Ibubamfu: Imfashanyo abavukanyi bo mu Buswise barungikiye abavukanyi bacu bo mu Budagi mu 1946; iburyo: Ingoro y’Ubwami yo mu Buyapani iriko isubira kubakwa inyuma y’aho habereye ya tsunami mu 2011
IGIHIMBA CA 6
Gushigikira Ubwami—Kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo no gutabara abashikiwe n’ivyago
URIKO ugendagenda mu Ngoro y’Ubwami yanyu ariko ubona umenga si ho. Umaze igihe uhimbarwa cane n’iyo nyubakwa. Ushobora mbere kuba wibukana akamwemwe ingene wafashije kuyubaka mu myaka nk’ingahe iheze. Ariko hari ukuntu ubu uhimbawe mbere kuruta, kuko yagizwe aho gutabarira mu gihe gito abashikiwe n’ivyago. Inyuma y’aho mu karere kanyu habereye igihuhusi kigatera imyuzure kigatikiza n’ibintu, Komite y’ishami yaciye inyaragasa iratunganya ukuntu abashikiwe n’ivyago boronka ibifungurwa, ivyambarwa, amazi meza, n’izindi mfashanyo. Izo mfashanyo ziratondetswe neza. Abavukanyi na bashiki bacu baratonze umurongo, bariko baronswa ivyo bakeneye, kandi benshi muri bo bariko bakorora amosozi y’umunezero.
Yezu yavuze ko ikintu gihambaye coranze abayoboke biwe ari urukundo bobaye bafitaniye. (Yoh. 13:34, 35) Muri iki gihimba, tuzokwihweza ingene urukundo abakirisu bakundana ruriko rugaragarira mu bikorwa vy’ubwubatsi n’ivyo gutabara abashikiwe n’ivyago birangurwa n’Ivyabona vya Yehova. Urwo rukundo ni ikimenyamenya gikomeye cerekana ko tubayeho tuganzwa n’Ubwami burongowe na Yezu.