya yaranditse kandi ubuhanuzi buvuga ibijanye n’ukuntu imigambi y’Imana yorangutse, kandi muri iki gihe iranguka ryabwo riratwerekeye cane. Ikigeretseko, ivyo bitabu vyompi uzosanga birimwo indemesho nyinshi.—Soma Yeremiya 31:13, 33; 33:10, 11; Gucura intimba 3:22, 23.
5. Dushobora gute kwungukira ku vyo Yeremiya yanditse?
5 Ibintu twiteze muri kazoza be n’umunezero dufise mu basavyi b’Imana muri iki gihe, birafitaniye isano n’ivyo Yeremiya yanditse. Rimbura nk’akarorero ibijanye n’umuryango wacu w’abavukanyi wunze ubumwe. Ivyo Yeremiya yanditse bizodufasha gutuma uwo muryango urushiriza kwunga ubumwe, vyongere bidufashe gushira mu ngiro impanuro intumwa Paulo yatanze igira iti: “Bene wacu, mubandanye kunezerwa, kwemera kubogorwa, guhozwa, kwiyumvira muhuza, kubaho mu mahoro; kandi ya Mana y’urukundo n’amahoro izobana namwe.” (2 Kor. 13:11) Ivyo Yeremiya yanditse birafitaniye isano rya hafi n’ubutumwa twamamaza. Naho tubwira abandi ibijanye n’iyi misi ya nyuma tukongera tukababurira ku bijanye n’umuhero w’ivy’iyi si wegereje, ubwo butumwa dushikiriza buguma buremesha abantu, bugatuma bagira icizigiro. Vyongeye, ivyo Yeremiya yanditse biradufasha cane mu buzima bwa misi yose. Hariho isano rinini hagati y’ukuntu ivyacu vyifashe be n’ukuntu Yeremiya yari abayeho hamwe n’ubutumwa yashikiriza. Kugira ngo ivyo tubitahure neza, nimuze turimbure ukuntu ivy’uwo muhanuzi w’intangakarorero vyari vyifashe be n’igikorwa Imana yamushinze, uwo yabwiye iti: “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.”—Yer. 1:9.
6, 7. Ni kubera iki tutokekeranya ko Imana yitwararitse ivyerekeye Yeremiya, kandi ibintu vyari vyifashe gute igihe yavuka?
6 Igihe umugabo n’umugore biteze kuronka ikibondo, akenshi usanga baguma biyumvira ivy’ico kibondo. Boshobora kwibaza bati: ‘Mbega uwo mwana azoba ameze gute? Ni ibiki azokora mu buzima bwiwe? Ni ibiki azoshira imbere y’ibindi? Ni umwuga nyabaki azokurikirana? Kandi ni ibiki azoshikako?’ Abavyeyi bawe na bo nyene bashobora kuba baribajije ibibazo nk’ivyo ku bikwerekeye. Bitegerezwa kuba ari ukwo vyagenze no ku bavyeyi ba Yeremiya. Yamara rero, ivyiwe ntivyari ibisanzwe. Uti kubera iki? Umuremyi w’ibiriho vyose yaritwararitse bimwe bidasanzwe ubuzima bwa Yeremiya be n’ibikorwa yoranguye.—Soma Yeremiya 1:5.
7 Ni vyo, imbere y’uko Yeremiya avuka, Imana yarakoresheje ubushobozi bwayo bwo kumenya ibintu imbere y’igihe. Yaritwararitse bimwe bidasanzwe ivyerekeye uwo muhungu yovukiye mu muryango w’umuherezi wo mu buraruko bwa Yeruzalemu. Aho hari hagati mu kinjana c’indwi B.G.C., ico kikaba kitari igihe giteye umunezero mu bwami bwa Yuda kubera ko haganza Umwami mubi, ari we Manase. (Raba ku rupapuro rwa 19.) Manase yamaze ikiringo kinini c’ingoma yiwe y’imyaka 55 akora ibibi mu maso ya Yehova. Umuhungu wiwe Amoni yamusubiriye na we nyene yakoze nk’ivyo se yakora. (2 Abm. 21:1-9, 19-26) Hagiye kuba ihinduka rikomeye ku ngoma y’umwami wa Yuda yakurikiye. Umwami Yosiya yararondeye Yehova. Mu mwaka ugira 18 Yosiya ari ku ngoma, yari amaze gukuraho ugusenga ibigirwamana muri ico gihugu. Ivyo bitegerezwa kuba vyarahimbaye abavyeyi ba Yeremiya kubera ko ku ngoma ya Yosiya ari ho Imana yashinga igikorwa uwo muhungu wabo.—2 Ngo. 34:3-8.
Ni kubera iki ukwiye kwitwararika cane ibivugwa mu gitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba?
IMANA YIROBANURIRA UMUVUGIZI
8. Ni igikorwa ikihe Yeremiya yashinzwe, kandi yacakiriye gute?
8 Ntituzi imyaka Yeremiya yari afise igihe Imana yamubwira iti: “Nakugize umuhanuzi ku mahanga.” Ashobora kuba yari afise imyaka yababa 25, iyo ikaba ari imyaka umuherezi yategerezwa kuba afise kugira ngo atangure igice ca mbere c’ibanga ry’ubuherezi. (Guh. 8:24) Uko imyaka yiwe yangana kwose, Yeremiya yishuye ati: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Ehe vy’ukuri sinzi kuvuga, kuko ndi agahungu.” (Yer. 1:6) Yaratinyatinye kumbure abitewe n’uko yiyumvira yuko yari muto cane canke ko atari akwije ibisabwa ngo ashingwe iryo banga rihambaye ryo kuba umuhanuzi, ivyomusavye kuvugira imbere y’abantu.
9, 10. Yeremiya yatanguye igikorwa ciwe ibintu vyifashe gute, ariko ni kubera iki mu nyuma cahavuye kigora?
9 Yeremiya yashinzwe ico gikorwa igihe Umwami Yosiya yariko akuraho ugusenga kw’ikinyoma gushisha kugira ngo asubizeho ugusenga kw’ukuri. Yeremiya na Yosiya, baba bari bafitaniye imigenderanire canke ata yo bari bafitaniye, biragaragara ko uko ibintu vyari vyifashe ico gihe vyatuma umuhanuzi w’ukuri ashitsa neza ibanga ryiwe. Zefaniya na Nahumu na bo nyene barabaye abahanuzi mu gihugu ca Yuda mu ntango y’ubutegetsi bwa Yosiya.a Muri ico gihe nyene hari hariho n’umuhanuzikazi Hulida, ariko we akaba yavuga ibijanye n’ibihe bibi vyari biraririye gushika. Yeremiya yararamvye ku buryo yiboneye iranguka ry’ubwo buhanuzi bwa Hulida. (2 Abm. 22:14) Nkako, abagenzi biwe, nk’akarorero Ebedi-meleki na Baruki, vyarashika bakaza baramukura ku munwa w’icobo canke bakamukingira abansi biwe bamuhigira.
10 Wewe wovyakira gute nka hamwe Imana yogushinga igikorwa kidasanzwe co kuba umuhanuzi ashikiriza ubutumwa bukomeye? (Soma Yeremiya 1:10.) Rimbura bumwe mu butumwa Yeremiya yabwirizwa gutangaza. Mu 609 B.G.C., ingabo z’Abanyababiloni zaraje gutera i Yeruzalemu. Umwami Zedekiya yararondeye kuronka ubutumwa buhumuriza buva ku Mana biciye kuri Yeremiya. Yamara, ubutumwa Imana yari ifitiye uwo mwami ntibwahumuriza namba.—Soma Yeremiya 21:4-7, 10.
YARI UMUNTU NKATWE
11. Naho Yeremiya yabona ko igikorwa yari yashinzwe kigoye, ni kubera iki atatinya kukirangura?
11 Dufate ko tubwirizwa kumenyesha urubanza rukaze rwociriwe abami babi, abaherezi bononekaye be n’abahanuzi b’ikinyoma, yamara tukaba dushigikiwe n’Imana. Ivyo biri mu vyo umusore Yeremiya yabwirizwa gutangaza, kandi Imana yaramushigikiye. (Yer. 1:7-9) Imana yaramusubirije umutima mu nda mu kumubwira amajambo yatuma agira ubutinyutsi, iti: “Ehe uyu musi nkugize igisagara gikingijwe ibihome, nkugira n’inkingi y’icuma n’impome z’umujumpu ku gihugu cose, ngo uhangane n’abami ba Yuda, n’abaganwa baho, n’abaherezi baho be n’abanyagihugu. Bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha, kuko ‘ndi kumwe nawe kugira nkurokore,’ ni ko Yehova avuze.”—Yer. 1:18, 19.
12. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko ivyacu vyifashe nk’uko ivya Yeremiya vyari vyifashe?
12 Ntiwibaze yuko Yeremiya yari umuntu w’akataraboneka. Yari umuntu nkatwe. Vyongeye, naho Yeremiya yabayeho mu gihe gitandukanye n’icacu, biri n’ico bivuze kubona ivyamushikiye bisa neza na neza n’ibidushikira. Cokimwe na Yeremiya, na twebwe nyene turagira ivyo dukoranye n’abantu batandukanye, haba mu buzima bwa misi yose canke mw’ishengero. Hari vyinshi twokwigira kuri Yeremiya, uwari “umuntu yiyumva nk’uko twiyumva” nka kumwe kw’umuhanuzi Eliya. (Yak. 5:17) Ng’ibi bimwebimwe.
13, 14. Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe boshobora gutahura inyiyumvo Yeremiya yagize igihe Pashuri yategeka ko ashirwa mu mpatane z’ibiti, nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rwa 10?
13 Nta gukeka ko umaze gushikirwa n’ibintu vyiza canke bibi mu buzima bwawe. Na Yeremiya ni ko vyamugendeye. Igihe kimwe Pashuri umuherezi ahambaye, yarakubise Yeremiya hanyuma ategeka ko ashirwa mu mpatane z’ibiti. Ashobora kuba yamaze amasaha n’ayandi izosi ryiwe, amaboko yiwe be n’amaguru yiwe bifyondewe hagati y’imbaho zari zigize iyo mpatane. Ikigeretse ku bubabare yari afise, yategerezwa kwihanganira agacokoro k’abamurwanya. Ubona nawe woshobora kwihanganira agacokoro nkako kababaza, hariko mbere n’ukugirirwa nabi ku mubiri?—Yer. 20:1-4.
14 Ntibitangaje rero kubona ivyashikiye Yeremiya vyatumye avuga ati: “Urakavumwa umusi navukiyeko! . . . Kubera iki navuye mu gitereko kugira mbone igikorwa c’ubutame n’intuntu, no kugira ngo imisi yanje irangirire mu bumaramare?” (Yer. 20:14-18) Mu vy’ukuri, Yeremiya yari afise imvo yumvikana yo kwumva yihebuye. Vyoba vyarashitse ukwumva udundumiwe ku buryo ubona ko ata co umaze, ko ata co uriko urashikako, canke mbere ko ata co bimaze kubandanya usukurira Imana? Abantu bose bamaze kugira inyiyumvo nk’izo barashobora kwungukira ku gutahura neza ivyashikiye Yeremiya be n’ingene ibintu vyahavuye bimugendera.
Ni igiki kigutangaza ku bijanye n’igikorwa Yehova yashinze Yeremiya? Ni kubera iki ivyawe bishobora kuba vyifashe nk’uko ivya Yeremiya vyari vyifashe?
15. Ni kubera iki dushobora kwungukira ku kurimbura ibijanye n’inyiyumvo zitandukanye Yeremiya yagiye aragira?
15 Amajambo dusanga muri Yeremiya 20:14-18 yerekana umwiheburo uwo muhanuzi yagize, ayavuga ahejeje kuvuga ibijanye no kuririmbira Yehova be no kumushemeza. (Soma Yeremiya 20:12, 13.) Vyoba bimaze gushika inyiyumvo zawe zigahinduka bukwi na bukwi? Ushobora kuba wari unezerewe, yamara ukaza wumva wa munezero sinzi iyo ukamanganiye. Ata gukeka, umwe wese muri twebwe arashobora kwungukira ku kurimbura ivyashikiye Yeremiya. Biragaragara ko yiyumva nk’uko natwe twiyumva. Turashobora kwungukira cane ku kwihweza ibikorwa be n’inyifato vy’uwo mugabo, uwo Umuremyi yakoresheje mu buryo bukomeye ari umuvugizi wiwe.—2 Ngo. 36:12, 21, 22; Ezr. 1:1.
16. Ni bande bashobora kwungukira ku nkuru ivuga ibijanye n’uko Yeremiya atari yubatse urwiwe?
16 Ikindi kintu gituma bamwebamwe babona ko ivyabo vyifashe nk’uko ivya Yeremiya vyari vyifashe ni ikijanye n’uko atari yubatse. Imana yari yamutegetse kutubaka urwiwe, ico kikaba ari ikintu kitari kimenyerewe ico gihe kandi casa n’ikigoye gushira mu ngiro. (Soma Yeremiya 16:2.) Kubera iki none Yehova yategetse Yeremiya kutubaka urwiwe? Kandi, ivyo vyagize ico bikoze gute kuri we? Iyo nkuru ishobora gute kuremesha abavukanyi na bashiki bacu batubatse izabo, baba ari bo ubwabo bavyihitiyemwo canke babitewe n’izindi mvo? Ayo majambo Imana yabwiye Yeremiya hoba hari ico yofasha abubakanye bafise “abahungu n’abakobwa”? Bite ho ku batabafise? Iyo nkuru ya Yeremiya ishobora gute kugufasha?
17. Amajambo uwo muhanuzi yavuze dusanga muri Yeremiya 38:20, ashobora gutuma tuzirikana ku biki?
17 Birashimishije kubona Yeremiya yarigeze guhanura umwami wa Yuda ati: “Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova mu vyo nkubwira, maze bizokugendera neza, ubandanye kubaho.” (Yer. 38:20) Ayo majambo araturonsa ubuyobozi bwiza cane twokwisunga mu vyo tugiranira n’abandi. Aho harimwo ivyo tugiranira n’abantu bataratangura kugendera mu nzira za Yehova ariko tukaba twoshobora kubafasha. N’ikindi kandi, ivyo Yeremiya yagiriye abagamburukira Imana ico gihe ni akarorero keza twokurikiza muri iki gihe. Egome, hari ibintu vyinshi twokwigira kuri Yeremiya.
INTUMBERO Y’IKI GITABU NI IYIHE?
18, 19. Igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba twoshobora kubirimbura mu buryo butandukanye ubuhe?
18 Iki gitabu kizogufasha kwihweza igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba, kigufashe kandi kugira ico uvyigiyeko. Mu buryo ubuhe? Intumwa Paulo yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi.” (2 Tim. 3:16) Muri ico Canditswe cose cahumetswe harimwo n’ivyo bitabu bibiri duhejeje kuvuga.
19 Mu vy’ukuri, igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba twoshobora kubirimbura mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, twoshobora kubirimbura umurongo ku wundi, turondera gutahura neza ukuntu ibintu vyari vyifashe ico gihe canke ico umurongo umwumwe wose usobanura. Canke na ho tukitunira ku kurondera isano canke itandukaniro riri hagati y’abantu bo muri ico gihe be n’abo muri iki gihe, tutibagiye n’iriri hagati y’ivyabaye ico gihe be n’ibiba muri iki gihe. (Gereranya na Yeremiya 24:6, 7; 1 Abakorinto 3:6.) Kibure tukarondera kumenya ibintu vyabaye muri kahise bifitaniye isano n’inkuru ziganwa muri ivyo bitabu vyompi. (Yer. 39:1-9) Nkako, usanga mwene ayo makuru akenewe ku rugero runaka kugira ngo dushobore kwungukira ku kwihweza igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba. Ni co gituma Ikigabane ca 2, ikivuga ngo “Asukurira Imana ‘mu kiringo ca nyuma c’imisi,’” kidufasha kubona muri make ukuntu ibintu vyari vyifashe muri ico gihe ca Yeremiya be n’ukuntu Imana yayoboye ibintu.
20. Iki gitabu kidufasha kwihweza mu buryo ubuhe igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba?
20 Ariko rero, iyo si yo ntumbero nyamukuru y’iki gitabu. Tuzobona ko igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba ari ingabirano yavuye ku Mana kugira ngo bidufashe mu buzima bwacu bwa gikirisu muri iki gihe. (Tito 2:12) Tuzorushiriza gutahura ko ivyo bitabu birimwo amakuru menshi cane usanga ari “ngirakamaro ku kwigisha.” Ivyo bitabu birimwo impanuro dukenera mu buzima bwacu bwa misi yose be n’uburorero bushobora kuturonsa ibikwiye vyose kugira ngo dushobore kuvyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu buzima. Twese turashobora kwungukira kuri ivyo bitabu, twaba turi abirebange, abubatse, abakurambere, abatsimvyi, ba serugo, ba inarugo canke abanyeshure. Umwe wese muri twebwe azobona ko biciye kuri ivyo bitabu vyahumetswe Imana idufasha kuba ‘abafise ibikenewe ku bw’igikorwa ciza cose.’—2 Tim. 3:17.
21. Ni kubera iki ushashaye kwiga iki gitabu?
21 Uko urimbura ikigabane kimwekimwe co muri iki gitabu, nuze uraronderamwo ivyiyumviro vyokugirira akamaro. Nta gukeka ko kwihweza igitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba bizotuma ubona ko aya majambo Paulo yanditse ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”—Rom. 15:4.
Ni ibiki ushobora kwigira ku bivugwa mu gitabu ca Yeremiya be n’ico Gucura intimba bizogufasha mu buzima bwawe bwa misi yose?
a Haciye igihe kitari gito Yeremiya ari umuhanuzi, hari abandi babaye abahanuzi nka we, na bo akaba ari Habakuki, Obadiya, Daniyeli na Ezekiyeli. Yeremiya yari amaze imyaka hafi 40 ari umuhanuzi igihe i Yeruzalemu hashikirwa n’ivyago mu 607 B.G.C., kandi inyuma y’ivyo yaramaze imyaka irenga 20 akiriho.