IKIGABANE CA 11
Ibibanza dusengeramwo
ABASAVYI ba Yehova b’ukuri basabwa gukoranira hamwe kugira bigishwe bongere baremeshanye. (Heb. 10:23-25) Ikibanza ca mbere ihanga rya Isirayeli ryasengeramwo cari “itaberenakulo y’ihema ry’ihuriro.” (Kuv. 39:32, 40) Mu nyuma, Salomo umuhungu wa Dawidi yarubatse inzu, ari rwo rusengero, kugira Imana ininahazwe. (1 Abm. 9:3) Urwo rusengero rumaze gusenyurwa mu 607 imbere ya Kristu, Abayuda baciye batangura gusengera mu nyubakwa zitwa amasinagogi. Haciye igihe, urwo rusengero rwarasubiye kwubakwa, ruca rwongera kuba intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Yezu yarigishiriza mu masinagogi no mu rusengero. (Luka 4:16; Yoh. 18:20) Yezu mbere yaragirishije ikoraniro ku musozi.—Mat. 5:1–7:29.
2 Yezu amaze gupfa, abakirisu barakoranira mu bibanza vya bose no mu mihana kugira bigishe Ivyanditswe bongere bifatanye n’abo basangiye ukwemera. (Ivyak. 19:8, 9; Rom. 16:3, 5; Kol. 4:15; Flm. 2) Rimwe na rimwe, vyaraba ngombwa ko abakirisu bo mu ntango basenga binyegeje kugira bikinge ababarwanya. Emwe, abasavyi b’Imana ba kera barakunda gukoranira mu bibanza vyo gusengeramwo kugira ‘bigishwe na Yehova.’—Yes. 54:13.
3 No muri iki gihe, abakirisu baragirira amakoraniro mu bibanza vya bose no mu mihana. Akenshi amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro abera mu mihana y’abantu. Abatanga amazu yabo ngo aberemwo ayo makoraniro babona ko ari agateka. Benshi barahungukiye mu vy’impwemu kubera batanze amazu yabo ngo akoreshwe muri ubwo buryo.
INGORO Y’UBWAMI
4 Ikibanza nyamukuru Ivyabona vya Yehova bagiriramwo amakoraniro ni Ingoro y’Ubwami. Mu bisanzwe, baragura ikibanza hanyuma bakubaka Ingoro y’Ubwami nshasha canke bagasanura inyubakwa yari ihasanzwe. Kugira ngo Ingoro y’Ubwami ikoreshwe mu buryo bushitse kandi ntidusesagure, amashengero nk’angahe arashobora gusangira Ingoro y’Ubwami igihe bishoboka. Mu turere tumwetumwe, biraba ngombwa ko dukota inyubakwa. Igihe hubatswe Ingoro y’Ubwami nshasha canke igihe hari ibintu bikomeye vyasubiwemwo ku ngoro yari ihasanzwe, birabereye ko haba programa yo kuyegurira Yehova. Ariko rero, igihe ari ibintu bitobito gusa vyasubiwemwo, ntibiba bikenewe ko iyo programa igirwa.
5 Ingoro y’Ubwami ntikwiye kuba inyubakwa ihanitse igenewe gutangaza abantu. Naho imigero yoshobora gutandukana bivanye n’akarere, Ingoro y’Ubwami ikwiye kwama ishitsa intumbero yayo. (Ivyak. 17:24) Bivanye n’akarere irimwo, ikwiye kuba ari ikibanza ciza kandi kibereye kugirirwamwo amakoraniro ya gikirisu.
6 Amahera akenerwa kugira Ingoro y’Ubwami ikore neza yongere ibungabungwe, atangwa n’amashengero akoresha iyo ngoro. Nta mperezwa zisabwa kandi nta mahera atozwa. Harashirwaho agasandugu k’intererano kugira ngo abitaba amakoraniro batange intererano zifasha kuriha ibintu bitandukanye bikenerwa ku ngoro. Izo ntererano bazitanga batagoberewe, bivuye ku mutima.—2 Kor. 9:7.
7 Abagize ishengero bose babona ko ari agateka gutanga intererano zishigikira Ingoro y’Ubwami no kwitanga kugira bayisukure bongere bayibungabunge. Akenshi harashingwa umukurambere canke umukozi w’ishengero yitwararika ico gikorwa. Mu bisanzwe, imigwi yo gusohoka mu ndimiro ni yo isukura Ingoro y’Ubwami ihagarikiwe n’umucungezi w’umugwi canke umufasha wiwe. Ingoro y’Ubwami ikwiye gutera iteka Yehova n’ishirahamwe ryiwe, haba imbere canke hanze.
Abagize ishengero bose babona ko ari agateka gutanga intererano zishigikira Ingoro y’Ubwami no kwitanga kugira bayisukure bongere bayibungabunge
8 Igihe amashengero menshi asangiye ingoro, abakurambere b’ayo mashengero barashiraho Komite ijejwe Ingoro y’Ubwami, ikaba ari yo yitwararika ibijanye n’iyo nyubakwa be n’ikibanza yubatsemwo. Inama z’abakurambere ziracagura umuvukanyi yoba umuhuzabikorwa w’iyo komite. Iyo komite irahagarikira ibijanye n’isuku ry’ingoro, ikiyemeza ko ifashwe neza be n’uko hari ibikoresho bikwiye, ivyo vyose ikabikora yisunze ubuyobozi bw’inama z’abakurambere. Ivyo bisaba ko amashengero akoresha iyo ngoro asenyera ku mugozi umwe.
9 Igihe amashengero menshi asangiye Ingoro y’Ubwami, vyoshobora gusaba ko baza barahindagura amasaha y’amakoraniro. Abakurambere baratunganya urwo rutonde babigiranye urukundo n’ukwitwararika abandi. (Flp. 2:2-4; 1 Pet. 3:8) Nta shengero na rimwe rikwiye kwiha uburenganzira bwo gufata ingingo mu kibanza c’ayandi mashengero. Igihe umucungezi w’umuzunguruko yagendeye rimwe mu mashengero asangiye ingoro, ayandi mashengero arahindura amasaha y’amakoraniro muri iyo ndwi igihe bikenewe.
10 Komite y’umurimo y’ishengero ivyemeye, Ingoro y’Ubwami yoshobora gukoreshwa ku bw’insiguro y’ubugeni canke y’amaziko. Abakurambere bagize iyo komite bararimbura bitonze ivyo bene gusaba ingoro basavye, maze bagafata ingingo bisunze ubuyobozi butangwa n’ibiro vy’ishami.
11 Abemererwa gukoresha Ingoro y’Ubwami muri ubwo buryo vyitezwe ko bagira inyifato ibereye abakirisu b’ukuri. Nta kintu na kimwe gikwiye gukorerwa ku Ngoro y’Ubwami cohava gitsitaza abagize ishengero canke ngo gisige iceyi Yehova n’ishengero ryiwe. (Flp. 2:14, 15) Bisabwe n’ibiro vy’ishami, Ingoro y’Ubwami yoshobora gukoreshwa ku bw’ibindi bikorwa vya gitewokrasi, nk’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami canke Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi.
12 Abagize ishengero bakwiye kwama bafatana icubahiro ikibanza bagiriramwo amakoraniro. Ukuntu bambara, ukuntu bitunganya hamwe n’inyifato yabo bikwiye kugaragaza urupfasoni rubereye abantu basenga Yehova. (Umus. 5:1; 1 Tim. 2:9, 10) Iyo dukurikije izo mpanuro, tuba twerekanye ko duha agaciro amakoraniro yacu.
13 Birahambaye ko haguma urutonde mu gihe c’amakoraniro. Abana bakwiye kwicarana n’abavyeyi babo. Abavyeyi bafise abana batoyi bakwiye gusabwa kwicara ahantu batosamaza abandi cane igihe bibaye ngombwa ko batwara abana hanze kubakosora canke kubitwararika mu bundi buryo.
14 Abavukanyi bakwije ibisabwa barashingwa igikorwa co kwakira abantu ku Ngoro y’Ubwami. Ni abantu baguma barikanuye, bafatana abandi umutima mwiza kandi babona ikibereye. Mu vyo bajejwe harimwo kuramutsa abashasha no gutuma bumva bisanze, gufasha abacerewe kuronka aho bicara, guharura abitavye amakoraniro no kwitwararika kuregera ivyuma bitanga akayaga mu ngoro. Igihe bikenewe, abajejwe kwakira abantu baributsa abavyeyi kwitwararika abana babo kugira ntibagume birukanga mu ngoro imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo canke ngo baje gukinira ku mukiruruko. Abigiranye ubugenge n’umutima mwiza, uwujejwe kwakira abantu yoshobora gusaba umuvyeyi afise umwana akubagana ngo amujane hanze kugira ntasamaze abandi. Igikorwa c’abajejwe kwakira abantu kiratuma twese twungukira cane ku makoraniro. Biraba vyiza igihe abakurambere n’abakozi b’ishengero ari bo bakoreshejwe muri ico gikorwa.
UBWUBATSI BW’INGORO Z’UBWAMI
15 Mu kinjana ca mbere, abakirisu bamwebamwe bari bifise gusumba abandi. Ku bw’ivyo, intumwa Paulo yanditse ati: “Biciye ku kunganya, umusesekara wanyu ubu [wuzurize] ugukehanirwa kwabo, kugira ngo umusesekara wabo na wo uze kwuzuriza ugukehanirwa kwanyu, kugira habe ukunganya.” (2 Kor. 8:14) Ingingo ngenderwako y’“ukunganya” irakora no muri iki gihe. Amahera y’intererano atangwa n’amashengero yo kw’isi yose aregeranywa maze agashigikira igikorwa co kwubaka no gusanura Ingoro z’Ubwami. Ishirahamwe ryacu hamwe n’amashengero yungukira kuri izo ntererano birakenguruka cane ukuntu abavukanyi bo hirya no hino kw’isi batanga batitangiriye itama.
16 Ibiro vy’ishami birashinga amashengero azokwikoraniriza mu Ngoro y’Ubwami kanaka biravye ingene ibintu vyifashe muri ako karere. Vyongeye, ibiro vy’ishami ni vyo vyemeza ko hakenewe Ingoro y’Ubwami mu karere k’ishami n’igihe co kuyubaka. Ni vyo kandi vyemeza ko hosanurwa izisanzwe zihari be n’igihe vyogirwa. Igihe hateye ivyago vy’ivyaduka, hararinganizwa ivyo gusanura Ingoro z’Ubwami ziba zononekaye, kandi rimwe na rimwe harasanurwa n’amazu y’abavukanyi.
17 Ibiro vy’ishami ni vyo bihagarikira igikorwa c’abavukanyi bafasha mu bijanye no kurondera ikibanza co kwubakamwo, gutunganya imigero, kurondera impusha zo kwubaka, kwubaka no kubungabunga inyubakwa. Harakenewe abitanga benshi kubera ko ibihugu vyinshi bikeneye cane Ingoro z’Ubwami. Abamamaji bose babatijwe bakwije ibisabwa kandi bipfuza gufasha muri ico gikorwa baremeshwa kwuzuza urukaratasi rwo kubisaba maze bakaruha abagize Komite y’umurimo y’ishengero. Mbere n’abamamaji batarabatizwa barashobora gufasha kwubaka canke gusanura Ingoro y’Ubwami yabo.
INGORO Z’AMATERANIRO
18 Muri rusangi, abakirisu bo mu ntango bagirira amakoraniro mu migwi mitomito. Ariko rero, vyarashika “isinzi ritari rito” rigakoranira hamwe. (Ivyak. 11:26) No muri iki gihe, abasavyi ba Yehova barahurira hamwe ari benshi ku materaniro y’umuzunguruko n’amahwaniro y’akarere. Akenshi barakota inyubakwa bagiriramwo ayo materaniro, ariko aho izo nyubakwa zitaboneka canke izihari zikaba zitabereye, barashobora kugura canke kwubaka ikibanza co gusengeramwo citwa Ingoro y’amateraniro.
19 Rimwe na rimwe, baragura inyubakwa ihasanzwe, bakayisubiramwo hanyuma ikaba Ingoro y’amateraniro. Ariko kenshi, baragura ikibanza maze bakubaka ingoro nshasha. Ingoro z’amateraniro usanga zitanganya ubunini bivanye n’ibikenewe mu karere zirimwo. Kugira ibiro vy’ishami bifate ingingo yo kwubaka Ingoro y’amateraniro, bibanza gusuzuma vyitonze amahera izotwara hamwe n’incuro izokoreshwa.
20 Ibiro vy’ishami biragena abavukanyi bajejwe kubungabunga Ingoro y’amateraniro no gukurikirana ingene ikoreshwa. Imizunguruko iragira isuku igihe cose iteraniro riheze, ikagira n’isuku ryama riba uko haciye amezi atandatu hamwe n’ibikorwa bijanye no gukingira iyo ngoro. Biraba vyiza habonetse abavukanyi bitanga kugira bakore ivyo bikorwa. Ku bw’ivyo, amashengero aremeshwa gushigikira ivyo bikorwa n’umutima ukunze.—Zab. 110:3; Mal. 1:10.
21 Rimwe na rimwe, Ingoro y’amateraniro yoshobora gukoreshwa mu bindi bikorwa vya gitewokrasi, nk’amashure y’ivya Bibiliya n’amanama adasanzwe y’abacungezi b’imizunguruko. Cokimwe n’Ingoro y’Ubwami, Ingoro y’amateraniro ni ikibanza co gusengeramwo ceguriwe Imana. Igihe dukoraniye mu Ngoro y’amateraniro, inyifato yacu, ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya bikwiye kuba biteye iteka nka kurya nyene bigenda igihe turi ku makoraniro abera ku Ngoro y’Ubwami.
22 Hari abantu benshi bariko baraza mw’ishirahamwe ry’Imana muri iki gice ca nyuma c’imisi y’iherezo. Ivyo birerekana ko Yehova ariko araduhezagira. (Yes. 60:8, 10, 11, 22) Ku bw’ivyo, turakwiye gushigikira indinganizo zijanye no kuronka ibibanza vyo gusengeramwo no kubibungabunga kugira ngo bigume bisukuye kandi bimeze neza. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dukenguruka uruhara izo nyubakwa zirangura mu kudufasha kuguma turemeshanya, uko tubona wa musi wa Yehova wegereza.