ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-30 rup. 1-4
  • Ubona gute Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubona gute Bibiliya?
  • Ubona gute Bibiliya?
  • Ivyo bijanye
  • Ubona gute kazoza?
    Ubona gute kazoza?
  • Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
    Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
    Imibabaro yoba izoteba igahera?
Ibindi
Ubona gute Bibiliya?
T-30 rup. 1-4

Ubona gute Bibiliya?

Woba wovuga ko ari . . .

  • igitabu c’ubukerebutsi bw’abantu?

  • igitabu c’imigani n’ibitito?

  • Ijambo ry’Imana?

IVYO BIBILIYA IVUGA

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.”​—2 Timoteyo 3:16, Bibiliya y’isi nshasha.

ICO VYOKUMARIRA

Uraronka inyishu zishimishije z’ibibazo bihambaye mu buzima.​—Imigani 2:1-5.

Uraronka ubuyobozi bwo kwizigirwa bugufasha mu buzima bwa misi yose.​—Zaburi 119:105.

Uragira icizigiro nyakuri ku vyerekeye kazoza.​—Abaroma 15:4.

Umugore n’umugabo bariko basoma Bibiliya; umuryango uhimbawe usohotse gusama akayaga

TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zitatu:

  • Ibiri muri yo birahuza mu buryo butangaje. Bibiliya yanditswe n’abantu batandukanye nka 40 mu kiringo c’imyaka 1.600. Benshi muri bo ntibigeze babonana. Yamara, ibiri muri ico gitabu vyose birahuza, bikaba bihuriye ku ciyumviro nyamukuru kimwe!

  • Inkuru ya kahise irangwa n’ukuri. Abahinga mu vya kahise barakunda guhisha amakosa yakozwe n’abantu bo mu bihugu vyabo. Abanditse Bibiliya bobo baranditse ata guhisha amakosa yabo n’ay’ibihugu vyabo.​—2 Ngoma 36:15, 16; Zaburi 51:1-4.

  • Ubuhanuzi bwo kwizigirwa. Bibiliya yaravuze ibijanye n’ugutikizwa kw’igisagara ca kera ca Babiloni hagisigaye imyaka nka 200 ngo bibe. (Yesaya 13:17-22) Ntiyahishuye gusa ukuntu Babiloni yotemvye, ariko yaravuze n’izina ry’uwoyigaruriye!—Yesaya 45:1-3.

    Hariho n’ubundi buhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya bwarangutse gushika no ku tuntu dutoduto cane. Ivyo none si vyo twokwitega kw’Ijambo ry’Imana?​—2 Petero 1:21.

ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Sebibondo, inabibondo, agahungu n’agakobwa

Ijambo ry’Imana rishobora gute gutuma ubuzima bwawe burushiriza kumera neza?

Bibiliya irishura ico kibazo muri YESAYA 48:17, 18 no muri 2 TIMOTEYO 3:16, 17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika