ICIGWA CA 48
Eliya azura umwana w’umupfakazi
Ca gihe imvura itagwa, Yehova yabwiye Eliya ati: ‘Nuje i Zarefati. Hariyo umupfakazi azoguha ivyo kurya.’ Eliya ageze kw’irembo ry’ico gisagara, yarabonye umupfakazi w’umukene yariko aratoragura udukwi. Yaciye amusaba amazi yo kunywa. Agiye kuyamuzanira, Eliya yaciye amubwira ati: ‘Uranzanira n’agapande k’umukate.’ Ariko uwo mupfakazi yamwishuye ati: ‘Nta mukate mfise. Mfise agafu n’utuvuta dukeyi tuza kurya n’umwana wanje.’ Eliya yamubwiye ati: ‘Yehova yavuze ko niwankorera umukate, ako gafu n’utwo tuvuta bitazohera gushika imvura yongeye kugwa.’
Uwo mupfakazi yaciye aja muhira, arategurira umukate uwo muhanuzi wa Yehova. Nk’uko nyene Yehova yari yabivuze, uwo mupfakazi n’umwana wiwe ntibigeze babura ivyo bafungura mu gihe cose imvura yamaze itagwa. Umubindi yashiramwo ifu n’agakarabo yashiramwo amavuta vyagumye vyuzuye.
Mu nyuma, hari ikintu kibabaje cabaye. Agahungu k’uwo mupfakazi kararwaye cane, hanyuma karapfa. Yaratakambiye Eliya ngo amufashe. Eliya yaciye yakira uwo mwana amujana mu cumba co hejuru c’inzu y’uwo mugore. Yaramuryamitse ku gitanda maze asenga ati: ‘Yehova, ndagusavye uyu mwana asubire kuba muzima.’ Ico kintu Eliya yasavye Yehova cari gitangaje, kuko gushika ico gihe ata muntu yari bwapfe ngo asubire kuba muzima. Kandi uwo mupfakazi n’umwana wiwe ntibari Abisirayeli.
Uwo mwana yarasubiye kuba muzima! Eliya yaciye abwira uwo mupfakazi ati: ‘Ehe umwana wawe ni muzima!’ Uwo mupfakazi yaranezerewe cane, aca abwira Eliya ati: ‘Uri umuntu w’Imana vy’ukuri kuko uvuga ivyo Yehova akubwiye gusa.’
«Itegereze ibikona: ntibibiba imbuto canke ngo vyimbure. Ntibigira ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira. None mwebwe ntimurusha agaciro inyoni kure n’iyo?»—Luka 12:24