ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hf igice 4 ibice 1-2
  • Ingene mwokoresha neza amahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene mwokoresha neza amahera
  • Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 NIMUTEGEKANYE IBINTU MWITONZE
  • 2 NIMUVUGANE UKURI KANDI MUKORE IBINTU MU BURYO BUBEREYE
  • Gukoresha neza amahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene ukwiye kubona amahera
    Be maso!—2015
  • Amahera
    Be maso!—2014
  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
hf igice 4 ibice 1-2
Ingene mwokoresha neza amahera

IGIHIMBA CA 4

Ingene mwokoresha neza amahera

“Mu baja inama hari ubukerebutsi.”​—Imigani 13:10

Twese turakenera amahera kugira turonse imiryango yacu ivyo ikeneye. (Imigani 30:8) Nakare, “amahera a[ra]kingira umuntu.” (Umusiguzi 7:12) Wewe n’uwo mwubakanye vyoshobora kubagora kuganira ivyerekeye amahera, ariko ntimureke amahera ngo ateze ingorane mu mubano wanyu. (Abanyefeso 4:32) Abubakanye bakwiye kwizigiranira no gusenyera ku mugozi umwe igihe bafata ingingo ku bijanye n’ukuntu bazokoresha amahera.

1 NIMUTEGEKANYE IBINTU MWITONZE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?” (Luka 14:28) Birahambaye ko mwicarana mugategekanya ingene muzokoresha amahera. (Amosi 3:3) Nimurabe ivyo mukeneye kugura be n’amahera mushobora gukoresha ntihagire igipfa. (Imigani 31:16) Kuba mufise amahera yo kugura ikintu vyonyene ntibisobanura ko mukwiye guca mukigura. Nimugerageze kwirinda amadeni, mukoreshe gusa amahera mufise.​—Imigani 21:5; 22:7.

ICO MWOKORA:

  • Bishitse hagasigara amahera ukwezi kurangiye, nimurabire hamwe ico mwoyakoresha

  • Nimba na ho mukehaniwe, nimurabe uburyo butomoye bwo kugabanya ayo mukoresha. Nk’akarorero, mwoshobora kuza muritegurira imfungurwa aho kuja muri resitora

Abubakanye bariko bariyumvira ibintu nyamukuru bibasaba amahera

2 NIMUVUGANE UKURI KANDI MUKORE IBINTU MU BURYO BUBEREYE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Tugira . . . [ibi]gororotse, atari gusa mu maso ya Yehova, mugabo no mu maso y’abantu.” (2 Abakorinto 8:21) Nukore ibigororotse mu kubwiza ukuri uwo mwubakanye ku bijanye n’amahera uronka be n’ayo ukoresha.

Niwame ugisha inama uwo mwubakanye igihe ufata ingingo zihambaye zijanye n’amahera. (Imigani 13:10) Guhanahana amakuru ku bijanye n’amahera bizozigama amahoro mu mubano wanyu. Amahera uronka nubone ko atari ayawe, ahubwo ko ari ay’umuryango.​—1 Timoteyo 5:8.

Umugabo n’umugore bagiye kugura ibintu, bakaba bariko bararaba urutonde rw’ivyo bagura

ICO MWOKORA:

  • Nimwumvikane igitigiri c’amahera umwe wese ashobora gukoresha atarinze guhanuza mugenziwe

  • Ntimurindire ko harinda kwaduka ingorane ngo abe ari ho muganira ibijanye n’amahera

INGENE MUBONA AMAHERA

Naho amahera ahambaye, ntimureke ngo ahungabanye umubano wanyu canke ngo yirirwe aratuma mugira amaganya. (Matayo 6:25-34) Kugira munezererwe ubuzima ntibisaba ko mugira amahera menshi. Bibiliya ivuga iti: “Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina.” (Luka 12:15) Nta kintu na kimwe amahera yogura coza gisumvya agaciro umubano wanyu. Nimubumbwe rero n’ivyo mufise, kandi ntimwigere mufata minenegwe ubucuti mufitaniye n’Imana. Nimwabigenza gutyo, urugo rwanyu ruzorangwa agahimbare mwongere mushimwe na Yehova.​—Abaheburayo 13:5.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Twokora iki mu rugo rwacu ngo twirinde amadeni?

  • Ni ryari jewe n’uwo twubakanye duheruka kuyaga ibijanye n’amahera ata guhishanya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika