ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 7 rup. 24-rup. 25 ing. 1
  • Umunara w’i Babeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umunara w’i Babeli
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Abantu Bubaka Umunara
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Indimi tuvuga zoba zakomotse kuri wa Munara w’i Babeli?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ubwato bwa Nowa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 7 rup. 24-rup. 25 ing. 1
Yehova amaze kuvurunganya indimi zabo, ntibasubiye gusenyera ku mugozi umwe mu kwubaka umunara w’i Babeli

ICIGWA CA 7

Umunara w’i Babeli

Inyuma y’umwuzure, abahungu ba Nowa baravyaye abana benshi. Abantu barongerekanye, batangura gukwiragira kw’isi, nk’uko Yehova yari yarababwiye.

Ariko bamwe muri bo ntibagamburukiye Yehova. Bavuze bati: ‘Reka twubake igisagara, duce twigumira hano. Tuzokwubaka umunara muremure ushika kw’ijuru, duce tumenyekana.’

Yehova ntiyashimye ivyo abo bantu bariko barakora. Ni co gituma yaciye abahagarika. Urazi ingene yabigenjeje? Yaciye atuma batangura kuvuga indimi zitandukanye. Kubera ko batari bagishobora kwumvikana, baciye bahagarika kwubaka. Ico gisagara bariko barubaka caciye citwa Babeli, bikaba bisobanura «umuvurungano.» Abo bantu baciye bimuka baja kuba hirya no hino kw’isi. Ariko bagumye bakora ibintu bibi n’iyo bari bimukiye. None hari abantu bakunda Yehova bari bagisigaye? Turabibona mu kigabane gikurikira.

«Uwishira hejuru wese azoteterezwa, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.»​—Luka 18:14

Ibibazo: Ni igiki abantu b’i Babeli bakoze? Yehova yabahagaritse gute?

Itanguriro 11:1-9

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika