ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 3 rup. 14-rup. 15 ing. 3
  • Adamu na Eva bagambararira Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Adamu na Eva bagambararira Imana
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Birukanywe
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Hariho abandi baturengeye
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Baratanguye Kugorwa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 3 rup. 14-rup. 15 ing. 3
Adamu na Eva bavuye mw’itongo rya Edeni

ICIGWA CA 3

Adamu na Eva bagambararira Imana

Adamu afise ca camwa Imana yababuza kurya

Umusi umwe Eva ari wenyene, inzoka yaravuganye na we. Yamubajije iti: ‘Ni ivy’ukuri ko Imana yababujije kurya kuri ibi biti vyose?’ Eva yishuye ati: ‘Turashobora kurya ku biti vyose, kiretse kimwe gusa. Tukiriyeko twoca dupfa.’ Nya nzoka yaciye imubwira iti: ‘Ntimuzopfa. Ahubwo mukiriyeko mwoca mumera nk’Imana.’ None ivyo vyari vyo? Oya, yariko iramuhenda. Ariko Eva yaravyemeye. Eva yagumye araba ico camwa, bituma acipfuza. Yahavuye akirya, arahako na Adamu. Naho Adamu yari azi ko bagambarariye Imana bazoca bapfa, yarariye kuri ico camwa.

Adamu na Eva bavuye mw’itongo rya Edeni, abamarayika basigaye bacunze ubwinjiriro bwaryo, hariho n’inkota yaka umuriro

Ku mugoroba, Yehova yaravuganye na Adamu na Eva. Yarababajije igituma bamugambarariye. Eva yavyagirije inzoka, Adamu na we avyagiriza Eva. Kubera ko Adamu na Eva bagambaraye, Yehova yaciye abirukana muri Edeni. Kugira ntibasubireyo, yaciye ashira abamarayika n’inkota yaka umuriro ku bwinjiriro bwa Edeni.

Yehova yavuze ko uwahenze Eva na we nyene yari guhanwa. Mu bisanzwe, si inzoka nya nzoka yavuganye na Eva. Igihe Yehova yarema inzoka ntiyazihaye ubushobozi bwo kuvuga. Umumarayika mubi ni we yatumye iyo nzoka ivuga. Yabigize kugira ahende Eva. Uwo mumarayika yitwa Shetani. Muri kazoza Yehova azokuraho Shetani kugira ntabandanye guhenda abantu.

«Shetani . . . yari umwicanyi kuva mu ntango, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we.»​—Yohani 8:44

Ibibazo: Kubera iki Eva yariye icamwa Imana yamubujije? Ni ibiki vyashikiye Adamu na Eva igihe bagambararira Yehova? Shetani ni nde?

Itanguriro 3:1-24; Yohani 8:44; 1 Yohani 3:8; Ivyahishuwe 12:9

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika