ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ll igice 4 rup. 10-11
  • Kuba barumvirije Shetani vyavuyemwo iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuba barumvirije Shetani vyavuyemwo iki?
  • Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Igice ca 4
    Niwumvirize Imana
  • Abapfuye bari hehe?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kubera iki dusaza hanyuma tugapfa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
Ibindi
Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
ll igice 4 rup. 10-11

IGICE CA 4

Kuba barumvirije Shetani vyavuyemwo iki?

Kubera ko Adamu na Eva batagamburukiye Imana, barapfuye. Itanguriro 3:6, 23

Eva ararya ca camwa Imana yababuza, agahako na Adamu

Eva yarumvirije iyo nzoka maze ararya kuri ico camwa. Mu nyuma yarahayeko Adamu na we arakirya.

Adamu na Eva bavuye mw’Iparadizo

Ico kintu bakoze nticari kibereye, cari igicumuro. Imana yaciye ibakura mw’Iparadizo babamwo.

Adamu na Eva barasaza hanyuma bagapfa

Ubuzima bwari bugoye kuri bo no ku bana babo. Barashaje hanyuma barapfa. Nta hantu na hamwe bagiye; bararetse kubaho.

Abapfuye ntibagira ubuzima; bameze nk’umukungugu. Itanguriro 3:19

Abantu b’imico kama itandukanye kandi babayeho mu bihe bitandukanye

Dupfa kubera yuko twese dukomoka kuri Adamu na Eva. Abapfuye ntibashobora kubona canke kwumva kibure gukora ikintu na kimwe.—Umusiguzi 9:5, 10.

Umuryango uriko uraririra agakobwa kabo kapfuye

Yehova ntiyashaka yuko abantu bapfa. Vuba azozura abapfuye. Nibamwumviriza, bazobaho ibihe bidahera.

  • Ni kubera iki dupfa?—Abaroma 5:12.

  • Urupfu ntiruzokwongera kubaho.—1 Abakorinto 15:26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika