ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 6 rup. 14-15
  • Dawidi ntiyagira ubwoba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dawidi ntiyagira ubwoba
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Dawidi ata bwoba yari afise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Dawidi na Goliyati
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • ‘Urugamba ni urwa Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Dawidi na Goliyati
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 6 rup. 14-15

ICIGWA CA 6

Dawidi ntiyagira ubwoba

Iyo ufise ubwoba uca ukora iki?— Ushobora kuba uca uja kwa mama wawe canke papa wawe ngo bagufashe. Ariko hariho uwundi muntu na we nyene yoshobora kugufasha. Afise inguvu nyinshi kurusha abandi bantu bose. Urazi uwo ari we?— Ni Yehova Imana. Reka tuvuge ivyerekeye umusore avugwa muri Bibiliya yitwa Dawidi. Yari azi ko Yehova azokwama amufasha, rero ntiyagira ubwoba.

Kuva Dawidi akiri akana gatoyi, abavyeyi biwe baramwigisha gukunda Yehova. Ivyo vyarafashije Dawidi kutagira ubwoba n’igihe mbere yaba ashikiwe n’ibintu biteye ubwoba. Yari azi ko Yehova ari Umugenzi wiwe kandi ko yomufashije. Umusi umwe, igihe Dawidi yari aragiye intama, igikoko kinini citwa intambwe caraje gicakira intama gikoresheje umunwa waco! Urazi ico Dawidi yakoze? Yarirutse inyuma y’iyo ntambwe kandi biboneka ko yayishe n’amaboko yiwe gusa, ata kindi kintu akoresheje! Mu nyuma igihe igikoko citwa idubu cafata intama, na co nyene Dawidi yaracishe! Wibaza ko ari nde yafashije Dawidi?— Ni Yehova.

Hariho ikindi gihe Dawidi yerekanye neza na neza ko atatinya. Abisirayeli bariko bararwana n’abantu bitwa Abafilisitiya. Umwe mu basoda b’Abafilisitiya yari umugabo muremure cane, munini kandi w’ibiguvu! Yitwa Goliyati. Uwo mugabo yariko aracokora abasoda b’Abisirayeli be na Yehova. Goliyati yarabwiye abasoda b’Abisirayeli, abigiranye akagaye, ngo baze kurwana na we. Ariko Abisirayeli bose baratinye cane kurwana na we. Igihe Dawidi yavyumva, yabwiye Goliyati ati: ‘Turarwana! Yehova araza kumfasha kandi ndakunesha!’ Wibaza ko Dawidi yatinya?— Ntiyatinya. Urashaka kumenya ingene vyagenze mu nyuma?

Dawidi yaratoye itopito yiwe be n’amabuye atanu asenye neza, maze aragenda kurwana na wa mugabo. Goliyati abonye ukuntu Dawidi yari akiri muto, yaciye amucokora. Ariko Dawidi yamubwiye ati: ‘Uje kuri jewe witwaje inkota, mugabo jewe nje kuri wewe nitwaje izina rya Yehova!’ Yaciye ashira ibuye mw’itopito yiwe, ariruka aja iyo Goliyati ari, aca ararimutera. Iryo buye ryaragemye Goliyati mu ruhanga! Uwo mugabo yaciye agwa hasi, arapfa! Abafilisitiya baciye bagira ubwoba baca barahunga. None agahungu gatoyi nka Dawidi kashoboye gute kunesha umugabo akomeye?— Yehova yaramufashije, kandi Yehova yararusha cane inguvu uwo mugabo!

Dawidi yishe Goliyati

Dawidi ntiyagira ubwoba kuko yari azi ko Yehova yomufashije

Iyo nkuru ya Dawidi ikwigisha iki?— Yehova arafise inguvu nyinshi kurusha abandi bantu bose. Kandi ni Umugenzi wawe. Rero uwundi musi niwagira ubwoba, uzoce wibuka ko Yehova ashobora kugufasha kutagira ubwoba!

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • Zaburi 56:3, 4

  • 1 Samweli 17:20-54

IBIBAZO:

  • Dawidi yakoze iki igihe intambwe be n’idubu vyafata intama yiwe?

  • Igihe Goliyati yatuka Yehova, Dawidi yamubwiye iki?

  • Dawidi yanesheje gute Goliyati?

  • Ni kubera iki Dawidi atatinye intambwe, idubu be n’umugabo akomeye?

  • Inkuru ya Dawidi ikwigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika