ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 8 rup. 26-rup. 27 ing. 1
  • Aburahamu na Sara baragamburutse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aburahamu na Sara baragamburutse
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Aburahamu—Umukunzi w’Imana
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Aburahamu na Sara—Urashobora kwigana ukwizera kwabo!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 8 rup. 26-rup. 27 ing. 1
Aburahamu na Sara bariko baratekera bagira bave i Uri

ICIGWA CA 8

Aburahamu na Sara baragamburutse

Hafi y’i Babeli hari igisagara citwa Uri. Abantu baho basenga imana nyinshi. Ariko hariho umuntu yasenga Yehova gusa. Uwo muntu yitwa Aburahamu.

Yehova yabwiye Aburahamu ati: ‘Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe, uje mu gihugu nzokwereka.’ Imana yaciye imusezeranira iti: ‘Uzovamwo ihanga rinini, kandi nzokorera ivyiza abantu benshi bo kw’isi kubera wewe.’

Aburahamu ntiyari azi iyo Yehova amurungitse, ariko yarizigiye Yehova. Aburahamu, umugore wiwe Sara, se wiwe Tera na Loti umuhungu wa mwenewabo, baratekeye ibintu vyabo baragenda, nk’uko Yehova yari yabibategetse.

Aburahamu yari afise imyaka 75 igihe we n’umuryango wiwe bashika mu gihugu Yehova yashaka kubereka. Ico gihugu citwa Kanani. Aho i Kanini Imana yaravuganye na Aburahamu, imusezeranira iti: ‘Iki gihugu cose ubona, nzogiha abana bawe.’ Ariko Aburahamu na Sara bari bashaje kandi nta mwana bari bafise. None Yehova yari gushitsa gute iryo sezerano?

Aburahamu n’umuryango wiwe bari ku rugendo baja mu gihugu ca Kanani

‘Kubera ukwizera, Aburahamu yaragamburutse aragenda, aja ahantu yari guhabwa nk’intoranwa. Yaragiye naho atari azi iyo yariko araja.’​—Abaheburayo 11:8

Ibibazo: Yehova yasavye Aburahamu gukora iki? Yehova yasezeraniye iki Aburahamu?

Itanguriro 11:29–12:9; Ivyakozwe 7:2-4; Abagalatiya 3:6; Abaheburayo 11:8

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika