ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 34 rup. 82-rup. 83 ing. 6
  • Yezu atora intumwa cumi na zibiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu atora intumwa cumi na zibiri
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Atoranya Intumwa Ziwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ababaye abigishwa ba Yezu
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu Yigishiriza ku Musozi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu atora intumwa 12
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 34 rup. 82-rup. 83 ing. 6
Yezu ariko araduga ku musozi

IKIGABANE CA 34

Yezu atora intumwa cumi na zibiri

MARIKO 3:13-19 LUKA 6:12-16

  • ZA NTUMWA 12

Haraciye umwaka n’igice kuva Yohani Umubatizi amenyesheje ko Yezu ari Umwagazi w’intama w’Imana. Igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe, abantu batari bake b’inziraburyarya baracitse abigishwa biwe. Muri abo harimwo Andereya, Simoni Petero, Yohani, kumbure na Yakobo (mwene wabo na Yohani), Filipo na Barutolomayo (ari we bita Natanayeli). Mu nyuma n’abandi benshi barakurikira Kristu.​—Yohani 1:45-47.

Ubu Yezu agira acagure intumwa ziwe. Abo bazokorana cane na we yongere abaronse inyigisho zidasanzwe. Ariko imbere yo kubacagura, Yezu araduga ku musozi, kumbure umusozi uri iruhande y’Ikiyaga c’i Galilaya hafi y’i Kaperinawumu. Amara ijoro ryose asenga, bikaba bishoboka ko ariko asaba Imana ngo imuhe ugutahura yongere imuhezagire. Bukeye, arahamagara abigishwa biwe maze agatoramwo 12 ngo babe intumwa.

Yezu ahitamwo bamwe batandatu twavuga aho haruguru, akongerako na Matayo, umwe yasanga aho batoreza ikori. Abandi batanu atora ni Yuda (yitwa kandi Tadeyo akaba ari “mwene Yakobo”), Simoni Umunyakanani, Toma, Yakobo mwene Alufayo hamwe na Yuda Isikariyoti.​—Matayo 10:2-4; Luka 6:16.

Yezu ariko arasenga imbere yo gutora intumwa ziwe cumi na zibiri

Abo 12 bari bamaze igihe bagendana na Yezu kandi arabazi neza. Bamwe muri bo ni incuti ziwe. Biboneka ko Yakobo na mwene wabo Yohani ari bene nyinabo na Yezu. Kandi nk’uko bamwe bavyibaza, nimba Alufayo yavukana na Yozefu se murezi wa Yezu, umuhungu rero wa Alufayo ari we Yakobo, aca aba mwene sewabo na Yezu.

Yezu ntibimugora kwibuka amazina y’intumwa ziwe. None wewe woba uyibuka? Kimwe mu vyogufasha ni ukwibuka ko hari ba Simoni babiri, ba Yakobo babiri na ba Yuda babiri. Simoni (ari we Petero) afise mwene wabo yitwa Andereya, hama Yakobo (mwene Zebedayo) akagira mwene wabo yitwa Yohani. Ivyo biragufasha kwibuka amazina y’intumwa umunani. Bane basigaye harimwo umutozakori (Matayo), uwemera ari uko abonye (Toma), uwo Yezu yasanze munsi y’igiti (Natanayeli), n’umugenzi wa Natanayeli (Filipo).

Cumi n’umwe muri izo ntumwa bava i Galilaya, ari na ho Yezu aba. Natanayeli ava i Kana. Filipo, Petero na Andereya bava i Betsayida. Mu nyuma, Petero na Andereya barimukira i Kaperinawumu, ari na ho Matayo yaba. Yakobo na Yohani na bo nyene baba i Kaperinawumu canke hafi yaho, kandi bahoze bakorera ng’aho igikorwa co kuroba. Bisa n’uko Yuda Isikariyoti, umwe yahavuye agura Yezu, ari we wenyene ava i Yudaya.

  • Ni ingingo ihambaye iyihe Yezu afata amaze ijoro ryose asenga?

  • Ni bande baba intumwa za Yezu, kandi ni igiki cogufasha kwibuka amazina yabo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika