URURIRIMBO RWA 69
Ramirize mwamamaze bwa Bwami!
Integuro icapuwe
1. Ramirize muvug’Ubwami
Kwa kuri mubabwire.
Kubera ko mukund’abantu
Gende mubayagire.
Burya gukorera Yehova,
Nta teka ryongana na ryo.
Gende mubabwire rya zina,
Ntimucikwe n’ako karyo.
(ICITABIRIZO)
Ramirize bwa Bwami
bw’Imana mubwamamaze
Ramirize, gume kuri Yehova,
mumwambaze!
2. Abasizwe n’izindi ntama
Tugiz’ubusho bumwe.
Abakuze be n’urwaruka
Dukor’ico twatumwe.
Ni ’teka gukorer’Imana
Bose tukababurira.
Yehova ni w’aduh’inguvu
Ntidukwiye kwiganyira.
(ICITABIRIZO)
Ramirize bwa Bwami
bw’Imana mubwamamaze
Ramirize, gume kuri Yehova,
mumwambaze!
(Raba kandi Zab. 23:4; Ivyak. 4:29, 31; 1 Pet. 2:21.)