IKIGABANE CA 3
“Mwibuke ababaja imbere”
AYO majambo y’intumwa Paulo dusanga mu Baheburayo 13:7 arashobora kandi guhindurwa ngo “Mwibuke ababayobora.” Kuva kuri Pentekoti yo mu 33, intumwa z’intahemuka z’Umukama Yezu Kristu zarashikije iryo banga. Zari zigize inama nyobozi yaja imbere mu guha ubuyobozi ishengero rya gikirisu ryaheruka gushingwa. (Ivyak. 6:2-4) Nko mu 49, iyo nama nyobozi yari imaze kujamwo n’abandi uretse intumwa za Yezu. Igihe hafatwa ingingo ku kibazo co kugenyerwa, inama nyobozi yari igizwe n’“intumwa n’abagabo b’inararibonye” b’i Yeruzalemu. (Ivyak. 15:1, 2) Bari bafise ibanga ryo kwitwararika ibibazo biraba abakirisu aho bari hose. Bararungikira amakete amashengero bakongera bakayamenyesha ingingo zafashwe, ivyo vyose bikaba vyarayaremesha bikanatuma abigishwa baguma banama rimwe. Amashengero yaragamburuka kandi akayoboka ubuyobozi yahabwa n’inama nyobozi. Ivyo vyatuma Yehova ayahezagira kandi agasagamba.—Ivyak. 8:1, 14, 15; 15:22-31; 16:4, 5; Heb. 13:17.
2 Inyuma y’urupfu rw’intumwa, haradutse ubuhuni bukomeye. (2 Tes. 2:3-12) Nk’uko Yezu yari yarabivuze muri wa mugani w’ingano n’icatsi kibi, icatsi kibi (abiyita abakirisu) carabibwe mu ngano (abakirisu barobanuwe). Mu binjana vyakurikiye, icatsi kibi n’ingano vyarakuranye gushika kw’iyimbura, ni ukuvuga gushika ku “nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 13:24-30, 36-43) Muri ico gihe, Yezu yarabandanije gutonesha abakirisu barobanuwe umwe wese ku giti ciwe, ariko nta nama nyobozi yariho. Nta muhora utomoye wariho kw’isi Yezu yakoresha mu guha ubuyobozi abigishwa biwe. (Mat. 28:20) Yamara rero, Yezu yari yaravuze ko ibintu vyohindutse mu gihe c’iyimbura.
3 “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?” Ico kibazo ni co Yezu Kristu yatanguje ikigereranyo yatanze kiri mu bigize “ikimenyetso” c’“insozero y’ivy’isi.” (Mat. 24:3, 42-47) Yezu yerekanye ko uwo mushumba yokoze agatama mu kuronsa abasavyi b’Imana ibifungurwa vy’impwemu “ku gihe kibereye.” Nk’uko Yezu yakoresheje umugwi w’abagabo aho gukoresha umuntu umwe mu kuyobora abandi mu kinjana ca mbere, umushumba w’umwizigirwa Yezu akoresha mu gihe c’iherezo si umuntu umwe.
NI NDE “MUSHUMBA W’UMWIZIGIRWA KANDI W’UBWENGE”?
4 Ni bande Yezu yagenye kugira bagaburire abigishwa biwe? Birumvikana ko yokoresheje abakirisu barobanuwe bari kw’isi. Bibiliya ivuga ko bagize “ubuherezi bwa cami,” bakaba bajejwe “‘[kumenyesha] hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco [wiwe] w’agatangaza.” (1 Pet. 2:9; Mal. 2:7; Ivyah. 12:17) None abarobanuwe bose bari kw’isi boba bagize umushumba w’umwizigirwa? Oya. Igihe Yezu yagaburira ku gitangaro abagabo nka 5.000, udashizemwo abagore n’abana, yabanje guha ivyo bifungurwa abigishwa biwe, na bo baca babigaburira iryo sinzi. (Mat. 14:19) Yagaburiye benshi abicishije kuri bake. No muri kino gihe abigenza gutyo mu gutanga ibifungurwa vy’impwemu.
5 Ku bw’ivyo, uwo “mubwiriza w’umwizigirwa [kandi] w’ubwenge” agizwe n’umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe bategura bakongera bagatanga ibifungurwa vy’impwemu mu gihe c’ukuhaba kwa Kristu. (Luka 12:42) Muri iyi misi ya nyuma, abavukanyi barobanuwe bagize uwo “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” bose bakorera ku cicaro gikuru. Muri iki gihe, abo bavukanyi barobanuwe ni bo bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova.
6 Kristu arakoresha uwo mugwi mu gusohora amakuru yerekeye iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Arawukoresha kandi mu gutanga ubuyobozi buje hageze budufasha gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya mu buzima bwa misi yose. Ivyo bifungurwa vy’impwemu bitangwa biciye ku mashengero y’Ivyabona vya Yehova. (Yes. 43:10; Gal. 6:16) Igihe Bibiliya yandikwa, umushumba canke umubwiriza yizigiwe ni we yahagarikira ivyo mu rugo. Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge na we nyene yajejwe guhagarikira urugo rw’abizera. Arahagarikira amatungo y’ishirahamwe, igikorwa co kwamamaza, inyigisho zitangwa ku materaniro no ku mahwaniro, ibijanye no kugena abacungezi bazezwa amabanga atandukanye mw’ishirahamwe, n’ivyo gusohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, vyose bikaba bigirira akamaro ‘abakozi bo mu nzu.’—Mat. 24:45.
7 None abo ‘bakozi bo mu nzu’ ni bande? Mw’ijambo rimwe, ni abagaburirwa. Mu ntango, bose bari abarobanuwe. Mu nyuma, hahavuye hajamwo na rya sinzi rinini rigizwe n’abo mu “zindi ntama.” (Yoh. 10:16) Iyo migwi ibiri yose iragaburirwa ibifungurwa vy’impwemu bitangwa na wa mushumba w’umwizigirwa.
8 Yezu niyaza gutangaza no gushira mu ngiro urubanza rwaciriwe ino si mbi mu gihe ca ya makuba akomeye, azozeza umushumba w’umwizigirwa “ivyo atunze vyose.” (Mat. 24:46, 47) Abagize uwo mushumba w’umwizigirwa bazoronka impera yabo mw’ijuru. Bazofadikanya na Kristu kuganza bari mw’ijuru bari kumwe n’amasigarira ya bamwe 144.000. Naho ata mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge azoba akiriho, Yehova na Yezu bazoha ubuyobozi abatwarwa b’Ubwami bwa Mesiya bo kw’isi biciye ku bazoba bagenywe ngo babe “abaganwa.”—Zab. 45:16.
KUBERA IKI ‘TWOKWIBUKA ABATUJA IMBERE’?
9 Hari imvo nyinshi zotuma ‘twibuka abatuja imbere’ kandi tukabizigira. Ni kubera iki kubigenza gutyo bidufitiye akamaro? Intumwa Paulo yavuze ati: “Baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa; kugira ngo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko vyogirira nabi mwebwe.” (Heb. 13:17) Birahambaye ko tugamburuka kandi tukayoboka ubuyobozi duhabwa n’abatuja imbere kuko baguma barinze ubuzima bwacu kugira badukingire ivyotugirira nabi mu vy’impwemu.
10 Mu 1 Abakorinto 16:14, Paulo yavuze ati: “Ivyanyu vyose nibibe mu rukundo.” Ingingo zifatwa ku bw’abasavyi b’Imana ziba zishingiye ku rukundo. Ku bijanye n’urukundo, mu 1 Abakorinto 13:4-8 hagira hati: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. Ntirunezererwa ibitagororotse, ahubwo runezeranwa n’ukuri. Rurenzako muri vyose, rwemera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.” Kubera ko ingingo zose zifatwa ku neza y’abasavyi ba Yehova ziba zishingiye ku rukundo, nta cotuma tutizigira ubwo buyobozi duhabwa. Vyongeye, ubwo buyobozi ni ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda.
Birahambaye ko tuyobokera abaguma barinze ubuzima bwacu kugira badukingire ivyotugirira nabi mu vy’impwemu
11 Nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, abagabo Yehova akoresha mu kuyobora abasavyi biwe si beranda. Yehova yarakoresheje abantu badatunganye muri kahise mu gushitsa ivyo agomba. Nowa yarubatse ubwato yongera aramamaza ivyerekeye agatikizo kari kimirije mu gihe ciwe. (Ita. 6:13, 14, 22; 2 Pet. 2:5) Musa yaragenywe ngo akure abasavyi ba Yehova mu Misiri. (Kuv. 3:10) Abantu badatunganye barahumekewe kwandika Bibiliya. (2 Tim. 3:16; 2 Pet. 1:21) Kuba Yehova akoresha abagabo badatunganye mu kuyobora igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, ntibituma tutizigira ishirahamwe ryiwe. Ahubwo biradukomeza kuko tuzi ko ishirahamwe ritoshobora gushika ku vyo ririko rirangura ridashigikiwe na Yehova. Turavye ingorane umushumba w’umwizigirwa yagiye aracamwo mu myaka n’iyindi, vyaragaragaye ko ayoborwa n’impwemu y’Imana. Muri iki gihe, igice kiboneka c’ishirahamwe rya Yehova carironkeye imihezagiro myinshi cane. Ku bw’ivyo, turarishigikira twivuye inyuma kandi tukaryizigira.
INGENE TWEREKANA KO TWIZIGIRA YEHOVA
12 Abashingwa amabanga mw’ishengero barerekana ko bizigira Yehova mu kwemera n’umutima ukunze ayo mabanga kandi bakayarangura badahemuka. (Ivyak. 20:28) Twebwe abamamaji b’Ubwami natwe, tuvyerekana mu kwamamaza inzu ku nzu n’umwete, mu gusubira kugendera abo twayaze no mu kuyobora inyigisho za Bibiliya. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Kugira twungukire bimwe bishitse ku bifungurwa vy’impwemu bitangwa na wa mushumba w’umwizigirwa, turategura amakoraniro tukongera tukayitaba, tutibagiye amateraniro n’amahwaniro. Turungukira cane ku ndemesho duhanahana n’abavukanyi bacu igihe turi kuri ayo makoraniro.—Heb. 10:24, 25.
13 Igihe dushigikira ishirahamwe mu gutanga intererano, tuba twerekanye ko turyizigira. (Imig. 3:9, 10) Iyo tubonye ko abavukanyi bacu bakeneye gufashwa mu vy’umubiri, duca tugira ico dukoze tudatebaganye. (Gal. 6:10; 1 Tim. 6:18) Ivyo tubigira kubera dukunda abavukanyi bacu, kandi twama turondera uturyo two kwerekana ko dukenguruka ibintu vyiza turonswa na Yehova n’ishirahamwe ryiwe.—Yoh. 13:35.
14 Turerekana kandi ko twizigira ishirahamwe rya Yehova mu gushigikira ingingo riba ryafashe. Aho harimwo gukurikiza twicishije bugufi ubuyobozi butangwa n’abajejwe amabanga, nk’abacungezi b’imizunguruko n’abakurambere. Abo bavukanyi bari mu ‘batuja imbere,’ tukaba dukwiye kubagamburukira no kubayobokera. (Heb. 13:7, 17) Naho tutoba dutahura neza igituma hafashwe ingingo kanaka, turazi ko kuzishigikira ari twebwe bigirira akamaro. Ivyo bituma Yehova aduhezagira kubera tugamburuka Ijambo ryiwe kandi tukayobokera ishirahamwe ryiwe. Gutyo, tuba twerekanye ko tugamburukira Databuja Yezu Kristu.
15 Emwe, birabereye ko twizigira umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge! Shetani ya mana y’iki gihe ariko arakora ivyo ashoboye vyose kugira asige iceyi Yehova n’ishirahamwe ryiwe. (2 Kor. 4:4) Ntugwe mu mutego wa Shetani! (2 Kor. 2:11) Arazi ko hasigaye “igihe gito” ngo atabwe mu nyenga, kandi yiyemeje kwonkora ku Mana abantu benshi bashoboka. (Ivyah. 12:12) Ese tworushiriza kwiyegereza Yehova naho Shetani yakenyeye zikaguma. Nimuze twizigire Yehova n’umuhora ariko arakoresha mu kuyobora abasavyi biwe muri iki gihe. Kubigenza gutyo bituma umuryango wacu wunga ubumwe.