ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fg icig. 13 ibibazo 1-4
  • Ni ibiki bizoshikira amadini?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki bizoshikira amadini?
  • Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki bizoshikira amadini?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene amadini y’ikinyoma asiga iceyi Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Guma witandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
    Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
Ibindi
Inkuru nziza iva ku Mana
fg icig. 13 ibibazo 1-4

ICIGWA CA 13

Ni ibiki bizoshikira amadini?

1. Amadini yose yoba ari meza?

Umugabo ariko arasoma Bibiliya

Mu madini yose hariyo abantu b’inziraburyarya. Ni inkuru nziza kumenya ko Imana ibona abo bantu kandi ko ibitwararika. Ariko ikibabaje ni uko idini ryagiye rirakoreshwa ku bw’intumbero mbi. (2 Abakorinto 4:3, 4; 11:13-15) Amaraporo atangwa n’ibimenyeshamakuru yerekana ko hari mbere amadini agira uruhara mw’iterabwoba, mw’ihonyabwoko, mu ntambara no mu vyo kwonona abana. Ese ukuntu ivyo bibabaza cane abizera Imana vy’ukuri!—Soma Matayo 24:3-5, 11, 12.

Idini ry’ukuri riraninahaza Imana, ariko idini ry’ikinyoma rirayitukisha. Ryigisha ivyiyumviro bitari muri Bibiliya, aho hakaba harimwo inyigisho z’ikinyoma ryigisha ku vyerekeye Imana no ku vyerekeye abapfuye. Ariko Yehova yipfuza ko abantu bamenya ukuri ku bimwerekeye.—Soma Ezekiyeli 18:4; 1 Timoteyo 2:3-5.

2. Ni ibiki bizoshikira amadini?

Birahimbaye kubona Imana idahendwa n’amadini yivugisha ko ayikunda ariko mu vy’ukuri akaba akunda isi ya Shetani. (Yakobo 4:4) Ijambo ry’Imana ryita amadini yose y’ikinyoma “Babiloni Akomeye.” Babiloni cari igisagara ca kera idini ry’ikinyoma ryatanguriyemwo inyuma ya rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa. Vuba, Imana igiye gukuraho gitumburuka amadini ahenda abantu kandi akabahahaza.—Soma Ivyahishuwe 17:1, 2, 5, 16, 17; 18:8.

Hari ikindi gihimbaye. Yehova ntiyibagiye abantu b’umutima nziraburyarya bakwiragiye mu madini y’ikinyoma hirya no hino kw’isi. Ariko aregeranya abo bantu biciye ku kubigisha ukuri maze bakava muri ayo madini y’ikinyoma.—Soma Mika 4:2, 5.

3. Abantu b’umutima nziraburyarya bakwiye gukora iki?

Abantu bariko barayaga inyuma y’ikoraniro rya gikirisu

Idini ry’ukuri ririko riratuma abantu bahurikira hamwe

Yehova aritwararika abantu bakunda ukuri n’iciza. Arabahimiriza kuva mw’idini ry’ikinyoma. Abantu bakunda Imana baremera kugira ivyo bahinduye kugira ngo bayihimbare.—Soma Ivyahishuwe 18:4.

Mu kinjana ca mbere, igihe abantu b’imitima nziraburyarya bumva inkuru nziza bayibwiwe n’intumwa, bayakiranye umunezero. Yehova yarabigishije ubundi buryo bwo kubaho, ni ukuvuga ingene bobaho bahimbawe kuruta, bafise icizigiro be n’intumbero mu buzima. Baradusigiye akarorero keza kubera ko bakiriye iyo nkuru nziza, Yehova aba ari we bashira imbere mu buzima bwabo.—Soma 1 Abatesalonika 1:8, 9; 2:13.

Abantu baheba idini ry’ikinyoma Yehova arabaha ikaze mu muryango wiwe ugizwe n’abamusenga. Niwitaba akamo karangwa igishika Yehova agutera, uzogiranira ubugenzi na we, uronke umuryango mushasha kandi ugukunda ugizwe n’abo muzoba musangiye ugusenga Yehova, wongere uronke ubuzima budahera.—Soma Mariko 10:29, 30; 2 Abakorinto 6:17, 18.

4. Ni igiki Imana izokora kugira ngo itume kw’isi hose haba umunezero?

Kuba idini ry’ikinyoma ryimirije gusangangurwa ni inkuru nziza. Isi yose izoruhuka agahahazo k’iryo dini. Idini ry’ikinyoma ntirizokwigera risubira guhenda abantu no kubacamwo ibice. Abantu bose bazoba bariho ico gihe bazohurikira hamwe mu gusenga Imana yonyene y’ukuri.—Soma Ivyahishuwe 18:20, 21; 21:3, 4.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 15 n’ica 16 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika