ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od ikig. 6 rup. 53-58
  • Abakozi b’ishengero barakora igikorwa c’agaciro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakozi b’ishengero barakora igikorwa c’agaciro
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IBISABWA KU BAKOZI B’ISHENGERO
  • IBIKORWA BAKORA
  • Abakozi b’ishengero bajejwe ibanga irihe?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakozi b’ishengero?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Niwerekane ko ushima «ingabire zigizwe n’abagabo»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Bavukanyi, nimubibe ku bw’impwemu maze mukwize ibisabwa kugira mushingwe amabanga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od ikig. 6 rup. 53-58

IKIGABANE CA 6

Abakozi b’ishengero barakora igikorwa c’agaciro

INTUMWA PAULO yandikiye ishengero ry’i Filipi ati: “Paulo na Timoteyo, abashumba ba Kristu Yezu, turabandikiye mwebwe aberanda bose bunze ubumwe na Kristu Yezu muri i Filipi, hamwe n’abacungezi be n’abakozi b’ishengero.” (Flp. 1:1) Urabona ko mu bo yandikiye harimwo n’abakozi b’ishengero. Biragaragara ko abo bagabo barangura uruhara ruhambaye mu gufasha abakurambere mw’ishengero ry’ico gihe. Ukwo ni ko biri no muri iki gihe. Ibikorwa abakozi b’ishengero bakora birafasha abakurambere kandi bigatuma mw’ishengero haba urutonde.

2 Woba uzi abakozi b’ishengero bo mw’ishengero iwanyu? Woba uzi ibikorwa bakora ku neza yawe no ku neza y’ishengero ryose? Nta gukeka ko Yehova aha agaciro utwigoro tw’abo bagabo. Paulo yanditse ati: “Abakora neza bironsa impagararo nziza n’umwidegemvyo wo kuvuga mwinshi mu kwizera mu bijanye na Kristu Yezu.”​—1 Tim. 3:13.

IBISABWA KU BAKOZI B’ISHENGERO

3 Vyitezwe ko abakozi b’ishengero baba ari abantu bigenza rukirisu, bitaho ibintu kandi barangura neza ibikorwa bazezwa. Ivyo birabonekera mu vyo Paulo yavuze mw’ikete yandikiye Timoteyo ku bijanye n’ibisabwa ku bakozi b’ishengero. Yanditse ati: “Abakozi b’ishengero na bo nyene bakwiye kuba abadafyina, badafise indimi zibiri, badatwarwa umutima n’umuvinyu mwinshi, batanohokera inyungu mbi, bagumya ibanga ryeranda ry’ukwizera bari n’ijwi ryo mu mutima ridahumanye. Vyongeye, abo nibabanze kugezwa kugira ngo birabwe ko bakwiriye, babone gukora nk’abasuku, kuko ata co baregwa. Umukozi w’ishengero abe umugabo w’umugore umwe, ahagarikira neza abana biwe n’urugo rwiwe bwite.” (1 Tim. 3:8-10, 12) Kwisunga izo ngingo ngenderwako ziri hejuru mu kugena abakozi b’ishengero birakingira ishengero ibirego ryoregwa kubera abantu rishinga amabanga.

4 Abakozi b’ishengero, baba bakiri bato canke bakuze, baragira uruhara n’umwete mu ndimiro buri kwezi. Barigana Yezu mu kugira umwete mu gikorwa co kwamamaza. Umwete wabo urerekana ko bipfuza ko abantu barokoka nk’uko Yehova avyipfuza.​—Yes. 9:7.

5 N’ikindi kandi, abakozi b’ishengero ni intangakarorero mu kuntu bambara, ukuntu bitunganya, ukuntu bavuga, agatima bagaragaza hamwe n’ukuntu bigenza. Bararoranye mu muzirikanyi, ivyo bikaba bituma abandi babubaha. Vyongeye, ntibafata minenerwe ubucuti bafitaniye na Yehova hamwe n’uduteka tw’umurimo batewe mw’ishengero.​—Tito 2:2, 6-8.

6 Abo bagabo babanza “kugezwa.” N’imbere y’uko bagenwa muri iryo banga, baba baragaragaje vy’ukuri ko ari abagabo biyeguriye Imana. Baba barerekanye ko bashira imbere ivyungura Ubwami be n’uko bipfuza gushikira uduteka tw’umurimo dutandukanye. Mu vy’ukuri, ni uburorero abandi bo mw’ishengero bokwigana.​—1 Tim. 3:10.

IBIKORWA BAKORA

7 Abakozi b’ishengero barakora ibikorwa bitandukanye bigirira akamaro abavukanyi, bigatuma abakurambere baronka umwanya uhagije wo kwitwararika amabanga ajanye no kwigisha no kuragira. Igihe inama y’abakurambere ibashinga ibikorwa, irarimbura ivyo umwe wese ashoboye n’ivyo ishengero rikeneye.

Abakozi b’ishengero barakora ibikorwa bitandukanye vy’ingirakamaro, bigatuma abakurambere baronka umwanya uhagije wo kwitwararika amabanga ajanye no kwigisha no kuragira

8 Ehe bimwebimwe mu bikorwa bakora: Umukozi w’ishengero umwe arashobora gushingwa kwitwararika ibisohokayandikiro kugira dushobore kuronka ivyo dukoresha ku giti cacu n’ivyo tujana mu ndimiro. Hari abashingwa kwitwararika ibijanye n’amakonte y’ishengero hamwe n’inyandiko z’ivyibare. Abandi na bo barashingwa gutembereza mikoro, gukora mu vyuma biduza amajwi, kwakira abantu no gufasha abakurambere mu bundi buryo. Hari ibikorwa vyinshi bitegerezwa gukorwa kugira Ingoro y’Ubwami ibungabungwe yongere igume isukuye. Akenshi abakozi b’ishengero barasabwa kwitwararika mwene ivyo bikorwa.

9 Mu mashengero amwamwe, vyoshoboka ko buri mukozi w’ishengero ashingwa kimwe muri ivyo bikorwa. Mu yandi na ho, umukozi w’ishengero umwe yoshobora gushingwa ibikorwa vyinshi. Mu bihe bimwebimwe, igikorwa kimwe coshobora gukorwa n’abakozi b’ishengero benshi. Nimba ata bakozi b’ishengero bakwiye bahari kugira bitwararike bimwebimwe muri ivyo bikorwa, inama y’abakurambere yoshobora gusaba abandi bavukanyi babatijwe b’intangakarorero ngo barangure ivyo bikorwa vya nkenerwa. Gutyo barashobora kumenya utuntu n’utundi tuzobafasha nibakwiza ibisabwa vyo kuba abakozi b’ishengero. Nimba ata bavukanyi bahari, umudada w’intangakarorero yoshobora gusabwa gufasha mu bikorwa bimwebimwe, naho nyene atagenwa ngo abe umukozi w’ishengero. Umuntu w’intangakarorero ni umuntu yigenza neza kandi yitwararika ivy’impwemu ku buryo abandi bomwigana. Arabera akarorero abandi mu bijanye no kwitaba amakoraniro, kugira uruhara mu ndimiro, kwambara no kwitunganya, ubuzima bwo mu muryango, uburyo bwo kwisamaza ahitamwo, n’ibindi.

10 Mu mashengero afise abakurambere bake, abakozi b’ishengero babishoboye boshobora gusabwa gusuzumira hamwe n’abipfuza kubatizwa ibibazo bijanye n’ivyo twemera. Ivyo tubisanga mu gice ca 1 c’Amayagwa y’inyongera (Ivyo twemera). Kubera yuko igice ca 2 (Kubaho rukirisu) gica irya n’ino ibintu vy’inkoramutima vyerekeye ubuzima bw’umuntu, umukurambere ni we akwiye kugisuzumira hamwe n’uwipfuza kubatizwa.

11 Inama y’abakurambere yoshobora gusanga ari ngirakamaro guhindurira abakozi b’ishengero ibikorwa bimwebimwe uko haciye igihe, nimba hari imvo yumvikana yo kubigira. Ariko rero, biravamwo ivyiza vyinshi kureka abavukanyi bakamara igihe bakora ibikorwa bashinzwe kugira babimenyere bongere babe abahanga muri vyo.

12 Bivanye n’ingene ibintu vyifashe, hoshobora kubaho ibindi bikorwa vyozezwa abakozi b’ishengero ‘biboneka’ ko bariko baratera imbere. (1 Tim. 4:15) Igihe ata bakurambere bakwiye bahari, umukozi w’ishengero yoshobora kuba umufasha w’umucungezi w’umugwi, canke mu bihe bimwebimwe akaba umukozi w’umugwi, ariko agakora yisunga cane ubuyobozi bw’abakurambere. Abakozi b’ishengero barashobora guhabwa ibiganiro bimwebimwe mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, harimwo kuyobora Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero igihe bikenewe. Boshobora no gushikiriza insiguro ya bose. Hariho ibindi bikorwa abakozi b’ishengero bashobora guhabwa igihe hari inkenero idasanzwe kandi bakaba bakwije ibisabwa. (1 Pet. 4:10) Abakozi b’ishengero bakwiye kwitanga babikunze mu gufasha abakurambere.

13 Naho igikorwa cabo gitandukanye n’ic’abakurambere, na co nyene kiri mu bigize umurimo mweranda turangurira Imana kandi kirakenewe kugira ishengero rikore neza. Haciye igihe, abakozi b’ishengero bitwararika neza ivyo bajejwe kandi bakwije ibisabwa vyo kuba abungere n’abigisha, boshobora kuratwa ngo babe abakurambere.

14 Nimba uri umuvukanyi w’umuyabaga canke ukaba ubatijwe vuba, woba uriko urarondera gukwiza ibisabwa kugira ube umukozi w’ishengero? (1 Tim. 3:1) Kubera hari abantu benshi baza mu kuri buri mwaka, harakenewe abagabo bakomeye mu vy’impwemu kandi bakwije ibisabwa kugira bitwararike ibikorwa vyo mw’ishengero. Woshobora kurondera gukwiza ibisabwa mu gutsimbataza icipfuzo co gufasha abandi. Uburyo bumwe wobigira ni ukuzirikana ku karorero keza Yezu yadusigiye. (Mat. 20:28; Yoh. 4:6, 7; 13:4, 5) Icipfuzo cawe kizokomera niwibonera ingene gutanga bivamwo umunezero. (Ivyak. 20:35) Ku bw’ivyo, niwitange ufashe abandi, ufashe mu kubungabunga Ingoro y’Ubwami canke mu gushikiriza ikiganiro c’abanyeshure mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu igihe uwari kugishikiriza atabonetse. Kurondera gushikira amabanga kandi bisaba gutsimbataza kamere z’ivy’impwemu mu kugira akamenyero keza ko kwiyigisha. (Zab. 1:1, 2; Gal. 5:22, 23) Vyongeye, umuvukanyi ariko ararondera gushikira amabanga arerekana ko ari umwizigirwa igihe ashinzwe ibikorwa mw’ishengero.​—1 Kor. 4:2.

15 Abakozi b’ishengero bagenwa n’impwemu nyeranda ku neza y’ishengero. Abagize ishengero bose barashobora kwerekana ko bakenguruka igikorwa abakozi b’ishengero bakora mu gusenyera ku mugozi umwe na bo igihe barangura amabanga bajejwe. Muri ubwo buryo, baba berekanye ko bakenguruka indinganizo Yehova yashizeho kugira mu nzu yiwe hagume urutonde.​—Gal. 6:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika