ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kr ikig. 2 rup. 13-29
  • Ubwami bw’Imana buvuka mw’ijuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana buvuka mw’ijuru
  • Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Intumwa yanje . . . izotunganya inzira imbere yanje”
  • Gusenga mu kuri
  • “Nimuve iwe, bantu banje”
  • Gukoranira hamwe ku bwo gusenga
  • Kwamamaza n’umwete
  • Ubwami bw’Imana buvuka
  • Igihe c’ukugezwa
  • Igihe c’ukugarura agatege
  • Ukwizera kw’Abakirisu Kuzogeragezwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Umwami atanga umuco ku Bwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
Ubwami bw’Imana buraganza!
kr ikig. 2 rup. 13-29

IKIGABANE CA 2

Ubwami bw’Imana buvuka mw’ijuru

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ingene Imana yateguye abasavyi bayo ku bijanye n’ivuka ry’Ubwami bwayo

1, 2. Ni ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose ikihe cabaye muri kahise k’isi, kandi kubera iki bidatangaje kuba abantu batakibonye?

VYOBA bishika ukibaza ingene kubaho mu gihe c’amahinduka amwamwe akomeye yabaye muri kahise bishobora kuba vyari bimeze? Benshi birashika bakavyibaza. Ariko zirikana iki kintu: Iyo uba wariho muri ico gihe gihambaye cane, woba wari kwibonera ibintu nyamukuru vyatumye haba ayo mahinduka? Kumbure ntiwari kubibona. Ibintu vyerekana ibiba biraririye gushikira intwaro za kera kandi bivugwa mu bitabu vy’ivya kahise, akenshi biba abantu batabibona. Hari ukuntu vyinshi mu bintu vyo mu nkuru za kahise bibera mu kinyegero, nko mu vyumba birimwo intebe z’ubwami, mu vyumba vy’amanama vyiherereye, canke mu biro vy’abategetsi. Ariko rero, ayo mahinduka aragira ico akoze ku bantu amamiliyoni.

2 Tuvuge iki ku kintu gihambaye kuruta ibindi vyose cabaye muri kahise k’isi? Ico kintu caragize ico gikoze ku bantu amamiliyoni. Yamara cabaye abantu batakibona. Turiko tuvuga ivuka ry’Ubwami bw’Imana mw’ijuru, ya ntwaro irongowe na Mesiya yari yarasezeranywe kuva kera igiye gukuraho iyi si mbi yose. (Soma Daniyeli 2:34, 35, 44, 45.) Ko abantu batabonye iryo vuka rihambaye cane, twoca none tuvuga ko Yehova yaribahishije? Canke yoba yarateguye imbere y’igihe abasavyi biwe b’intahemuka ku bijanye n’iryo vuka? Reka tubirabe.

“Intumwa yanje . . . izotunganya inzira imbere yanje”

3-5. (a) “Intumwa y’isezerano” ivugwa muri Malaki 3:1 yari nde? (b) Ni ibiki vyobaye imbere y’uko iyo “ntumwa y’isezerano” iza ku rusengero?

3 Kuva kera Yehova yari afise intumbero yo gutegura abasavyi biwe ku bijanye n’ivuka ry’Ubwami burongowe na Mesiya. Nk’akarorero, zirikana ubuhanuzi buri muri Malaki 3:1 bugira buti: “Ehe ntumye intumwa yanje, na yo izotunganya inzira imbere yanje. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri azoza ku rusengero rwiwe, uwo mwebwe murondera, be na ya ntumwa y’isezerano, iyo muhimbarirwa.”

4 Mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi ryo mu gihe ca none, ni ryari Yehova “wa Mukama w’ukuri” yaje gusuzuma abariko bakorera mu kigo co kw’isi c’urusengero rwiwe rwo mu vy’impwemu? Ubwo buhanuzi burasigura ko Yehova yozananye n’ “intumwa y’isezerano.” None iyo ntumwa yari nde? Ni wa Mwami Mesiya Yezu Kristu! (Luka 1:68-73) Uwo Mutegetsi yari aherutse kwimikwa yosuzumye kandi agatyorora abasavyi b’Imana bo kw’isi.​—1 Pet. 4:17.

5 None irya “ntumwa” yindi itangura kuvugwa muri Malaki 3:1 yari nde? Uwo yari yaravuzwe mu buhanuzi yobayeho imbere cane y’ukuhaba kw’Umwami Mesiya. Mu myaka mirongo y’imbere ya 1914, hoba hari ‘uwatunganije inzira’ imbere y’Umwami Mesiya?

6. Ni bande bakoze nka ya “ntumwa” yabanje kuza gutegura abasavyi b’Imana ku bw’ibintu vyoshitse?

6 Tuzoronka inyishu z’ivyo bibazo uko tuzogenda dusuzuma muri iki gitabu kahise gahimbaye k’abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none. Ako kahise karerekana ko mu gice ca nyuma c’ikinjana ca 19, umugwi umwe mutoyi w’abasavyi b’Imana b’abizigirwa wagaragaye ko ari wo mugwi wonyene w’abakirisu b’ukuri mu biyita abakirisu benshi bariho. Uwo mugwi wahavuye witwa Abatohoji ba Bibiliya. Abari imboneza muri bo, ari bo Charles T. Russell n’abo bari bafatanije igikorwa, barakoze koko nka ya “ntumwa” yari yaravuzwe, bararonsa abasavyi b’Imana ubuyobozi bwo mu vy’impwemu bongera barabategura ku bw’ibintu vyoshitse. Reka turabe uburyo bune iyo “ntumwa” yabateguye.

Gusenga mu kuri

7, 8. (a) Mu myaka ya 1800, ni bande batanguye kwerekana ko inyigisho y’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa ari iy’ikinyoma? (b) Ni izindi nyigisho izihe C. T. Russell n’abo bari bafatanije igikorwa berekanye ko ari iz’ikinyoma?

7 Abo Batohoji ba Bibiliya barasenga mu kwiga ivyanditswe, bakemeranya ku nyigisho zitomoye z’ukuri, bakazishira hamwe maze bakazisohora mu bitabu. Abiyita abakirisu bari bamaze ibinjana n’ibindi bari mu mwiza wo mu vy’impwemu. Nyinshi mu nyigisho zabo zakomoka mu bapagani. Akarorero nyamukuru ni ya nyigisho y’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Ariko mu myaka ya 1800, hari Abatohoji ba Bibiliya bakeyi b’inziraburyarya basuzumye neza iyo nyigisho basanga ntishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Henry Grew, George Stetson, na George Storrs barandika bakongera bagashikiriza insiguro n’umutima rugabo berekana ko iyo nyigisho ari ikinyoma kiva kuri Shetani.a Igikorwa cabo cahavuye gikora ku mutima cane C. T. Russell n’abo bari bafatanije igikorwa.

8 Uwo mugwi mutoyi w’Abatohoji ba Bibiliya wasanze hari n’izindi nyigisho zivuruga ubwenge kandi z’ikinyoma zifitaniye isano n’iyo y’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa: nka ya nyigisho yuko ngo abeza bose baja mw’ijuru, canke ko ngo Imana ibabariza ababisha mu muriro udahera. Russell n’abo bari bafatanije igikorwa barashize ku mugaragaro ivyo binyoma mu bintu vyinshi basohoye, uri ibiganiro, ibitabu, udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza, n’insiguro.

9. Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni werekanye gute ko inyigisho y’Ubutatu ari iy’ikinyoma?

9 Vyongeye, abo Batohoji ba Bibiliya barerekanye ko na ya nyigisho y’Ubutatu yemewe cane ari iy’ikinyoma. Mu 1887, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wavuze uti: “Ivyanditswe biratomora neza ko Yehova n’Umukama wacu Yezu batandukanye, bikerekana n’ubucuti buri hagati yabo.” Ico kiganiro caciye kivuga ko bitangaje kubona “iciyumviro c’uko hari Imana irimwo zitatu, ni ukuvuga Imana zitatu ziri muri imwe muri ico gihe nyene Imana imwe ikabamwo zitatu, carabaye rurangiranwa kandi kikemerwa cane. Ariko ivyo vyerekana ko amadini y’abiyita abakirisu yasinziriye ubutikoma maze umwansi akayabohera mu minyororo y’inyigisho z’ibinyoma.”

10. Umunara w’Inderetsi werekanye gute ko umwaka wa 1914 wobaye umwaka udasanzwe?

10 Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’integuza y’ukuhaba kwa Kristu, nk’uko uwo mutwe waco wose wavyerekana neza, cavuga canecane ubuhanuzi bwerekeye ukuhaba kwa Kristu. Abanditsi b’abizigirwa b’ico kinyamakuru barobanujwe impwemu barabonye ko bwa buhanuzi bwa Daniyeli bujanye n’ “ibihe indwi” bwari bwerekeye igihe imigambi y’Imana ijanye n’Ubwami burongowe na Mesiya yorangukiyeko. Mu myaka ya 1870, barerekanye ko umwaka wa 1914 wobaye umwaka udasanzwe, baravuga ko muri uwo mwaka ari ho ivyo bihe indwi vyorangiye. (Dan. 4:25; Luka 21:24) Naho abavukanyi bacu b’ico gihe batari bwatahure insobanuro yuzuye y’uwo mwaka udasanzwe, baratangaje gushika kure ivyo bari bazi. Ivyiza vyavuye muri ico gikorwa cabo n’ubu biracibonekeza.

11, 12. (a) Umuvukanyi Russell yitiriye nde ivyo yigisha? (b) Kubera iki igikorwa Russell na bagenziwe baranguye mu myaka mirongo y’imbere ya 1914 cari gihambaye?

11 Yaba Russell canke abo bari bafatanije igikorwa b’abizigirwa, ntibavuze ko ari bo basubiye kwubura no gutahura ukwo kuri guhambaye kwo mu vy’impwemu. Ahanini Russell yavyitiriye abari baramwitangiye imbere. N’ikiruta vyose, yavyitiriye Yehova Imana, we yigisha abasavyi biwe ivyo bakeneye kumenya, akabibigisha ku gihe bakenereyeko kubimenya. Biribonekeza ko Yehova yahezagiye utwigoro Russell n’abo bari bafatanije igikorwa bagize two gutandukanya ukuri n’ikinyoma. Uko imyaka yarengana, vyararushirije kwibonekeza ko bari batandukanye n’abiyita abakirisu.

Charles Taze Russell ariko avugana na bamwe mu bo bari bafatanije igikorwa

Umuvukanyi Russell n’abo bari bafatanije igikorwa baraharaniye ukuri kwo muri Bibiliya

12 Igikorwa abo bagabo b’abizigirwa baranguye baharanira ukuri kujanye n’inyigisho mu myaka mirongo y’imbere ya 1914, cari gitangaje koko! Ku bijanye n’ivyari vyarashitsweko, Umunara w’Inderetsi n’integuza y’ukuhaba kwa Kristu wo ku wa 1 Munyonyo 1917 wavuze uti: “Ubu abantu amamiliyoni barakuweko umuzigo w’ubwoba bashizweko n’inyigisho y’umuriro udahera be n’izindi nyigisho z’ikinyoma . . . Umukuba w’amazi ugereranya Ukuri, uwo haciye imyaka irenga mirongo ine utanguye, uracongerekana kandi uzoguma wongerekana gushika ukwiye isi yose; abawurwanya na bo boshobora kugerageza gusubiza inyuma imipfunda y’ibahari amahanga bakoresheje umukubuzo usanzwe kugira babuze Ukuri gukwira kw’isi yose.”

13, 14. (a) Ya “ntumwa” yafashije gute gutegurira inzira Umwami Mesiya? (b) Twokwigira iki ku bavukanyi bacu bo muri ico gihe ubu hakaba haciye imyaka irenga ijana?

13 Zirikana iki kintu: Abasavyi b’Imana boba bari gutegurwa ku bijanye n’intango y’ukuhaba kwa Kristu, iyo bataba bari bashoboye gutandukanya Yezu na Se wiwe Yehova? Uwokubesha! Eka kandi ntibari gutegurwa ku bijanye n’ico kintu iyo baba biyumvira ko ukudapfa ari ikintu mvukanwa abantu bose bafise, atari ingabirano y’agaciro ihabwa gusa bakeyi mu bayoboke ba Kristu bagera ikirenge mu ciwe. Bisubiye, ntibari gutegurwa ku bijanye n’intango y’ukuhaba kwa Kristu iyo baba biyumvira ko Imana ibabariza abantu ibihe bidahera mu muriro udahera ata cizigiro c’uko bazowuvamwo! Biribonekeza ko ya “ntumwa” yateguriye inzira Umwami Mesiya!

14 Tweho bite muri iki gihe? Twokwigira iki ku bavukanyi bacu bo muri ico gihe ubu hakaba haciye imyaka irenga ijana? Na twebwe turakeneye gusoma no kwiga n’akayabagu kenshi Ijambo ry’Imana. (Yoh. 17:3) Uko iyi si yatwawe n’amaronko itera yonda mu vy’impwemu, ese akayabagu dufitiye ibifungurwa vy’impwemu korushiriza kwongerekana!—Soma 1 Timoteyo 4:15.

“Nimuve iwe, bantu banje”

15. Ni igiki Abatohoji ba Bibiliya bahavuye batahura? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

15 Abatohoji ba Bibiliya bigisha ko vyari bikenewe ko umuntu avavanura n’amadini y’iyi si. Mu 1879, Umunara w’Inderetsi waravuze ibijanye n’ “idini rya Babiloni.” Woba wariko uvuga papa? Ekleziya Gatolika? Amadini y’abaporoti yari amaze ibinjana n’ibindi avuga ko Babiloni ivugwa mu buhanuzi bwo muri Bibiliya ari Ekleziya Gatolika. Ariko Abatohoji ba Bibiliya bahavuye batahura ko amadini yose y’abiyita abakirisu yari mu bigize “Babiloni” yo mu gihe ca none. Kubera iki? Kubera ko yose yigisha inyigisho z’ikinyoma nka zimwe twavuga.b Ibisohokayandikiro vyacu vyahavuye birushiriza gutomora ico abantu b’imitima nziraburyarya bo mu madini ya Babiloni bakwiye gukora.

16, 17. (a) Igitabu kigira gatatu co muri rwa rukurikirane rw’ibitabu rwiswe Umutwenzi w’Ikimpumbi be n’Umunara w’Inderetsi vyahimirije gute abantu kuva mw’idini ry’ikinyoma? (b) Kimwe mu vyatumye izo ngabisho zo mu ntango zita inguvu ni igiki? (Raba akajambo k’epfo.)

16 Nk’akarorero, mu 1891 igitabu kigira gatatu co muri rwa rukurikirane rw’ibitabu rwiswe Umutwenzi w’Ikimpumbi caravuze ko Imana yiyamirije Babiloni yo mu gihe ca none, giti: “Babiloni wese uko yakabaye, ni ukuvuga amadini yose y’abiyita abakirisu, ariyamirijwe.” Congeyeko yuko abantu bose “badashigikiye inyigisho ziwe z’ikinyoma n’ivyo akora basabwe kwitandukanya na we.”

17 Muri Nzero 1900, Umunara w’Inderetsi warahaye impanuro abatari bwafutishe amazina yabo mu bitabu vy’amadini y’abiyita abakirisu maze bakisigura bavuga ngo: “Jewe nshigikiye gusa ukuri, kandi ni gake nja gusenga ahandi.” Ico kiganiro cabajije giti: “Vyoba bibereye ko umuntu atambikiza, ku ruhande rumwe akaba atari muri Babiloni, ku rundi na ho akaba ari muri yo? Ukwo kwoba ari kwo kugamburuka Imana isaba, . . . [ukugamburuka] kuyihimbara kandi yemera? Ashwi da. [Uwuri mw’idini] yaragiraniye isezerano na ryo icese igihe yarijamwo, kandi akwiye kuguma yisunga ibisabwa n’iryo sezerano vyose gushika . . . arivuyemwo canke avavanuye na ryo icese.” Uko imyaka yagiye irarengana ni ko ubwo butumwa bwarushirije kuba ubukomeye.c Abasavyi ba Yehova bategerezwa kuvavanura n’idini ry’ikinyoma.

18. Ingabisho zagiye ziratangwa zo kuva muri Babiloni Akomeye zafashije iki, kandi ni kubera iki kuva muri Babiloni vyari bikenewe?

18 Iyo hataza haratangwa iyo ngabisho yo kuva muri Babiloni Akomeye, Kristu wa Mwami yari aherutse kwimikwa yoba yari kugira kw’isi umugwi w’abasuku bateguwe kandi barobanuwe? Habe namba, kubera ko abakirisu batakiri mu vyara vya Babiloni ari bo bonyene bashobora gusenga Yehova “mu mpwemu no mu kuri.” (Yoh. 4:24) Twoba natwe muri iki gihe twiyemeje kuguma twitandukanije n’idini ry’ikinyoma? Nimuze tugume tugamburuka iri tegeko rigira riti: “Nimuve iwe, bantu banje”!—Soma Ivyahishuwe 18:4.

Gukoranira hamwe ku bwo gusenga

19, 20. Umunara w’Inderetsi waremesheje gute abasavyi b’Imana gukoranira hamwe ku bwo gusenga?

19 Abatohoji ba Bibiliya bigisha ko abo basangiye ukwizera bakwiye gukoranira hamwe ku bwo gusenga aho vyaba bishoboka. Ku bakirisu b’ukuri, kuva mw’idini ry’ikinyoma ntibihagije. Birahambaye cane ko bagira uruhara no mu gusenga gutyoroye. Umunara w’Inderetsi, kuva mu nomero zawo za mbere, wararemesha abawusoma gukoranira hamwe ku bwo gusenga. Nk’akarorero, muri Mukakaro 1880, umuvukanyi Russell yaranditse ibijanye n’urugendo yari yaragize rwo gushikiriza insiguro, aravuga ko amakoraniro menshi bari baragize yaremesha koko. Yaciye ahimiriza abasomyi kurungika udukarata twerekana ukuntu bariko batera imbere, tumwe muri two tukaba twosohowe muri ico kinyamakuru. Ku bw’intumbero iyihe? Yavuze ati: “Nimutumenyeshe . . . ukuntu Umukama ariko aratuma musagamba; nimutumenyeshe nimba muguma mukoranira hamwe n’abafise ukwizera kw’agaciro nk’ukwanyu.”

Umugwi w’Abatohoji ba Bibiliya b’i Copenhague muri Danemarke mu 1909

Charles Russell ari kumwe n’umugwi w’Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango i Copenhague muri Danemarke mu 1909

20 Mu 1882, hari ikiganiro cavuga ngo “Dukoranire hamwe” casohotse mu Munara w’Inderetsi. Ico kiganiro cararemesheje abakirisu kugira amakoraniro “kugira ngo bungurane ubumenyi, baremeshanye kandi bakomezanye.” Cavuze giti: “Si ngombwa ngo muri mwebwe habe harimwo uwize canke uwufise ububangukirwe. Umwe wese nazane Bibiliya yiwe, urupapuro, n’ikaramu y’igiti, mwikore ku mfashanyo nyinshi zishoboka zigizwe n’urutonde rw’amajambo akoreshwa muri Bibiliya . . . Nimuhitemwo iciyumviro co kuganirako; musabe Imana ibahe impwemu ibafashe kugitahura; nimuce musoma, muzirikane, mugereranye icanditswe n’ikindi maze ata kabuza impwemu nyeranda izobayobora ku kuri.”

21. Ishengero ry’i Allegheny muri Pensilivaniya, ryatanze akarorero akahe mu bijanye n’amakoraniro be n’ukuragira?

21 Icicaro gikuru c’Abatohoji ba Bibiliya cari i Allegheny muri Pensilivaniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ng’aho, baratanze akarorero keza mu gukoranira hamwe kugira berekane ko bagamburuka impanuro yahumetswe n’Imana iri mu Baheburayo 10:24, 25. (Soma.) Haciye igihe kirekire, hari umuvukanyi ageze mu zabukuru yitwa Charles Capen yibutse ukuntu yitaba ayo makoraniro akiri agahungu. Yanditse ati: “Ndacibuka kimwe mu vyanditswe vyari ku ruhome rw’ingoro y’amateraniro y’Ishirahamwe. Cagira giti: ‘Shobuja wanyu ni umwe: ni Kristu; kandi mwese muri abavukana.’ Ico canditswe nticigeze kimva mu bwenge: mu basavyi ba Yehova nta bitwa abakuru abandi na bo ngo bitwe abayoboke.” (Mat. 23:8) Umuvukanyi Capen aribuka kandi ingene ayo makoraniro yakabura, indemesho ziranga igishika baronka, be n’utwigoro dukomeye umuvukanyi Russell yagira two kuragira umwumwe wese mu bagize ishengero.

22. Abantu b’abizigirwa bakiriye gute indemesho bahawe yo kwitaba amakoraniro ya gikirisu, kandi ni igiki tubigirako?

22 Abantu b’abizigirwa bariganye ako karorero, barakira neza n’inyigisho zatangwa. Amashengero yarashinzwe mu yandi maleta, nk’iya Ohio n’iya Michigan, arashingwa no mu mihingo yose ya Amerika ya Ruguru no mu bindi bihugu. Zirikana gatoyi: Abantu b’abizigirwa boba vy’ukuri bari gutegurwa ku bijanye n’ukuhaba kwa Kristu iyo bataba baramenyerejwe kugamburuka impanuro yahumetswe n’Imana yo gukoranira hamwe ku bwo gusenga? Eka da! Tweho bite? Na twebwe dukwiye kwiyemeza kwitaba amakoraniro ya gikirisu tudasiba, gutyo tukarondera akaryo kose ko gusengera hamwe no gukomezanya mu vy’impwemu.

Kwamamaza n’umwete

23. Umunara w’Inderetsi werekanye neza gute ko abarobanuwe bose bategerezwa kwamamaza ukuri?

23 Abatohoji ba Bibiliya bigisha ko abarobanuwe bose bategerezwa kwamamaza ukuri. Mu 1885, Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Ntidukwiye kwibagira ko uwo mu barobanuwe wese yarobanuwe kugira yamamaze (Yes. 61:1), yahamagariwe ubusuku.” Inomero imwe yo mu 1888 yarimwo iyi nkeburo igira iti: “Igikorwa twashinzwe kiratomoye . . . Tucirengagije tukazana ivyitwazo, tuba koko turi abasuku b’ibinebwe, tukaba twerekanye ko tutabereye ikibanza gihambaye twahamagariwe.”

24, 25. (a) Ni gute Russell n’abo bari bafatanije igikorwa bakoze n’ibindi uretse ukuremesha abantu kwamamaza? (b) Umwe muri ba bamamaji b’igihe cose yadondoye gute igikorwa yarangura “igihe imiduga yari imbonekarimwe”?

24 Umuvukanyi Russell n’abo bari bafatanije igikorwa barakoze n’ibindi uretse ukuremesha abantu kwamamaza. Baratanguye gusohora udupapuro tw’inkuru nziza twiswe Udupapuro tw’inkuru nziza tw’Abatohoji ba Bibiliya, tuno tukaba twahavuye twitwa Udutabu twa buri mezi atatu twa tewolojiya ya kera. Twarahawe abasomyi b’Umunara w’Inderetsi ngo baduhe abantu ku buntu.

Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Igikorwa co kwamamaza coba ari co nshira imbere mu buzima bwanje?’

25 Ico gihe hari abihebera gukora umurimo w’igihe cose (bitwa aba colporteurs). Umwe Charles Capen twavuga yari muri bo. Mu nyuma yaravuze ivyo yibuka ati: “Narakoresha amakarata yatunganijwe n’Urwego rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rutohoza ivy’agataka kugira mpeture icibare nari narahawe muri Pensilivaniya. Ayo makarata yarerekana amabarabara yose, bigatuma nshobora gushika mu duce twose twaco n’amaguru. Rimwe na rimwe, inyuma y’urugendo naba namazemwo imisi itatu ngendagenda mu gihugu hagati negeranya amakomande y’ibitabu vyo mu rukurikirane ruvuga ngo Ukwiga Ivyanditswe, narakota ifarasi n’umukogote ukwegwa na yo kugira ngende ndabishikiriza ababa babisavye. Akenshi naraca ku borozi nkararaho. Ico gihe imiduga yari imbonekarimwe.”

Umwamamaji w’igihe cose ari kumwe n’ifarasi iriko ikwega umukogote

Umwe muri ba bamamaji b’igihe cose. Kuri ako gakogote gakwegwa n’ifarasi hariko “Igicapo c’Ibiringo”

26. (a) Kubera iki vyari bihambaye ko abasavyi b’Imana baja mu gikorwa co kwamamaza? (b) Ni ibibazo ibihe vyoba vyiza twibajije?

26 Nta gukeka ko utwo twigoro two kwamamaza twagirwa muri ivyo bihe twasaba umutima rugabo n’umwete. Abakirisu b’ukuri bari gutegurwa none ku bijanye n’ingoma ya Kristu iyo bataba barigishijwe akamaro k’igikorwa co kwamamaza? Ihibambewe! Nakare, ico gikorwa cobaye ikintu gihambaye kiranga ukuhaba kwa Kristu. (Mat. 24:14) Abasavyi b’Imana bǎbwirizwa gutegurwa kugira bashire imbere mu buzima bwabo ico gikorwa kirokora ubuzima. Muri iki gihe, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Igikorwa co kwamamaza coba ari co nshira imbere mu buzima bwanje? Noba ngira ivyo mpevye kugira ngire uruhara rushitse muri ico gikorwa?’

Ubwami bw’Imana buvuka

27, 28. Mu vyo intumwa Yohani yeretswe yabonye iki, kandi Shetani n’amadayimoni yiwe bakiriye gute ivuka ry’Ubwami?

27 Wa mwaka w’intibagirwa wa 1914 wagiye washika. Nk’uko twabivuze mu ntango z’iki kigabane, nta muntu n’umwe yabonye ibintu bininahaye vyabaye mw’ijuru. Yamara intumwa Yohani yararonse iyerekwa ridondora ibintu mu buryo bw’ikigereranyo. Sa n’uwubona ibi bintu: Yohani arabona “ikimenyetso gikomeye” mw’ijuru. “Umugore” w’Imana, ari ryo shirahamwe ryayo ry’ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru, aribungenze. Aribaruka rero umwana w’umuhungu. Tubwirwa ko uwo mwana w’ikigereranyo vuba “[azoragiza] amahanga yose inkoni y’icuma.” Ariko uwo mwana akivuka aca “ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo.” Mw’ijuru haca humvikana ijwi rigira riti: “Ubu rero harashitse ubukiriro n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kristu wayo.”​—Ivyah. 12:1, 5, 10.

28 Nta gukeka ko muri iryo yerekwa Yohani yabonye ivuka ry’Ubwami burongowe na Mesiya. Ico kintu cabaye cari kininahaye vy’ukuri, ariko si bose canezereje. Shetani n’amadayimoni yiwe bararwanye n’abamarayika b’abizigirwa bari barongowe na Mikaheli, ari we Kristu. Havuyemwo iki? Dusoma duti: “Ca gisato kinini kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose; araririzwa kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.”​—Ivyah. 12:7, 9.

Ukuhaba kutaboneka kwa Kristu Umwami bw’Ubwami burongowe na Mesiya

Mu 1914, Abatohoji ba Bibiliya baratanguye kubona ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Kristu kutaboneka

29, 30. Inyuma y’ivuka ry’Ubwami burongowe na Mesiya, ibintu vyahindutse gute (a) kw’isi? (b) mw’ijuru?

29 Hagisigaye igihe kirekire ngo umwaka wa 1914 ushike, Abatohoji ba Bibiliya baravuze ko muri uwo mwaka udasanzwe hotanguye igihe c’ingorane. Ariko ntibashobora kwiyumvira ko ivyo bintu bari baravuze vyorangutse mbere ku rugero runini kuruta. Ivyo Yohani yeretswe birerekana ko Shetani yociye atangura kugira ikintu gikomye kuruta akoze ku kibano c’abantu. Dusoma duti: “Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyah. 12:12) Mu 1914, intambara ya mbere y’isi yose yaradutse maze ikimenyetso c’ukuhaba kwa Kristu mu bubasha bw’ubwami kiratangura kuranguka kw’isi yose. “Imisi ya nyuma” y’ivy’iyi si yari itanguye.​—2 Tim. 3:1.

30 Ariko mw’ijuru harabaye umunezero. Shetani n’amadayimoni yiwe barirukanywe ubutagisubirayo. Yohani yigana ati: “Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo!” (Ivyah. 12:12) Kubera ko amajuru yari atyorowe kandi Yezu akaba yari yimitswe, Ubwami arongoye ari Mesiya bwari bwiteguriye rero kugira ico bukoreye abasavyi b’Imana bo kw’isi. Ni igiki bwokoze? Nk’uko twabibonye mu ntango z’iki kigabane, Kristu we “ya ntumwa y’isezerano,” yobanje gutyorora abasavyi b’Imana bo kw’isi. Ivyo vyosobanuye iki?

Igihe c’ukugezwa

31. Ni ibiki Malaki yari yaravuze ku bijanye n’ikiringo c’ityorora, kandi ubwo buhanuzi bwatanguye kuranguka ryari? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

31 Malaki yari yaravuze ko ico gikorwa c’ugutyorora kitobaye coroshe. Yanditse ati: “Ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara niyaseruka? Kuko azoba ameze nk’umuriro w’umutyorozi be n’isabuni y’umumesuzi.” (Mal. 3:2) Emwe, ayo majambo yaragaragaye ko ari ay’ukuri! Kuva mu 1914, abasavyi b’Imana bo kw’isi barashikiwe n’ibigeragezo be n’ingorane bikomeye vy’urutavanako. Igihe Intambara ya mbere y’isi yose yariko ibica bigacika, Abatohoji ba Bibiliya benshi barashikiwe n’uruhamo rukaze bongera barapfungwa.d

32. Ni uruhagarara uruhe rwabaye mw’ishirahamwe rwateje umubabaro abasavyi b’Imana inyuma ya 1916?

32 No mw’ishirahamwe harabaye uruhagarara. Mu 1916, umuvukanyi Russell yarapfuye afise imyaka 64 gusa, ivyo bikaba vyarababaje cane abasavyi b’Imana. Urupfu rwiwe rwarerekanye ko hari abari bamaze igihe babona ko ata wundi yariho yari ameze nka Russell. Naho umuvukanyi Russell atashaka icubahiro nk’ico, ni nk’aho abatari bake bari basigaye bamusenga. Abenshi biyumvira ko amaze gupfa ukuri kutasubiye kubandanya guhishurwa. Hari mbere n’abarwanije rwose utwigoro two gutuma ibintu bitera imbere. Ako gatima kari mu vyatumye haduka ubuhuni bwaciyemwo ibice ishirahamwe.

33. Ivyari vyitezwe bitarangutse vyagejeje gute abasavyi b’Imana?

33 Ivyari vyitezwe bitarangutse cabaye ikindi kigeragezo. Naho Umunara w’Inderetsi wari warerekanye ata kwihenda ko mu 1914 ari ho Ibihe vy’Abanyamahanga vyorangiye, abavukanyi ntibari bwatahure ivyobaye muri uwo mwaka. (Luka 21:24) Biyumvira ko mu 1914 Kristu yotwaye mw’ijuru abagize umugwi wa wa mugeni wiwe barobanuwe kugira bafatanye na we kuganza. Ivyo ntivyabaye. Mu mpera za 1917, Umunara w’Inderetsi waratangaje ko ikiringo c’iyimbura c’imyaka 40 corangiye mu mpeshi ya 1918. Ariko igikorwa co kwamamaza nticarangiye. Inyuma y’uwo mwaka cagumye gitera imbere. Ico kinyamakuru cavuze ko iyimbura ryari ryarangiye, ko hari hasigaye ikiringo c’itorora. Yamara benshi bararetse gukorera Yehova kubera bavunitse umutima.

34. Ni ukugezwa gukomeye ukuhe kwabaye mu 1918, kandi ni kubera iki abiyita abakirisu biyumvira ko abasavyi b’Imana ari nk’aho bari bapfuye?

34 Mu 1918 harabaye ukugezwa gukomeye. J. F. Rutherford, ari we yasubiriye C. T. Russell mu kuyobora abasavyi b’Imana, yarafashwe hamwe n’abandi bavukanyi indwi bajejwe amabanga. Baciriwe igihano c’akarenganyo co gupfungwa igihe kirekire mw’ibohero rikuru ry’i Atlanta muri Jeworojiya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Igikorwa c’abasavyi b’Imana caramaze igihe kinaka gisa n’icahagaze. Benshi mu bakuru b’amadini y’abiyita abakirisu baratamvye baratarika. Babona ko abo Batohoji ba Bibiliya bababuza amahoro ari nk’aho bari bapfuye, ata kaga bagitera, narirya abitwa ko ari indongozi bari bapfunzwe, icicaro gikuru c’i Brooklyn kikugarwa, kandi igikorwa co kwamamaza kikaba cariko kirarwanywa muri Amerika n’i Buraya. (Ivyah. 11:3, 7-10) Barihenze basi!

Igihe c’ukugarura agatege

35. Kubera iki Yezu yaretse ingorane zigashikira abayoboke biwe, kandi ni igiki yakoze kugira abafashe?

35 Abansi b’ukuri ntibari bazi ko icatumye Yezu areka izo ngorane zigashikira abasavyi biwe ari uko ico gihe Yehova yari yicaye “nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza.” (Mal. 3:3) Yehova n’Umwana wiwe bari bazi neza ko abizigirwa bovuye muri ivyo bigeragezo birurumba batyorowe kandi babereye gukora igikorwa c’Umwami kuruta ikindi gihe. Kuva mu ntango za 1919, vyaragaragaye ko impwemu y’Imana yari yarakoze ivyo abansi b’abasavyi b’Imana biyumvira ko bitoshoboka. Abizigirwa baragaruriwe agatege! (Ivyah. 11:11) Biribonekeza ko ico gihe Kristu yashikije umuce uhambaye wa ca kimenyetso kiranga imisi ya nyuma. Yaragenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” ni ukuvuga umugwi mutoyi w’abagabo barobanujwe impwemu bogiye imbere abasavyi biwe mu gutanga ibifungurwa vy’impwemu ku gihe kibereye.​—Mat. 24:45-47.

Igipfukisho c’inomero ya mbere y’Igikorwa dukorera Ubwami hamwe n’ikinyamakuru Ikiringo c’agakura

36. Ni igiki cerekanye ko abasavyi b’Imana bariko basubira kugira agatege mu vy’impwemu?

36 Ku wa 26 Ntwarante 1919 umuvukanyi Rutherford n’abo bari bafatanije igikorwa barapfunguwe. Bidatevye haratunganijwe ihwaniro muri Nyakanga uwo mwaka. Haratanguye gutegurwa itanguzwa ry’ikinyamakuru kigira kabiri kigenzi c’Umunara w’Inderetsi cokwiswe Ikiringo c’agakura (The Golden Age mu congereza), kikaba cari kigenewe gukoreshwa mu ndimiro.e Muri uwo mwaka nyene harasohowe inomero ya mbere y’agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu (ico gihe kitwa Bulletin). Kuva kagisohorwa, kamye karemesha Ivyabona kugira uruhara mu ndimiro. Vy’ukuri, kuva mu 1919, kwamamaza inzu ku nzu vyararushirije gushimikwako.

37. Mu myaka y’inyuma ya 1919, bamwebamwe berekanye gute ko ari abahemu?

37 Igikorwa co kwamamaza carabandanije gutyorora abasuku ba Kristu, kuko abanyabwibone n’abanyakagaye bo muri bo batashaka gukora ico gikorwa giciye bugufi. Abatari biteguriye gukora ico gikorwa bariyonkoye ku bizigirwa. Mu myaka yakurikiye umwaka wa 1919, abahemutse bamwebamwe barashavuye baca batangura kwambika ibara no gutyoza abasavyi ba Yehova b’abizigirwa, mbere barifatanya n’ababahama.

38. Kuba abayoboke ba Kristu bo kw’isi bagumye baroranirwa kandi batahukana intsinzi bitwereka iki?

38 Ariko ivyo bitero ntivyabujije ko abayoboke ba Kristu bo kw’isi babandanya gusagamba no gutera imbere mu vy’impwemu. Kuba bagumye baroranirwa kandi bakaguma batahukana intsinzi kuva ico gihe, biratwereka neza ko Ubwami bw’Imana buganza! Umugwi w’abantu badatunganye ntiwari kuguma utsinda Shetani n’iyi si mbi iyo Imana itaguma iwushigikira yongera iwuhezagira biciye ku Mwana wayo no ku Bwami burongowe na Mesiya!—Soma Yesaya 54:17.

J. F. Rutherford ariko ashikiriza insiguro kw’ihwaniro ry’Abatohoji ba Bibiliya mu 1919

Umuvukanyi Rutherford ariko ashikiriza insiguro ikabura kw’ihwaniro haciye amezi makeyi apfunguwe

39, 40. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe biranga iki gitabu? (b) Uzokwungukira gute ku kwiga iki gitabu?

39 Mu bigabane bikurikira, tuzokwihweza ivyo Ubwami bw’Imana bwaranguye kw’isi mu myaka ijana iheze kuva buvutse mw’ijuru. Igihimba kimwekimwe cose c’iki gitabu kizoca irya n’ino umuce munaka w’igikorwa c’Ubwami ng’aha kw’isi. Ikigabane kimwekimwe cose kirimwo uruzitiro rw’isubiramwo ruzofasha umwe wese muri twebwe kubona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko. Mu bigabane bisozera, tuzokwihweza ivyo twokwitega ko bizoba ubwo Bwami nibwaza ubu bwa vuba gutikiza abanyakibi maze bukazana isi y’iparadizo. Uzokwungukira gute ku kwiga iki gitabu?

40 Shetani ashaka kugenda aronona ukwizera kwawe kugira ngo ureke kwizera Ubwami bw’Imana. Ariko Yehova we ashaka gukomeza ukwizera kwawe ngo kuzogukingire kwongere gutume uguma ukomeye. (Ef. 6:16) Tuguhimirije rero kwiga iki gitabu ujanisha n’isengesho. Nuze uribaza uti: ‘Noba mbona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko?’ Uko urushiriza kubona ko bubaho koko, ni ko bishoboka rwose ko uzoba uhari, ushigikira ubwo Bwami udahemuka kandi wivuye inyuma, igihe abantu bose bazobona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko be n’uko buganza!

a Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye na Grew, Stetson, be na Storrs, raba igitabu Les Témoins de Jéhovah : Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 45-46.

b Naho Abatohoji ba Bibiliya babona ko bikenewe ko umuntu avavanura n’amadini yari acuditse n’isi, baramaze imyaka babona ko abantu bavuga ko bemera incungu be n’uko bihebeye Imana ari bene wabo mu kwizera, naho batari Abatohoji ba Bibiliya.

c Kimwe mu vyatumye izo ngabisho zo mu ntango zita inguvu ni uko ahanini zakurikizwa na bamwe 144.000 bagize ubusho buto bwa Kristu. Mu kigabane ca 5 tuzobona ko imbere ya 1935 vyiyumvirwa ko “isinzi rinini” rivugwa mu Vyahishuwe 7:9, 10, ryobaye rigizwe n’abantu badaharurika bo mu madini y’abiyita abakirisu be n’uko bobaye bagize umugwi ugira kabiri woronse impera yo kuja mw’ijuru kubera washigikiye Kristu mu gihe c’iherezo.

d Muri Nyakanga 1920, ikinyamakuru Ikiringo c’agakura (icitwa ubu Be maso!) carasohoye inomero idasanzwe yadondagura uburorero butari buke bw’ahantu habaye uruhamo mu gihe c’intambara, hamwehamwe rukaba rwari rukaze cane: nko mu Budagi, mu Bwongereza, muri Kanada, no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko mu myaka mirongo y’imbere y’intambara ya mbere y’isi yose, uruhamo rukaze nk’urwo rwabaye hake cane.

e Umunara w’Inderetsi waramaze imyaka myinshi ugenewe canecane abo mu busho buto kugira bikomeze.

Woba ubona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko?

  • Ni bande bafashije abayoboke b’ukuri ba Yezu kwitegurira ivuka ry’Ubwami bw’Imana?

  • Ni mu buryo butari bumwe ubuhe abakirisu b’ukuri bateguwe ku bijanye n’intwaro y’Ubwami bw’Imana?

  • Ni ibiki vyerekana ko Ubwami bw’Imana ari intwaro ibaho koko? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko.”)

  • Uko ushigikira Ubwami muri iki gihe, wokwigana gute abayoboke ba Kristu b’abizigirwa babayeho kera ubu hakaba haciye imyaka ijana?

UBWAMI BW’IMANA NI INTWARO IBAHO KOKO

Ubwami bw’Imana yoba ari intwaro ibaho koko? Raba ibintu bikeyi gusa biranga Ubwami bw’Imana. Niwibaze uti: ‘Kimwekimwe cose muri vyo nticerekana none ko Ubwami bw’Imana ari intwaro ibaho koko nka kurya kw’intwaro iyo ari yo yose y’abantu iri kw’isi muri iki gihe, mbere bukaba buyiruta kure n’iyo?’

  • Umwami avyagiye ku ntebe y’ubwami

    KIZIGENZA

    Yezu Kristu yimitswe mu 1914, akaba ari Umwami w’umunyabubasha, w’ubutungane, w’inkerebutsi kandi w’umunyembabazi yicisha bugufi imbere ya Yehova Imana. (Yes. 9:6, 7; 11:1-3) Aratandukanye n’abategetsi b’abantu b’abanyagasembwa. We ntashobora kwononekara canke kuburabuzwa n’inama nkenguzamateka na nshingamateka zirangwamwo umuryano, canke abantu n’imigwi y’abantu bagondoza Leta bironderera inyungu zabo.

  • UBUBASHA BWO GUSHINGA AMATEGEKO NO GUCA IMANZA

    Ubuzima bwa Yezu n’akarorero yatanze igihe yari ng’aha kw’isi ni vyo rya tegeko ritagira akanenge rishingiyeko, rya “tegeko rya Kristu.”​—Gal. 6:2; 1 Pet. 2:21.

    Yehova yajeje Umwana wiwe ivy’uguca imanza vyose, kandi Yezu ararangura ico gikorwa mu buryo butagira agahaze kuruta uko umucamanza w’umuntu yobigira.​—Yoh. 5:22.

  • Abamufasha kuganza

    ABAFASHA KIZIGENZA KUGANZA

    Yezu arafise abantu 144.000 bazofadikanya na we kuganza, bazomufasha gusasagaza kw’isi intwaro yiwe igororotse. Ahanini intwaro yiwe ifise intumbero yo gutuma abantu basubiza hamwe n’Imana, ari na co gituma abo bazofadikanya na we kuganza bazoba ari n’abaherezi bafasha abantu gushika kuri iyo ntumbero.​—Ivyah. 14:1; 20:6.

  • Abamarayika b’inkomezi basokoye inkota zabo

    IGISODA

    Yezu, we Ndongozi y’ingabo nyinshi cane za Yehova zigizwe n’abamarayika b’abanyenkomezi, arongoye inteko za gisirikare zikomeye kuruta izigeze kubaho zose. Vuba agiye kurwanya ububisha bwose.​—Zab. 45:1, 3-5; Ivyah. 19:11, 14-16.

  • ICICARO C’INTWARO

    Intebe y’ubwami ya Yezu iri mw’ijuru iruhande ya Se wiwe. Mw’ijuru ni ho “hantu hakirurutse . . . h’ubweranda n’ubwiza” Yehova aba. (Yes. 63:15) Coba ari ikibanza kibaho koko? Cane nyene. Ni ikibanza kibaho koko kirengeye kure n’iyo umugwa mukuru uwo ari wose canke inyubakwa iyo ari yo yose ya Leta ushobora kubona, kuko ivyo mw’ijuru bidashobora kwononekera.​—Mat. 6:20.

  • Akarere k’isi

    AKARERE K’ISI

    Muri iki gihe, abatwarwa ba Yezu bameze nka ba kavamahanga babaye mu gihugu kimwekimwe cose no mw’ihanga rimwerimwe ryose ari abanyagihugu bagamburuka amategeko. Mugabo Yehova yarabahaye igihugu co mu buryo bw’impwemu, akarere baranguriramwo ibikorwa, aho bakorera ivyo uwo Mwami agomba. (Yes. 60:2; 66:8) Ubwami burongowe na Yezu bugiye kwigarurira isi yose ibe akarere butwara.​—Zab. 72:8.

  • IMIGAMBI Y’INTWARO

    Ubwami bw’Imana vuba bugiye gushitsa imihango Imana yatanze yo kuronsa abantu ibi bintu be n’ibindi.​—Zab. 72:16; Yes. 2:3; 33:24; 35:6; 65:21.

    • Akigeme gafise amagara meza kariko kariruka

      AMAGARA

    • Inzu nziza

      UBURARO

    • Umuntu ariko arubaka

      AKAZI

    • Ivyamwa hamwe n’imboga

      IBIFUNGURWA

    • Umuntu ariko ariga

      INYIGISHO

  • ABANYAGIHUGU BAGIZWE N’ABATWARWA B’INTAHEMUKA

    Bibiliya ivuga iti: “Iyo habuze abanyagihugu [canke, “abatwarwa”], umutegetsi mukuru aratemba” ariko “mu bantu indiri hari ugushaza kw’umwami.” (Imig. 14:28) Igitigiri c’abanyagihugu b’Ubwami bw’Imana bagizwe n’abatwarwa b’intahemuka, carongerekanye ningoga na ningoga kirenga imiliyoni indwi n’igice.​—Zab. 72:8; Yes. 60:22.

    Abantu bo mu mice yose y’ubuzima

BATEGURWA KU BIJANYE N’IVUKA RY’UBWAMI

Rimbura ibintu bimwebimwe vyabaye mu myaka mirongo y’imbere ya 1914. Woba ubona ukuntu vyafashije abasavyi b’Imana kwitegurira ivuka ry’Ubwami burongowe na Mesiya?

  1. Nko mu myaka ya 1850

    Henry Grew, George Stetson, na George Storrs basuzuma inyigisho y’uko ngo umuntu afise muri we umutima w’ubwenge udapfa maze bakerekana ko ari iy’ikinyoma

  2. 1868 canke 1869

    Charles T. Russell atangura gusuzuma yitonze inyigisho zo mu madini y’abiyita abakirisu agasanga Ivyanditswe bisigurwa ukutariko; “ukwizera kwariko guhungabana” kwa Russell gusubira gukomera aho yumviye insiguro y’umupasitori w’umudivantiste yitwa Jonas Wendell

  3. 1870

    Umuvukanyi Russell ashinga umugwi wo kwiga Bibiliya; batangura kwiga Bibiliya mu buryo bunogangije kandi buri ku rutonde

    Umugwi w’abantu bariko bariga Bibiliya mu myaka 1870
  4. 1870-1875

    Ukuri ku bijanye n’urupfu, incungu, be n’ukuntu Kristu agaruka, kurushiriza gutomoka

  5. 1876

    Ikiganiro canditswe na C. T. Russell kigasohorwa mu kinyamakuru Umusuzumyi wa Bibiliya, cerekana ko Ibihe vy’Abanyamahanga vyorangiye mu 1914

  6. 1877

    Agatabu Igituma Umukama wacu agaruka be n’ukuntu agaruka gasohorwa kugira gatomore ukuri kujanye n’ukuhaba kwa Kristu

  7. 1879

    Hasohorwa inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’integuza y’ukuhaba kwa Kristu

    Igipfukisho c’inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’integuza y’ukuhaba kwa Kristu

    Bimenyekana ko Babiloni Akomeye ari amadini y’abiyita abakirisu

  8. 1880

    Umuvukanyi Russell agira ingendo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira agendere yongere akomeze imigwi y’ukwiga

  9. 1881

    Udupapuro tw’inkuru nziza tw’impapuro nyinshi (tumwe muri two tukaba twararenza impapuro 100) dusohorwa maze tugahabwa abasomyi b’Umunara w’Inderetsi kugira baduhe abantu ku buntu

    Umunara w’Inderetsi utumira abasomyi bawo bose guhimbaza Icibutso muri Allegheny muri Pensilivaniya

    Igikorwa c’abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose (colporteurs) gitangura

    Ibiganiro nk’ikivuga ngo “Harakenewe abamamaji 1.000” be n’ikivuga ngo “Barobanuwe kugira bamamaze” biremesha kuja mu busuku

    Abakirisu batari bwatangure kugira amakoraniro badahorereza baremeshwa kuyagira

  10. 1882

    Hasohorwa ikiganiro ciyamiriza inyigisho y’Ubutatu

  11. 1885

    Ibisohokayandikiro vy’ishirahamwe Watch Tower bishikira abasomyi bo mu migabane y’isi itanu

  12. 1886

    Hasohorwa igitabu Umugambi w’Imana w’ibiringo, igitabu ca mbere co mu rukurikirane rw’ibitabu rwahavuye rwitwa Ukwiga Ivyanditswe

    Umunara w’Inderetsi utumira abasomyi bawo mw’ “ikoraniro kaminuza” ry’imisi itatu kugira bakurikire Icibutso c’urupfu rwa Kristu, haba hatanguye ivyo kugira amahwaniro buri mwaka

  13. 1889

    Hubakwa Inzu ya Bibiliya i Allegheny muri Pensilivaniya

  14. 1891

    C. T. Russell atangura ingendo za kure hanze ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, arondera ingene “Ukuri kwokwiragira kugashika kure”

  15. 1894

    Abaserukira ishirahamwe Tower Tract Society b’abacungezi b’ingenzi barungikwa kugendera no kuremesha amashengero

    Abacungezi b’ingenzi bo mu myaka ya 1890
  16. 1895

    Umunara w’Inderetsi uvuga ko hari abantu b’intahemuka bagira “Imigwi yo mu mutwenzi” yo kwiga Bibiliya maze ugasaba ko “iyo Migwi igirwa mu mihingo yose”

  17. 1896

    C. T. Russell asohora agatabu Ivyanditswe bivuga iki ku muriro udahera?

    Ishirahamwe Watch Tower Society risohora Isezerano Rishasha rya Rotherham, rikoresheje ishirahamwe ricapura ibitabu ryo mw’isi

  18. 1900

    Hashingwa ibiro vy’ishami vya mbere i Londres mu Bwongereza

    Igikorwa co kwamamaza gishika mu bihugu 28

  19. 1903

    Hatangwa ku buntu udupapuro tw’inkuru nziza ku misi y’iyinga, bikaba vyagirirwa ku mabarabara yo hafi y’insengero, hanyuma bigirwa mu masekeza akomeye yo kwamamaza inzu ku nzu

    Insiguro za Russell zitangura kuza zirasohoka mu binyamakuru vyo mw’isi

  20. 1909

    Icicaro gikuru c’ishirahamwe Watch Tower Society cimukira i Brooklyn muri New York

    Abakirisu batatu bariko baraganira
  21. 1910

    Abatohoji ba Bibiliya batangura gukoresha izina Ishirahamwe mpuzamakungu ry’Abatohoji ba Bibiliya

  22. 1911-1912

    C. T. Russell na bagenziwe batandatu bagira urugendo rwo kuzunguruka isi yose rw’ibilometero nka 56.000 kugira barabe “uko ivy’ubukirisu vyifashe na kazoza kabwo” mu bihugu bitandukanye, harimwo Filipine, Ubuhindi, Ubushinwa, n’Ubuyapani

  23. 1914

    Rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe” rwerekanwa ari bwo bwa mbere muri New York ku wa 11 Nzero, maze mu kwezi gukurikira rukerekanwa mu bindi bisagara bitanu. Mu mpera z’uwo mwaka, rwari rumaze kubonwa n’abantu nka 9.000.000 muri Amerika ya Ruguru, i Buraya, muri Ostraliya, no muri Nouvelle-Zélande

    Uwuriko arerekana ya sinema y’“Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe”

    Muri Gitugutu, C. T. Russell amenyesha umuryango wa Beteli ati: “Ibihe vy’Abanyamahanga vyarangiye; igihe c’abami babo caheze.” Mushiki wacu umwe yari aho avuga ko Russell yongeyeko ati: “Rero ntituzi ikiturindiriye”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika