ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ypq ikibazo 7 rup. 21-23
  • Nokora iki hari uwunsavye ngo turyamane?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki hari uwunsavye ngo turyamane?
  • Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Ivyo bijanye
  • Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?
    Be maso!—2010
  • Nosigura gute ivyo nemera ku bijanye n’ivy’igitsina
    Urwaruka ruribaza
  • Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
ypq ikibazo 7 rup. 21-23
Umukobwa ariko ariyama umuhungu ariko aramugora

IKIBAZO CA 7

Nokora iki hari uwunsavye ngo turyamane?

IGITUMA BIHAMBAYE

Ingingo ufata kuri ico kibazo iragira ingaruka zikomeye kuri kazoza kawe.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Sandra amaze amezi abiri gusa azinanye na Mike, ariko yumva umengo bamenyanye kuva kera. Bama bandikiranira amamesaje, bakamara amasaha baganira kuri telefone, kandi iyo bariko barayaga, umwe ataraheza n’iryungane mugenziwe aba yabonye ico ashaka kuvuga! Ariko rero ubu Mike agomba ko bakora n’ibindi uretse kuganira gusa.

Mu mezi abiri aheze, bagarukiriza ku gufatana amaboko no gusomana bisanzwe. Sandra ntashaka ko bashika kure, ariko kandi ntashaka ko Mike amuheba. Iyo bari kumwe yumva agatima keze. Yibwira ati: ‘Ko dukundana . . . ’

Iyaba wari Sandra kandi ukaba ugeze kwubaka urwawe, wari gukora iki?

BANZA UZIRIKANE!

Impuzu bagize igihanaguzo

Uguhuza ibitsina ni ingabire Imana yageneye abubakanye gusa. Abahuza ibitsina batarubaka baba bononye iyo ngabire. Ni nko gufata impuzu nziza bakugabiye ukayigira igihanaguzo

Hamwe wokwurira ku giti ugaca usimba urondera kuguruka nk’inyoni, ntiwobura kwibonerako. Ukwo nyene ni ko vyogenda wirengagije iri tegeko rigira riti: ‘Mwirinde ubusambanyi.’​—1 Abatesalonika 4:3.

Kwirengagiza iryo tegeko bifise ingaruka izihe? Bibiliya ivuga iti: “Uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.” (1 Abakorinto 6:18) Uti gute?

Abahinga basanze abakiri bato benshi bisutse mu busambanyi bashikirwa n’imiburiburi n’imwe muri izi ngaruka:

  • UKWIYAGIRIZA. Benshi mu bakiri bato bisutse mu vyo guhuza ibitsina batarubaka izabo bavuga yuko mu nyuma bicujije.

  • UKUTIZIGIRANA. Iyo abantu bamaze guhuza ibitsina, umwe wese aca atangura kwibaza ati: ‘Ubwo nta wundi bamaze kuryamana?’

  • KUVUNIKA UMUTIMA. Imbere muri bo, abakobwa benshi boshima umuhungu abakingira, atari uwubungukirako. Vyongeye, abahungu benshi biyumvamwo buhoro umukobwa aba yaremeye ko basambana.

  • Iciyumviro nyamukuru: Wisutse mu busambanyi uba witesheje agaciro. (Abaroma 1:24) Umubiri wawe uri n’agaciro kanini ku buryo utoza urawuha abahita bose!

Niwerekane yuko ugamburuka ushikamye itegeko risaba ‘kwirinda ubusambanyi.’ (1 Abatesalonika 4:3) Umusi uri izina niwubaka urwawe uzoshobora guhuza ibitsina n’uwo mwubakanye. Kandi uzoshobora kubiryohererwa bimwe vyuzuye udahagarika umutima, uticuza kandi udashikirwa n’izindi nkurikizi zikunda gushikira abahuza ibitsina batarubaka izabo.​—Imigani 7:22, 23; 1 Abakorinto 7:3.

UVYIBAZAKO IKI?

  • Umuntu agukunda vy’ukuri yoba yorondera kukugirira nabi ku mubiri no mu mutima?

  • Umuntu akwitwararika vy’ukuri yoba yogerageza gushira mu kaga ubucuti ufitaniye n’Imana?​—Abaheburayo 13:4.

KU BAKOBWA

Umukobwa yicaye ariko ariyumvira

Abahungu benshi bavuze ko batopfa bubakanye n’umukobwa bigeze kuryamana. Uti kubera iki? Kubera yuko boshima kwubakana n’umukobwa ataja mu buhumbu!

Ivyo vyoba bigutangaje canke mbere bigushavuje? Niwibuke iki kintu: Amasinema n’ibiganiro vyo kuri televiziyo birahayagiza uguhuza ibitsina kw’imiyabaga, bigatuma kuboneka nk’ukwinezereza ata co gutwaye, nk’aho womengo ni rwo rukundo nyakuri.

Ntuhendwe ubona! Abagerageza kukuryosharyosha ngo muryamane baba bironderera inyungu zabo gusa.​—1 Abakorinto 13:4, 5.

KU BAHUNGU

Umuhungu yicaye ariko ariyumvira

Nimba hari umukobwa ureheje, niwibaze uti: ‘Noba ndamwitaho vy’ukuri?’ Nimba umwitaho, wovyerekana gute? Mu kugira umutima ukunze wo kwumira ku mategeko y’Imana, ubwenge bwo kwirinda ibintu vyobata mu kaga, n’urukundo rutuma ushira imbere inyungu ziwe.

Niwabigenza gutyo, uwo mukobwa azokwumva amerewe nka wa Mushulamukazi w’ingeso nziza yavuze ati: “Umukunzi wanje ni uwanje, nanje nkaba uwiwe.” (Indirimbo ya Salomo 2:16) Muri make, azorushiriza kugukunda!

IMPANURO

Hagize uwukuryosharyosha ngo muryamane, akakubwira ati: “Iyaba unkunda wari kwemera,” nuce umwishura utarya umunwa uti: “Iyaba unkunda ntiwari kunsaba ico kintu!”

Ku bijanye n’ingene wokwifata uri kumwe n’abo mudasangiye igitsina, ng’iyi ingingo wokwisunga: Nimba ari ikintu utoshima ko abavyeyi bawe bakubona uriko urakora, ntugikore.

ICO NTEGEKANYA GUKORA

  • Wokora iki hagize uwugusaba ngo muryamane?

  • Ni nka ryari vyokugora kumuhakanira?

  • Ivyo wovyirinda gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika