ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 67 rup. 158-rup. 159 ing. 1
  • Uruzitiro rwa Yeruzalemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uruzitiro rwa Yeruzalemu
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Urugo rw’i Yeruzalemu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Nehemiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yarasanuye inzitiro
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • ‘Nugume utsindisha ikibi iciza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 67 rup. 158-rup. 159 ing. 1
Nehemiya ahagarikiye igikorwa co gusubira kwubaka uruzitiro rwa Yeruzalemu n’ico gushiraho abarinzi

ICIGWA CA 67

Uruzitiro rwa Yeruzalemu

Reka dusubire inyuma gatoyi. Nehemiya yari Umwisirayeli yaba i Shushani mu Buperesi, akaba yari umukozi w’umwami Aritazerusi. Mwenewabo na Nehemiya yaraje avuye mu Buyuda, aza amuzaniye inkuru mbi ati: ‘Abantu basubiye i Yeruzalemu nta mutekano bafise. Uruzitiro n’amarembo Abanyababiloni babomoye ntibirasubira kwubakwa.’ Ivyo vyarababaje Nehemiya, aca yumva yojayo kubafasha. Yarasenze asaba ko umwami yomwemerera kugenda.

Umusi umwe, umwami yarabonye ko Nehemiya atanezerewe. Yamubwiye ati: ‘Ni irya mbere ndakubonye ubabaye gutyo. Ni ibiki?’ Nehemiya yamwishuye ati: ‘Noreka kubabara kandi igisagara cacu ca Yeruzalemu carabomaguritse?’ Umwami yaciye amubaza ati: ‘None ushaka iki?’ Nehemiya yaciye asengera mu mutima hanyuma amubwira ati: ‘Nundeke nje i Yeruzalemu kwubaka uruzitiro rwaho.’ Aritazerusi yaramwemereye, aca aramuha n’abasoda bamukingira. Umwami kandi yaragize Nehemiya buramatari w’Ubuyuda, aramuha n’ibiti vyo kwubakisha amarembo y’igisagara.

Nehemiya ashitse i Yeruzalemu yarihweje ingene uruzitiro rwaho rumeze. Yaciye akoranya abaherezi n’abatware, ababwira ati: ‘Ni akamaramaza. Nimuze dusubire kwubaka uruzitiro.’ Abantu baravyemeye, baca baratangura kurwubaka.

Ariko bamwe mu bansi babo baciye batangura kubatwenga bati: ‘Uruhome muriko murubaka n’imbwebwe yorubomora.’ Abubatsi barinumiye baguma bubaka. Urwo ruhome rwaraduze kandi rurakomera.

Abo bansi baciye bagira umugambi wo kuza kubatera bazananye impande zose. Abayuda bavyumvise umutima warabavuyemwo. Ariko Nehemiya yababwiye ati: ‘Ntimutinye. Yehova azodufasha.’ Yaciye ashiraho abasoda kugira bakingire abubatsi, kandi abansi babo ntibashoboye kubatera.

Mu misi 52 gusa, uruzitiro n’amarembo y’igisagara vyari birangiye. Nehemiya yaciye atumako Abalewi bose kugira baze i Yeruzalemu ku musi mukuru kubera bari barangije kwubaka. Yabagabuyemwo imigwi ibiri y’abaririmvyi. Baruriye ku ruhome baciye ku ngazi zo kw’irembo ryo kw’isôko, maze barazunguruka ico gisagara baciye irya n’ino. Bagenda baravuza inzumbete n’inanga bongera baririmbira Yehova. Ezira yajanye n’umugwi umwe, Nehemiya ajana n’uwundi maze bahurira ku rusengero. Abantu bose: abagabo, abagore n’abana barashikaniye ibimazi Yehova bongera baranezerwa. Amajwi yabo yarumvikanye gushika kure kubera umunezero mwinshi.

«Nta kirwanisho cakozwe kugira bakurwanye kizororanirwa.»​—Yesaya 54:17

Ibibazo: Kubera iki Nehemiya yagiye i Yeruzalemu? Igikorwa co gusubira kwubaka uruzitiro camaze igihe kingana iki?

Nehemiya 1:1-11; 2:1-20; 4:1-23; 5:14; 6:1-19; 12:27-43

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika