ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 72 rup. 170-rup. 171 ing. 2
  • Yezu akiri muto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu akiri muto
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Akurira i Nazareti
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu yarize kugamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 72 rup. 170-rup. 171 ing. 2
Yezu afise imyaka 12 yicaye mu rusengero hagati y’abigisha

ICIGWA CA 72

Yezu akiri muto

Yozefu na Mariya baba i Nazareti hamwe na Yezu be n’abandi bana babo. Yozefu yakora akazi ko kubaza kugira aronke ibitunga umuryango, kandi yarigisha umuryango wiwe ivyerekeye Yehova n’amategeko yiwe. Bama baja kw’isinagogi gusenga, kandi buri mwaka baraja guhimbaza Pasika i Yeruzalemu.

Igihe Yezu yari afise imyaka 12, umuryango wabo waragize urugendo rurerure uja i Yeruzalemu nk’uko wama ubigira. Ico gisagara cari cuzuyemwo abantu baje guhimbaza Pasika. Pasika irangiye, Yozefu na Mariya barafashe urugendo barataha. Bibaza ko Yezu yari mu bantu bari bafadikanije urugendo, ariko baramurondeye mu ncuti zabo baramubura.

Baciye basubira i Yeruzalemu, bamara imisi itatu bamurondera. Baratevye barashika no ku rusengero. Aho ni ho basanze Yezu, yicaye hagati y’abigisha, abumviriza yitonze yongera ababaza ibibazo. Abo bigisha baratangaye cane ku buryo na bo nyene bamubaza ibibazo. Barumijwe n’inyishu yabaha. Bariboneye ko yatahura amategeko ya Yehova.

Yozefu na Mariya bari bahagaritse umutima cane. Mariya yamubwiye ati: ‘Mwana, urazi aho twakurondereye!’ Yezu yamwishuye ati: ‘Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi ng’aha mu nzu ya Dawe?’

Yezu yaciye atahana n’abavyeyi biwe i Nazareti. Yozefu yarigishije Yezu umwuga wo kubaza. Wiyumvira ko Yezu yari ameze gute akiri muto? Uko Yezu yagenda arakura ni ko yarushiriza kugira ubwenge no gukundwa n’Imana n’abantu.

Yozefu na Mariya bicaye mu nzu bari kumwe na Yezu hamwe na bamwebamwe mu bo bavukana na Yezu

«Ewe Mana yanje, gukora ivyo ugomba birampimbara, kandi itegeko ryawe riri muri jewe.»​—Zaburi 40:8

Ibibazo: Yozefu na Mariya basanze Yezu hehe? Yariko akora iki?

Matayo 13:55, 56; Mariko 6:3; Luka 2:40-52; 4:16; Gusubira mu vyagezwe 16:15, 16

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika