ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 77 rup. 182-rup. 183 ing. 2
  • Yezu n’Umusamariyakazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu n’Umusamariyakazi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yigisha Umusamariyakazi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Yigisha Umusamariyakazi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu n’Umugore kw Iriba
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Kuba “Umusamariya w’imbabazi” bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 77 rup. 182-rup. 183 ing. 2
Yezu ariko araganira n’Umusamariyakazi kw’iriba rya Yakobo

ICIGWA CA 77

Yezu n’Umusamariyakazi

Pasika irangiye, Yezu n’abigishwa biwe baraciye i Samariya bariko basubira i Galilaya. Bageze hafi y’igisagara citwa Sikara, Yezu yaciye aba araruhukira ahantu bavoma amazi hitwa kw’iriba rya Yakobo, abigishwa biwe na bo baja mu gisagara kugura ibifungurwa.

Umugore umwe yaraje kuvoma, Yezu aca amubwira ati: ‘Mpa amazi yo kunywa.’ Na we ati: ‘Kubera iki umvugisha kandi ndi Umusamariyakazi? Mwebwe Abayuda ntimuvugisha Abasamariya.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Iyaba wari unzi, wari kumbwira nkaguha amazi atanga ubuzima.’ Nya mugore yaciye amubaza ati: ‘Wompa amazi gute kandi ata n’indobo ufise?’ Yezu na we ati: ‘Uwunywa amazi ndamuhaye ntazosubira kunyoterwa.’ Uwo mugore yaciye avuga ati: ‘Mpa ayo mazi none!’

Yezu yaciye amubwira ati: ‘Genda uhamagare umugabo wawe.’ Na we ati: ‘Nta mugabo mfise.’ Yezu ati: ‘Ntubeshe. Umaze kuja ku bagabo batanu, kandi n’uwo mubana ubu si umugabo wawe.’ Nya mugore yaciye avuga ati: ‘Ndabona ko uri umuhanuzi. Twebwe twemera ko dukwiye gusengera kuri uwu musozi, ariko Abayuda bavuga ko dukwiye gusengera i Yeruzalemu gusa. Ndazi ko Mesiya niyaza azotwigisha uko dukwiye gusenga.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Ni jewe Mesiya.’ Ico kintu nta wundi yari bwakibwire.

Yezu ariko araganira n’Abasamariya

Nya mugore yaciye yiruka mu gisagara, abwira abantu ati: ‘Ndabonye umuntu nibaza ko ari Mesiya. Arazi ivyanje vyose. Ingo mumurabe!’ Baciye bamukurikira gushika kuri rya riba, Yezu aca arabigisha.

Abo Basamariya baciye basaba Yezu ngo agume mu gisagara iwabo. Yamaze imisi ibiri ariko arabigisha, kandi abantu benshi baramwizeye. Babwiye wa Musamariyakazi bati: ‘Turiyumviye ko uwu muntu vy’ukuri ari we mukiza w’isi.’

«‘Ingo!’ Kandi uwo wese anyotewe naze. Uwushaka wese natore amazi y’ubuzima ku buntu.»​—Ivyahishuwe 22:17

Ibibazo: Kubera iki wa Musamariyakazi yatangaye Yezu amuvugishije? Yezu yamubwiye iki?

Yohani 4:1-42

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika