URURIRIMBO RWA 58
Turondere abakunzi b’amahoro
Integuro icapuwe
1. Yezu yavuze Ngo ‘Twamamaze.’
Yarigisha nah’izuba
N’ivumbi vyaba bikaze.
Yarakund’intama bikomeye.
Yahera mu
mutwenzi, mpaka ricokeye.
Ku nzu n’inzu no ku nzira
Nta we tureka kubwira
Yukw’amarushw’agiye kurangira.
(ICITABIRIZO)
Abakunzi
B’amahoro tubarondere.
Uwushaka
Kurokoka tumwigorere.
Turondere
Twiv’inyuma.
2. Imis’iraheze ntitwihende!
Tubwir’abant’isinzi ngo
Dukize n’umwe rudende.
Kandi tuguma dusubirayo.
Ni ’gikorwa kiremesha
abihebuye.
Nta ho tutaronderera,
Uwumv’akatunezera,
Umwete na w’ugaca wiyongera.
(ICITABIRIZO)
Abakunzi
B’amahoro tubarondere.
Uwushaka
Kurokoka tumwigorere.
Turondere
Twiv’inyuma.
(Raba kandi Yes. 52:7; Mat. 28:19, 20; Luka 8:1; Rom. 10:10.)