ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • sjj ururirimbo 55
  • Oya ntimubatinye!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Oya ntimubatinye!
  • Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Ivyo bijanye
  • Ntimubatinye!
    Turirimbire Yehova
  • Ntimubatinye!
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • ‘Uko isi imeze kuriko kurahinduka’
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ubuzima butagira iherezo—ngubwo!
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Turirimbire Yehova tunezerewe
sjj ururirimbo 55

URURIRIMBO RWA 55

Oya ntimubatinye!

Integuro icapuwe

(Matayo 10:28)

  1. 1. Nimugende bantu banje

    Kuvug’ivya bwa Bwami.

    Ntimugatiny’abansi

    Canke kwigish’abandi.

    Tangaze ko Kristu wanje

    Yatay’umwansi hanze,

    Yuko vub’azomuboha

    Arek’abantu banje.

    (ICITABIRIZO)

    Bantu banje, ntimutinye

    Ababater’ubwoba.

    Uwanje nzomukingira;

    Oyaye nta c’azoba.

  2. 2. Nah’abansi bagwiriye

    Kandi bakabakanga,

    Batwenga basamanga,

    Nimugume kw’ibanga.

    Ntimubatinye na gato,

    Naho boz’ar’isinzi

    Nzokingir’intahemuka

    Zitahukan’intsinzi.

    (ICITABIRIZO)

    Bantu banje, ntimutinye

    Ababater’ubwoba.

    Uwanje nzomukingira;

    Oyaye nta c’azoba.

  3. 3. Ntimutinye sinzobata,

    Jewe nzobakomeza.

    Urupfu ruje na ho,

    Ntaco, nzorukuraho.

    Ko batokwic’ubuzima

    Abo n’ukubihoza.

    Gume mur’abizigirwa

    Je nzobibashoboza.

    (ICITABIRIZO)

    Bantu banje, ntimutinye

    Ababater’ubwoba.

    Uwanje nzomukingira;

    Oyaye nta c’azoba.

(Raba kandi Gus. 32:10; Neh. 4:14; Zab. 59:1; 83:2, 3.)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika