ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fg icig. 10 ibibazo 1-4
  • Womenya gute abasenga mu kuri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Womenya gute abasenga mu kuri?
  • Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ivyo bijanye
  • Womenya gute ugusenga kw’ukuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woshobora Gute Kumenya Idini y’Ukuri?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Inkuru nziza iva ku Mana
fg icig. 10 ibibazo 1-4

ICIGWA CA 10

Womenya gute abasenga mu kuri?

1. Hoba hari idini ry’ukuri rimwe gusa?

Yezu ariko yigisha

“Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma.”—MATAYO 7:15.

Yezu yigishije abayoboke biwe idini rimwe gusa, ni ukuvuga idini ry’ukuri. Rimeze nk’inzira, ikaba ari inzira ijana mu buzima budahera. Ku vyerekeye iyo nzira, Yezu yavuze ati: “Bake ni bo bayitora.” (Matayo 7:14) Imana yemera gusa ugusenga gushingiye kw’Ijambo ryayo ry’ukuri. Abasenga Imana b’ukuri bose bunze ubumwe mu kwizera kumwe.—Soma Yohani 4:23, 24; 14:6; Abanyefeso 4:4, 5.

Raba ividewo Imana yoba yemera amadini yose?

2. Yezu yavuze iki ku bijanye n’abakirisu b’ikinyoma?

Indongozi y’idini iriko yigisha mu rusengero. Inyuma y’aho, iriko irahezagira abasoda bari ku rugamba.

“Batura icese yuko bazi Imana, mugabo bakayihakanisha ibikorwa vyabo.”—TITO 1:16.

Yezu yagabishije ko abahanuzi b’ikinyoma bokwononye ubukirisu. Uriko urabaraba wogira ngo ni abakirisu b’ukuri. Amadini yabo yivuga ko ari aya gikirisu. Ariko abantu nk’abo wobamenyera ku kuntu bameze vy’ukuri. Uti gute? Ugusenga mu kuri ni kwo kwonyene gutuma haboneka abakirisu b’ukuri, bano bakaba bamenyekanira kuri kamere nziza bagaragaza no ku vyo bakora.—Soma Matayo 7:13-23.

3. Womenya gute abasenga Imana b’ukuri?

Raba ibintu bitanu bibaranga:

  • Abasenga Imana b’ukuri barubaha Bibiliya bakabona ko ari Ijambo ry’Imana. Barihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako zayo. Rero, idini ry’ukuri riratandukanye n’idini ryisunga ivyiyumviro vy’abantu. (Matayo 15:7-9) Abasenga Imana b’ukuri ntibigisha ibintu ngo bace bakora ibitandukanye na vyo.—Soma Yohani 17:17; 2 Timoteyo 3:16, 17.

  • Umukirisu ariko ashikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya. Ubukurikira ariko aramamaza ibijanye n’Ubwami bw’Imana, afasha abashikiwe n’ivyago, afasha uwugeze mu zabukuru.

    Abayoboke b’ukuri ba Yezu baratera iteka izina ry’Imana, ari ryo Yehova. Yezu yaratera iteka izina ry’Imana mu kurimenyekanisha. Yarafashije abantu kumenya Imana yongera arabigisha gusenga basaba ngo izina ryayo ryezwe. (Matayo 6:9) Aho uherereye, ni idini irihe rimenyekanisha izina ry’Imana?—Soma Yohani 17:26; Abaroma 10:13, 14.

  • Abakirisu b’ukuri barigisha abantu Ubwami bw’Imana. Imana yararungitse Yezu ngo aze kwigisha abantu inkuru nziza y’Ubwami. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira. Yezu yarabandanije kubwira abantu ivyabwo gushika apfuye. (Luka 4:43; 8:1; 23:42, 43) Yavuze ko abayoboke biwe bobwamamaje. Hagize uwukwegera kugira akubwire ivy’Ubwami bw’Imana, uca ubona ko ashobora kuba ari uwo mw’idini irihe?—Soma Matayo 24:14.

  • Abayoboke ba Yezu si ab’iyi si mbi. Wobamenyera ku kuntu batagira uruhara muri politike no mu matati yo mu kibano. (Yohani 17:16; 18:36) N’ikindi kandi, ntibigana ingeso n’inyifato mbi vy’iyi si.—Soma Yakobo 4:4.

  • Abakirisu b’ukuri barakundana bimwe bidasanzwe. Barigishijwe n’Ijambo ry’Imana kwubaha abantu b’ubwoko bwose. Naho amadini y’ikinyoma usanga kenshi ashigikira cane intambara z’ibihugu, abasenga Imana b’ukuri bobo nta vyo bagira. (Mika 4:1-3) Ahubwo riho, abakirisu b’ukuri baritanga bagakoresha umwanya wabo be n’uburyo bwabo kugira bafashe abantu nkabo bongere babaremeshe.—Soma Yohani 13:34, 35; 1 Yohani 4:20.

4. Woba ushobora kumenya idini ry’ukuri?

Ni idini irihe rishingira inyigisho zaryo zose kw’Ijambo ry’Imana, rigatera iteka izina ry’Imana kandi rikamamaza ko Ubwami bw’Imana ari bwo gusa abantu bakwiye kwizigira? Ni idini irihe rigaragaza urukundo kandi rikirinda kuja mu ntambara? Uvyibazako iki?—Soma 1 Yohani 3:10-12.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 15 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika