ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 14 rup. 40-rup. 41 ing. 1
  • Yozefu yaragamburukiye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yozefu yaragamburukiye Imana
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yozefu Yankwa na Benese
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yehova ariko aragufasha kuroranirwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yozefu Atabwa mw Ibohero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 14 rup. 40-rup. 41 ing. 1
Yozefu ariko arahunga muka Potifari

ICIGWA CA 14

Yozefu yaragamburukiye Imana

Yozefu yavutse Yakobo amaze gusaza. Bakuru biwe barabonye ko se wabo yamukunda cane. None wibaza ko ivyo vyabanezereye? Oya, baciye bamwanka. Igihe kimwe Yozefu yararose ibintu bidasanzwe, aca arabibwira benewabo. Bibajije ko bisobanura yuko umusi umwe bazomwunamira, baca bararushiriza kumwanka.

Benewabo na Yozefu bagira bamute mu cobo

Igihe kimwe, benewabo na Yozefu bari baragiye intama hafi y’igisagara ca Shekemu. Yakobo yararungitse Yozefu ngo aje kuraba uko bamerewe. Babonye Yozefu akiri kure, baciye babwirana bati: ‘Wa muntu akunda kurota ng’uriya araje. Nimuze tumwice!’ Baciye bamufata bamuterera mu kinogo kirekire. Ariko Yuda, umwe muri benewabo, yababwiye ati: ‘Ntitumwice! Ahubwo reka tumugurishe aje kuba umushumba.’ Baciye bamugurisha ibiceri 20 vy’ifeza ku badandaza b’Abamidiyani bariko baja mu Misiri.

Benewabo na Yozefu baciye bafata impuzu yiwe bayijobeka mu maraso y’impene, baca bayirungikira se wabo, bamubwira bati: ‘Ubwo iyi mpuzu si iya Yozefu?’ Yakobo yaciye yibaza ko igikoko camuriye. Yarababaye cane. Nta n’umwe yashoboye kumuhoza.

Yozefu ari mu gasho

Ba Bamidiyani bashitse mu Misiri, baciye bagurisha Yozefu ku mutegetsi ahambaye yitwa Potifari. Ariko Yehova yari kumwe na Yozefu. Potifari yarabonye ko Yozefu akora neza ibikorwa, aca aramwizigira. Bidatevye, Potifari yaciye amushinga ivyo mu rugo rwiwe vyose.

Umugore wa Potifari yarabonye ko Yozefu yari mwiza kandi ko yari akomeye. Imisi yose yama amusaba ngo baryamane. None Yozefu yaca akora iki? Yariyankira, akamubwira ati: ‘Oya! Ivyo ni bibi. Databuja aranyizigira, kandi wewe uri umugore wiwe. Hamwe noryamana na wewe, noba ncumuye ku Mana!’

Umusi umwe, umugore wa Potifari yaragerageje guhata Yozefu ngo baryamane. Yaramukweze impuzu, ariko Yozefu aca ariruka. Potifari atashe, uwo mugore yaciye amubwira ko Yozefu yashatse kumufata ku nguvu. Ariko yariko aramubeshera. Potifari yarashavuye cane, aca arapfungisha Yozefu. Ariko Yehova ntiyibagiye Yozefu.

«Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’Imana gukomeye, kugira ibashire hejuru igihe kigeze.»​—1 Petero 5:6

Ibibazo: Ni ibiki benewabo na Yozefu bamugiriye? Kubera iki Yozefu yapfunzwe?

Itanguriro 37:1-36; 39:1-23; Ivyakozwe 7:9

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika