URURIRIMBO RWA 19
Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba
Integuro icapuwe
1. Yehova Dawe wo mw’ijuru,
Iri joro ni ryeranda!
Urya musi ni ho werekana yuko
Ur’intwari mu rugamba.
Waciy’ukoresh’umwagazi
Abawe bararekurwa.
Kristu na w’ashitse yarabishikije,
Ku bwacu aremera kwicwa.
2. Umukate be n’umuvinyu
Biradufasha kwibuka
Ko wahevye Yezu
ku gukund’abantu,
na w’ac’aragamburuka.
Twama tugir’iki Cibutso
Tugaca tuzirikana
Yuko wadukuye
mu rupfu bivuye
Ku rupfu rero rw’uwo Mwana.
3. Dukoraniy’imbere yawe
Kubera wadutumiye.
Waratwigoreye,
twaravyiboneye;
Mana, waratwikundiye.
Icibutso kirerekana
Yukw’ata wutogushima.
Tuzoca mu nzira Krist’aturangira,
Tubone kuronk’ubuzima.
(Raba kandi Luka 22:14-20; 1 Kor. 11:23-26.)