ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 46 rup. 112-rup. 113 ing. 1
  • Ku musozi Karumeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ku musozi Karumeli
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yagumye agavye yongera ararindira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Wewe Uzoba Umwizerwa nka Eliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 46 rup. 112-rup. 113 ing. 1
Umuriro uvuye kuri Yehova uturiye ikimazi ca Eliya

ICIGWA CA 46

Ku musozi Karumeli

Ubwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi bwagiye buratwarwa n’abami babi, ariko Ahabu we yari muri babi gusumba abandi bose. Yari afise umugore w’inkozi y’ikibi yasenga Bayali. Uwo mugore yitwa Yezebeli. Ahabu na Yezebeli barishe abahanuzi ba Yehova bongera baratuma abantu benshi basenga Bayali. None Yehova yaciye akora iki? Yararungikiye ubutumwa Ahabu biciye ku muhanuzi Eliya.

Eliya yabwiye umwami Ahabu ko ata mvura yosubiye kugwa muri Isirayeli kubera ubukozi bw’ikibi bwiwe. Abanyagihugu baramaze imyaka irenga itatu batarima, bituma bicwa n’inzara. Mu nyuma Yehova yarasubiye gutuma Eliya kwa Ahabu. Ahabu yamubwiye ati: ‘Ibi vyose ni we wabiteye!’ Eliya yamwishuye ati: ‘Si je natumye imvura itagwa. Ni we wabitumye kubera usenga Bayali. Reka tugire iki kintu: Nukoranirize ku musozi Karumeli abantu bose be n’abahanuzi ba Bayali.’

Abantu barakoraniye kuri uwo musozi. Eliya yababwiye ati: ‘Nimwerekane uwo mushigikiye. Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, ni abe ari we musenga. Nimba ari Bayali na ho, ni abe ari yo musenga. Tugire iki kintu: Abahanuzi 450 ba Bayali nibategure ikimazi maze bahamagare imana yabo, nanje ndategura ikimazi maze mpamagare Yehova. Imana iza kurungika umuriro izoba ari yo Mana y’ukuri.’ Abantu baravyemeye.

Abahanuzi ba Bayali barateguye ikimazi. Bamaze umusi wose bahamagara imana yabo bati: ‘Ewe Bayali, twishure!’ Bayali ntiyigeze ibishura. Eliya yaciye atangura kwitwengera ati: ‘Semerera n’ijwi ryanyu ryose. Ngira irasinziriye, ikeneye umuntu ayikangura.’ Abahanuzi ba Bayali barasemereye burinda bwira. Ariko ntiyigeze ibishura.

Eliya yarashize ikimazi ciwe ku gicaniro maze aragisukako amazi. Yaciye asenga ati: ‘Ewe Yehova, niwereke aba bantu ko uri Imana y’ukuri.’ Ubwo nyene Yehova yaciye arungika umuriro uvuye mw’ijuru uraturira ca kimazi. Abantu baciye basemerera bati: ‘Yehova ni we Mana y’ukuri!’ Eliya yaciye avuga ati: ‘Nimwice abahanuzi ba Bayali bose!’ Kuri uwo musi, abahanuzi ba Bayali bose uko bari 450 barishwe.

Igihe Eliya yabona agacu gatoyi hejuru y’ikiyaga, yaciye abwira Ahabu ati: ‘Hagira hagwe imvura nyinshi. Urira umukogote wawe utahe.’ Ibicu vyaciye vyirabura, umuyaga urahuhuta, imvura nyinshi ica iratangura kugwa. Rwa ruzuba rwari rugiye rwarangira. Ahabu yaratwaye umukogote wiwe anyaruka cane. Ariko Eliya yarirutse arawusiga afashijwe na Yehova! None ingorane za Eliya zoba zari ziheze? Reka tubirabe.

«Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova, be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose!»​—Zaburi 83:18

Ibibazo: Ni ibiki vyabaye ku musozi Karumeli? Yehova yishuye gute isengesho rya Eliya?

1 Abami 16:29-33; 17:1; 18:1, 2, 17-46; Yakobo 5:16-18

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika