ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 8 rup. 11
  • Uburorero bwigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburorero bwigisha
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • «Nta kintu yababwira adakoresheje ikigereranyo»
    “Ingo unkurikire”
  • ‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nukoreshe Ubwenge n’Ukujijura mu Kwigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 8 rup. 11

ICIGWA CA 8

Uburorero bwigisha

Icanditswe

Matayo 13:34, 35

INCAMAKE: Nukoreshe uburorero busanzwe, bukora ku mutima kandi bushimika ku vyiyumviro nyamukuru.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuhitemwo uburorero busanzwe. Nka kumwe kwa Yezu, nukoreshe uburorero busanzwe kugira usigure ibintu bihambaye. Ntushiremwo ibintu bidakenewe bituma akarorero kagora gutahura. Nurabe ko akarorero ukoresha gahuye neza n’icigwa ushaka gutanga kugira abakwumviriza ntibazazanirwe.

    Inama ngirakamaro

    Nube umuntu yihweza. Niwihweze ibigukikuje, usome ibitabu vyacu, wumvirize n’abigisha babishoboye. Ubonye canke wumvise akarorero wokoresha, nuce ukandika ahantu.

  • Nuzirikane abakwumviriza. Nuhitemwo uburorero bufatiye ku bikorwa bakora no ku bintu bakunda. Uriyubara ntukoreshe uburorero bubatera ubuyega canke bubababaza.

  • Nushimike ku vyiyumviro nyamukuru. Nutange uburorero bushimika ku vyiyumviro nyamukuru, atari ku vyiyumviro bitobito. Niwitwararike ko abakwumviriza batazoguma bibuka ako karorero gusa, ariko bazokwibuke n’icigwa carimwo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika