ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ll igice 8 rup. 18-19
  • Urupfu rwa Yezu ruvuze iki kuri wewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urupfu rwa Yezu ruvuze iki kuri wewe?
  • Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Ivyo bijanye
  • Igice ca 8
    Niwumvirize Imana
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
ll igice 8 rup. 18-19

IGICE CA 8

Urupfu rwa Yezu ruvuze iki kuri wewe?

Yezu yarapfuye kugira ngo dushobore kubaho. Yohani 3:16

Abagore bariko bararaba mu mva Yezu yari yahambwemwo

Haciye imisi itatu Yezu apfuye, abagore bamwe baragiye ku mva yiwe basanga iragaragara. Yehova yari yazuye Yezu mu bapfuye.

Yezu ariyereka intumwa ziwe, hanyuma akaduga mw’ijuru

Mu nyuma, Yezu yarabonekeye intumwa ziwe.

Egome, Yehova yari yazuye Yezu kugira ngo abeho ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha kidapfa. Abigishwa ba Yezu baramubonye aduga mw’ijuru.

  • “Impembo” y’igicumuro ni iyihe?—Abaroma 6:23.

  • Yezu yaruguruye inzira ijana mu buzima budahera.—Abaroma 5:21.

Imana yarazuye Yezu maze imugira Umwami w’Ubwami bwayo. Daniyeli 7:13, 14

Yezu yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami, ariko araganza abantu bari kw’isi y’iparadizo

Yezu yarahevye ubuzima bwiwe kugira ngo acungure abantu. (Matayo 20:28) Biciye kuri iyo ncungu Imana iratuma bishoboka ko tubaho ibihe bidahera.

Yehova yaragenye Yezu kugira ngo abe Umwami wo kuganza isi. Azoba ari kumwe n’abantu b’abizigirwa 144.000 bazuka bakaja kuba mw’ijuru bavuye mw’isi. Yezu hamwe n’abo bantu 144.000 bagize intwaro yo mw’ijuru igororotse yitwa Ubwami bw’Imana.—Ivyahishuwe 14:1-3.

Ubwami bw’Imana buzohindura isi Iparadizo. Intambara, ubwicanyi, ubukene be n’inzara ntibizoba bikiriho. Abantu bazonezerwa vy’ukuri.—Zaburi 145:16.

  • Ni imihezagiro iyihe Ubwami bw’Imana buzozana?—Zaburi 72.

  • Turakwiye gusenga dusaba yuko Ubwami bw’Imana buza.—Matayo 6:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika